Guharūra 7:1-89

7  Nuko ku musi Musa yarangiza gushinga itaberenakulo+, atangura kuyirobanuza amavuta+ no kuyeza hamwe n’ibikoresho vyayo vyose n’igicaniro n’ibikoresho vyaco vyose. Gutyo abirobanuza amavuta yongera aravyeza+.  Maze abakuru ba Isirayeli+, abakuru b’inzu ya ba se, bashikiriza ishikanwa+, bano bakaba bari abakuru b’imiryango bakaba kandi bahagararira abanditswe,  bazana ishikanwa ryabo imbere ya Yehova, imikogote itandatu ipfutse be n’inka cumi na zibiri, umukogote ku bakuru babiri n’ishūri kuri umwe wese; maze babishikiriza imbere y’itaberenakulo.  Yehova abwira Musa ati:  “Bibakirire, kuko bizokoreshwa mu kurangura igikorwa c’ihema ry’ihuriro, kandi ubihe Abalewi, umwe wese bivanye n’igikorwa ciwe.”  Nuko Musa yakira nya mikogote na nya nka maze abiha Abalewi.  Imikogote ibiri n’inka zine abiha bene Gerishoni bivanye n’igikorwa cabo+,  imikogote ine n’inka umunani na vyo abiha bene Merari bivanye n’igikorwa cabo+; vyari bihagarikiwe na Itamari mwene Aroni umuherezi+.  Mugabo bene Kohati ntiyagira ico abaha, kuko bari bajejwe igikorwa c’ahantu heranda+. Batwarira ibintu ku rutugu+. 10  Nuko abakuru bashikiriza ishikanwa ryabo mu gihe c’ugushikiriza+ igicaniro ku musi wo kukirobanuza amavuta, maze abo bakuru batangura gushikiriza ishikanwa ryabo imbere y’igicaniro. 11  Yehova abwira rero Musa ati: “Uku ni ko bazoshikiriza ishikanwa ryabo ku bw’ugushikiriza igicaniro: umukuru umwe ku musi umwe, uwundi mukuru ku wundi musi+.” 12  Nuko uwashikirije ishikanwa ryiwe ku musi wa mbere aba Nahashoni+ mwene Aminadabu wo mu muryango wa Yuda. 13  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 14  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu+; 15  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 16  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 17  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikana inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Nahashoni mwene Aminadabu+. 18  Ku musi ugira kabiri Netaneli+ mwene Zuwari, umukuru w’umuryango wa Isakari, ashikiriza ishikanwa. 19  Ishikanwa ryiwe yashikirije ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 20  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 21  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 22  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 23  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikana inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Netaneli mwene Zuwari. 24  Ku musi ugira gatatu hari haramukiwe umukuru wa bene Zebuloni, Eliyabu+ mwene Heloni. 25  Ishikanwa ryiwe ryari isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete; 26  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 27  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 28  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 29  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Eliyabu mwene Heloni+. 30  Ku musi ugira kane hari haramukiwe umukuru wa bene Rubeni, Elizuri+ mwene Shedewuri. 31  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 32  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 33  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 34  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 35  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Elizuri mwene Shedewuri+. 36  Ku musi ugira gatanu hari haramukiwe umukuru wa bene Simeyoni, Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi. 37  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 38  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 39  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 40  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 41  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Shelumiyeli mwene Zurishadayi+. 42  Ku musi ugira gatandatu hari haramukiwe umukuru wa bene Gadi, Eliyasafu+ mwene Deyuweli. 43  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 44  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu+; 45  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 46  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 47  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Eliyasafu mwene Deyuweli+. 48  Ku musi ugira indwi hari haramukiwe umukuru wa bene Efurayimu, Elishama+ mwene Amihudi. 49  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 50  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 51  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 52  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 53  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Elishama mwene Amihudi+. 54  Ku musi ugira umunani hari haramukiwe umukuru wa bene Manase, Gamaliyeli+ mwene Pedahazuri. 55  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 56  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu+; 57  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 58  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 59  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Gamaliyeli mwene Pedahazuri+. 60  Ku musi ugira icenda hari haramukiwe umukuru+ wa bene Benyamini, Abidani+ mwene Gideyoni. 61  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 62  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 63  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 64  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 65  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Abidani mwene Gideyoni+. 66  Ku musi ugira cumi hari haramukiwe umukuru wa bene Dani, Ahiyezeri+ mwene Amishadayi. 67  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 68  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu; 69  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 70  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 71  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Ahiyezeri mwene Amishadayi+. 72  Ku musi ugira cumi na rimwe hari haramukiwe umukuru wa bene Asheri, Pagiyeli+ mwene Okarani. 73  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 74  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu+; 75  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 76  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 77  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Pagiyeli mwene Okarani+. 78  Ku musi ugira cumi na kabiri hari haramukiwe umukuru wa bene Nafutali, Ahira+ mwene Enani. 79  Ishikanwa ryiwe ryari iri: isahani y’ifeza imwe, uburemere bwayo bukaba bwari shekeli ijana na mirongo itatu, ibakure y’ifeza imwe ya shekeli mirongo irindwi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, vyompi vyuzuye ifu inoze ibombekeshejwe amavuta ku bw’ishikanwa ry’intete+; 80  igikombe c’inzahabu kimwe ca shekeli cumi cuzuye imibavu+; 81  ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, umwagazi w’intama w’isuguru umwe uri mu mwaka wawo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+; 82  umwagazi w’impene umwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 83  ku bw’ikimazi c’ugusangira+ na ho, ashikiriza inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu, imyagazi y’intama y’amasuguru itanu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa rya Ahira mwene Enani+. 84  Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa ku bw’ugushikiriza+ igicaniro ku musi wo kukirobanuza amavuta, rivuye ku bakuru+ ba Isirayeli: amasahani y’ifeza cumi n’abiri, amabakure y’ifeza+ cumi n’abiri, ibikombe vy’inzahabu cumi na bibiri; 85  shekeli ijana na mirongo itatu kw’isahani y’ifeza imwe yose, na mirongo irindwi kw’ibakure imwe yose, ifeza zose z’ivyo vyombo zikaba zari shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+; 86  nya bikombe vy’inzahabu+ cumi na bibiri vyuzuye imibavu, kimwekimwe cose cari shekeli cumi hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, inzahabu zose z’ivyo bikombe zikaba zari shekeli ijana na mirongo ibiri; 87  ibitungwa vyose ku bw’ishikanwa riturirwa+ vyari amashūri cumi n’abiri, impfizi z’intama cumi na zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ibiri, umwe wose umaze umwaka n’amashikanwa y’intete+ yavyo, n’imyagazi y’impene cumi n’ibiri ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+; 88  ibitungwa vyose vy’ikimazi c’ugusangira+ na vyo vyabaye amashūri mirongo ibiri n’ane, impfizi z’intama mirongo itandatu, amasuguru y’impene mirongo itandatu, imyagazi y’intama y’amasuguru mirongo itandatu, umwe wose umaze umwaka. Iryo ni ryo ryabaye ishikanwa ku bw’ugushikiriza+ igicaniro inyuma y’aho kirobanurijwe amavuta+. 89  Igihe cose Musa yinjiye mw’ihema ry’ihuriro kuvugana n’Imana+, yarumva ijwi riyaga na we rivuye hejuru y’umurumyo+ wari kw’isandugu y’igishingantahe, rivuye hagati ya ba bakerubi* babiri+; kandi Imana yaravugana na we.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.