Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 12:1-15

12  Maze abagabo ba Efurayimu barakoranywa, bajabuka berekeza mu buraruko, hanyuma babwira Yefuta bati: “Kubera iki wajabutse kurwanya bene Amoni ntudutere akamo ngo tujane nawe+? Inzu yawe turayiguturirirako n’umuriro+.”  Mugabo Yefuta ababwira ati: “Twe n’abantu banje twari dufitaniye amatati adasanzwe na bene Amoni+. Mwebwe narabatabaje rero, mugabo ntimwankiza mu kuboko kwabo.  Mbonye ko utankijije, nca niyemeza gushira ubuzima bwanje mu kaga*+, nja kurwanya bene Amoni+. Nuko Yehova abatanga mu kuboko kwanje. Kubera iki none uyu musi muduze kundwanya?”  Ubwo nyene Yefuta akoraniriza hamwe abagabo bose ba Gileyadi+ maze arwanya Efurayimu; abagabo ba Gileyadi batangura kwica Efurayimu, kuko bano bari bavuze bati: “Ewe Gileyadi, muri abantu bahunze bava muri Efurayimu, hagati muri Efurayimu, hagati muri Manase.”  Gileyadi afata ivyambu vya Yorodani+ imbere ya Efurayimu; maze abagabo ba Efurayimu bariko barahunga iyo bavuze ngo: “Nimundeke njabuke,” abagabo ba Gileyadi baca babwira umwe wese bati: “Uri Umwefurayimu?” Avuze ati: “Oya!”,  baca bamubwira bati: “Turakwinginze uvuge ngo Shiboleti+.” Na we yaca avuga ngo “Siboleti,” kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira ku vyambu vya Yorodani. Nuko ico gihe hagwa abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri bo muri Efurayimu+.  Yefuta acira imanza Isirayeli imyaka itandatu, hanyuma Yefuta Umugileyadi arapfa, maze ahambwa mu gisagara ciwe i Gileyadi.  Inyuma yiwe, Ibuzani w’i Betelehemu+ atangura gucira imanza Isirayeli+.  Agira abahungu mirongo itatu n’abakobwa mirongo itatu. Atuma hanze*, bazanira abahungu biwe abakobwa mirongo itatu bavuye hanze. Acira imanza Isirayeli imyaka indwi. 10  Maze Ibuzani arapfa, hanyuma ahambwa i Betelehemu. 11  Inyuma yiwe, Eloni Umuzebuloni+ atangura gucira imanza Isirayeli. Acira imanza Isirayeli imyaka cumi. 12  Maze Eloni Umuzebuloni arapfa hanyuma ahambwa i Ayaloni mu gihugu ca Zebuloni. 13  Inyuma yiwe, Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni+ atangura gucira imanza Isirayeli. 14  Agira abahungu mirongo ine n’abuzukuru mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo irindwi. Acira imanza Isirayeli imyaka umunani. 15  Maze Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni arapfa hanyuma ahambwa i Piratoni mu gihugu ca Efurayimu, ku musozi w’Umumaleki+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “mu kiganza canje.”
“Hanze” ni ukuvuga mu yindi miryango.