Guharūra 9:1-23

9  Nuko Yehova abwira Musa mu gahinga ka Sinayi mu mwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Misiri, mu kwezi kwa mbere+, ati:  “Bene Isirayeli baze bategure ikimazi ca pasika*+ ku gihe cashinzwe caco+.  Muze mugitegure ku gihe cashinzwe caco, ku musi ugira cumi na kane muri uku kwezi hagati ya ya migoroba ibiri+. Muze mugitegure mwisunze ivyagezwe vyaco vyose n’ukuntu ivyaco vyose bisanzwe bigirwa+.”  Musa abwira rero bene Isirayeli gutegura ikimazi ca pasika.  Nuko bategura ikimazi ca pasika mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, hagati ya ya migoroba ibiri, mu gahinga ka Sinayi. Nk’uko ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose vyari, ni ko bene Isirayeli bakoze+.  Buno hari abagabo bari bacitse abahumanye bivuye ku muntu yapfuye+, ku buryo batashobora gutegura ikimazi ca pasika kuri uwo musi. Ku bw’ivyo baza imbere ya Musa na Aroni kuri uwo musi+.  Maze abo bagabo bamubwira bati: “Turahumanye bivuye ku muntu yapfuye. Kubera iki twobuzwa gushikiriza ishikanwa+ Yehova ku gihe cashinzwe caryo hagati muri bene Isirayeli?”  Nuko Musa ababwira ati: “Nimuhagarare ng’aho, numve ico Yehova ategeka ku biberekeye+.”  Maze Yehova abwira Musa ati: 10  “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Naho umuntu uwo ari we wese wo muri mwebwe canke wo mu mayaruka yanyu yoba ahumanye bivuye ku muntu apfuye+ canke akaba ari ku rugendo rwa kure, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika. 11  Baze bagitegure mu kwezi kugira kabiri+, ku musi ugira cumi na kane hagati ya ya migoroba ibiri. Baze bakirye kiri kumwe n’udutsima tutarimwo umwambiro be n’imboga zirura+. 12  Ntibaze bagire ico basigaza kuri co gushika mu gitondo+, kandi ntibaze bavune igufa na rimwe muri co+. Baze bagitegure bisunze icagezwe cose ca pasika+. 13  Ariko mu gihe nya muntu yoba yari uwudahumanye canke akaba atari ku rugendo maze agafata minenegwe ivyo gutegura ikimazi ca pasika, uwo muntu aze arandurwe mu bantu b’iwabo+, kuko atashikirije ishikanwa rya Yehova ku gihe cashinzwe caryo. Uwo muntu azokwishura igicumuro ciwe+. 14  “‘Kandi mu gihe kavamahanga yoba abana namwe ari kavamahanga, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika+. Azobigira yisunze icagezwe ca pasika be n’ukuntu ivyaco bisanzwe bigirwa+. Hakwiye kubaho icagezwe kimwe kuri mwebwe, haba kuri kavamahanga canke ku mvukira y’igihugu+.’” 15  Nuko ku musi wo gushinga itaberenakulo+, igicu gipfuka itaberenakulo y’ihema ry’Igishingantahe+, mugabo ku mugoroba icasa n’umuriro+ kiguma hejuru y’itaberenakulo gushika mu gitondo. 16  Ukwo ni ko vyama bigenda: Igicu carayipfuka ku murango, igisa n’umuriro na co mw’ijoro+. 17  Igihe cose nya gicu caba kiduze kivuye hejuru y’ihema, bene Isirayeli ubwo nyene baca bagenda+, kandi ahantu nya gicu caba kigerereye, ni ho bene Isirayeli bakambika+. 18  Kw’itegeko rya Yehova bene Isirayeli baragenda, kandi kw’itegeko rya Yehova barakambika+. Imisi yose nya gicu caba kigerereye hejuru y’itaberenakulo, baguma bakambitse. 19  Kandi nya gicu kibandanije kuguma hejuru y’itaberenakulo imisi myinshi, bene Isirayeli barubahiriza rero ibwirizwa rya Yehova ry’uko badakwiye kugenda+. 20  Rimwe na rimwe nya gicu caraguma imisi mikeya hejuru y’itaberenakulo. Kw’itegeko+ rya Yehova baguma bakambitse, kandi kw’itegeko rya Yehova baragenda. 21  Kandi rimwe na rimwe nya gicu+ caragumaho kuva ku mugoroba gushika mu gitondo; nya gicu cariduza mu gitondo, maze bakagenda. Ico gicu, caba cidugije ku murango canke mw’ijoro, baca bagenda+. 22  Kibandanije kuguma hejuru y’itaberenakulo imisi ibiri canke ukwezi canke imisi irenze iyo mu kugerera hejuru yayo, bene Isirayeli baguma bakambitse ntibagende, mugabo cidugije baragenda+. 23  Kw’itegeko rya Yehova barakambika, kandi kw’itegeko rya Yehova baragenda. Barubahiriza ibwirizwa+ rya Yehova, nk’uko Yehova yategetse biciye kuri Musa+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.