Guharūra 8:1-26

8  Nuko Yehova abwira Musa ati:  “Vugana na Aroni, umubwire uti: ‘Igihe cose wakije amatara, ya matara indwi aze aboneshe mu kibanza c’imbere y’igitereko c’amatara+.’”  Nuko Aroni atangura gukora gutyo. Yatsa amatara ya nya gitereko ngo aboneshereze ikibanza kiri imbere y’ico gitereko+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.  Uku rero ni ko nya gitereko c’amatara cari gihinguwe. Cari ikintu co mu nzahabu gicurishijwe inyundo. Gushika ku mpande zaco no gushika ku mashurwe yaco, cari ikintu gicurishijwe inyundo+. Nk’uko Yehova yari yavyeretse+ Musa, ni ko yari yakoze nya gitereko c’amatara.  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Tora Abalewi muri bene Isirayeli, kandi uze ubahumanure+.  Ibi ni vyo uzobagirira kugira ubahumanure: Uze ubacucagire amazi ahumanura igicumuro+, kandi baze bacishe urumosho ku mubiri wabo wose+, bamese impuzu zabo+ bongere bihumanure+.  Maze baze bafate ikimasa+ n’ishikanwa ry’intete+ ryaco ry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, kandi uzotora ikindi kimasa ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+.  Uzoce uzana Abalewi imbere y’ihema ry’ihuriro hanyuma ukoranye ikoraniro ryose rya bene Isirayeli+. 10  Uze uzane Abalewi imbere ya Yehova, hanyuma bene Isirayeli barambike+ ibiganza vyabo ku Balewi+. 11  Maze Aroni aze azungazungishe Abalewi irya n’ino imbere ya Yehova bwa shikanwa rizungagizwa+ rivuye kuri bene Isirayeli, kandi baze babe abo kurangura igikorwa ca Yehova+. 12  “Maze Abalewi bazorambika ibiganza vyabo ku mitwe ya nya mashūri+. Inyuma y’ivyo, uze uhereze Yehova imwe bwa shikanwa ry’igicumuro, iyindi na yo bwa shikanwa riturirwa, kugira ngo utangire impongano+ Abalewi. 13  Uze uhagarike Abalewi imbere ya Aroni n’abahungu biwe, hanyuma abazungazungishe irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa rihabwa Yehova. 14  Kandi uze ushire Abalewi ukwabo ubakuye muri bene Isirayeli, kandi Abalewi baze bacike abanje+. 15  Mu nyuma Abalewi bazokwinjira gukorera kw’ihema ry’ihuriro+. Uze ubahumanure rero wongere ubazungazungishe irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa+. 16  Kuko ari abatanzwe, bahawe jewe bakuwe muri bene Isirayeli+. Nzobitorera mu kibanza c’abugurura ibitereko vyose, imfura zose za bene Isirayeli+. 17  Kuko imfura yose muri bene Isirayeli ari iyanje, mu bantu no mu bikoko+. Kuri wa musi nakubita imfura yose mu gihugu ca Misiri+, narazejeje ku bwanje+. 18  Kandi nzotora Abalewi mu kibanza c’imfura zose muri bene Isirayeli+. 19  Aroni n’abahungu biwe nzobaha Abalewi nk’abatanzwe bakuwe muri bene Isirayeli+, kugira bakore igikorwa ca bene Isirayeli mw’ihema ry’ihuriro+ no kugira batangire impongano bene Isirayeli, ngo ntihagire icago kiba muri bene Isirayeli+ bitumwe n’uko begereye ahantu heranda.” 20  Nuko Musa na Aroni n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli bagirira gutyo Abalewi. Nk’uko ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose ku vyerekeye Abalewi vyari, ni ko bene Isirayeli babagiriye. 21  Nuko Abalewi barityorora+ bongera bamesa impuzu zabo, hanyuma Aroni arabazungazungisha irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova+. Maze Aroni abatangira impongano kugira abahumanure+. 22  Inyuma y’ivyo, Abalewi barinjira gukora igikorwa cabo mw’ihema ry’ihuriro imbere ya Aroni n’abahungu biwe+. Nk’uko Yehova yari yategetse Musa ku bijanye n’Abalewi, ni ko babagiriye. 23  Nuko Yehova abwira Musa ati: 24  “Ibi ni vyo vyerekeye Abalewi: Uwumaze imyaka mirongo ibiri n’itanu kuduga, azoza yinjire mu mugwi, mu gikorwa c’ihema ry’ihuriro. 25  Mugabo ashikanye imyaka mirongo itanu azova mu mugwi w’abakora igikorwa, ntabe agikora. 26  Aze afashe bene wabo mw’ihema ry’ihuriro mu kwitwararika ivyo bajejwe, mugabo ntihaze hagire igikorwa akora. Ukwo ni ko uzogirira Abalewi mu vyo bajejwe+.”

Amakuru yiyongereye