Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 10:1-18

10  Nuko inyuma ya Abimeleki hahaguruka Tola mwene Puwa, Puwa wa Dodo, umugabo wo muri Isakari, kugira ngo akize+ Isirayeli; yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu+.  Acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’itatu, hanyuma arapfa maze ahambwa i Shamiri.  Inyuma yiwe hahaguruka Yayiri Umugileyadi+, acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri.  Agira abahungu mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo itatu, bakaba bari bafise ibisagara mirongo itatu. Bino bibandanya kwitwa Havoti-yayiri+ gushika n’uyu musi; biri mu gihugu ca Gileyadi.  Inyuma y’aho, Yayiri arapfa maze ahambwa i Kamoni.  Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, batangura gukorera za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ n’imana za Siriya+ n’imana za Sidoni+ n’imana za Mowabu+ n’imana za bene Amoni+ n’imana z’Abafilisitiya+. Gutyo baheba Yehova, ntibamukorera+.  Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kw’Abafilisitiya+ no mu kuboko kwa bene Amoni+.  Ku bw’ivyo barasavya bongera barahahaza bikomeye bene Isirayeli muri uwo mwaka; bamara imyaka cumi n’umunani bagirira kuno bene Isirayeli bose bari ku ruhande rwa Yorodani ruherereye mu gihugu c’Abamori cari i Gileyadi.  Bene Amoni barajabuka Yorodani kugira barwanye mbere na Yuda na Benyamini n’inzu ya Efurayimu; Isirayeli igira amarushwa akomeye+. 10  Bene Isirayeli batangura rero gutabaza Yehova+, bati: “Twaragucumuyeko+, kuko twahevye Imana yacu tukaba dukorera za Bayali+.” 11  Maze Yehova abwira bene Isirayeli ati: “Mbega sinabakijije Misiri+ n’Abamori+ na bene Amoni+ n’Abafilisitiya+ 12  n’Abanyasidoni+ na Amaleki+ na Midiyani+, igihe babahahaza+ maze namwe mukandirira, sinabakijije nkabakura mu kuboko kwabo? 13  Mugabo mwebwe mwarampevye+, mutangura gukorera izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+. 14  Genda mutabaze imana+ mwatoye+. Nizibe ari zo zibakiza mu gihe c’amarushwa yanyu.” 15  Mugabo bene Isirayeli babwira Yehova bati: “Twaracumuye+. Nutugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+. Gusa, turakwinginze uturokore uyu musi+.” 16  Nuko batangura gukura imana z’inyamahanga hagati yabo+ no gukorera Yehova+, ku buryo ubwiwe+ vyanka ko yihangana kubera ivyago vya Isirayeli+. 17  Mu nyuma bene Amoni+ barakorana, maze bashinga ikambi i Gileyadi+. Nuko bene Isirayeli bakoranira hamwe baraheza bashinga ikambi i Mizipa+. 18  Hanyuma abantu be n’abaganwa ba Gileyadi batangura kubwirana bati: “Ni nde mugabo azoja imbere mu kurwanya bene Amoni+? Nabe umukuru w’ababa i Gileyadi+ bose.”

Amakuru yiyongereye