Guharūra 5:1-31
5 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Tegeka bene Isirayeli barungike inyuma y’ikambi umuntu wese arwaye imibembe+, n’umuntu wese afise urunyigimbe rwisuka+, n’uwo wese ahumanijwe n’uwapfuye+.
3 Yaba umugabo canke umugore, muze mubarungike. Muze mubarungike inyuma y’ikambi+, kugira ngo ntibandukize+ amakambi y’abo ncumbitsemwo+.”
4 Nuko bene Isirayeli bakora gutyo, egome, babarungika inyuma y’ikambi. Nk’uko Yehova yari yabwiye Musa, ni ko bene Isirayeli bakoze.
5 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
6 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Ku vyerekeye umugabo canke umugore, mu gihe akoze ico ari co cose mu bicumuro vyose abantu bakora, mu guhemukira Yehova, uwo muntu* azoba yagiriwe n’icaha+.
7 Aze yemere icese+ igicumuro ciwe yakoze, kandi aze arihe inshumbusho y’ukwagirwa n’icaha kwiwe yose uko ingana, yongereko n’ica gatanu cayo+, maze ayihe uwo yagiriye nabi.
8 Mugabo nimba uno atagira incuti ya hafi yorihwa iyo nshumbusho y’ukwagirwa n’icaha, nya nshumbusho y’ukwagirwa n’icaha irishwe Yehova izoca yegukira umuherezi, kiretse impfizi y’intama y’impongano azomutangirako impongano*+.
9 “‘Intererano+ yose yo ku bintu vyeranda+ vyose vya bene Isirayeli, ivyo bazoshikiriza umuherezi, ikwiye kuba iyiwe+.
10 Ibintu vyeranda vy’umwe wese bizoguma ari rwiwe. Ico umuntu ahaye umuherezi, ico ni co kizoba rwiwe.’”
11 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
12 “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Umugore w’umugabo uwo ari we wese aramutse akebeje akamuhemukira+,
13 uwundi mugabo akaryamana na we koko maze intanga zikamuvamwo+, bikaba vyanyegejwe amaso y’umugabo wiwe+, bikaba kandi bitagiye ku mugaragaro, uwo mugore na we akaba yarihumanije mugabo akaba ata cabona kihari comwagiriza, kandi ubwiwe akaba atafashwe;
14 kandi impwemu y’ishari+ ikaba yaciye kuri nya mugabo, uno akaba yatanguye kugira umwikeko ku bijanye n’ubwizigirwa bw’umugore wiwe, kandi uwo mugore akaba koko yarihumanije, canke impwemu y’ishari ikaba yaciye ku mugabo wiwe, maze akaba yatanguye kugira umwikeko ku bijanye n’ubwizigirwa bw’umugore wiwe, mugabo uno mu vy’ukuri akaba atihumanije;
15 uwo mugabo azoce azana umugore wiwe ku muherezi+, amuzanane n’ishikanwa rya nya mugore, ic’icumi c’ingero ya efa* c’ifu ya sayiri*. Ntaze ayisukeko amavuta canke ngo ayishireko imibavu yitwa olibani+, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ry’icibutso ryibutsa ikosa.
16 “‘Maze umuherezi aze amwegeze imbere, amuhagarike imbere ya Yehova+.
17 Nya muherezi aze afate amazi meranda mu combo c’ikibumbano, maze uwo muherezi afate mukeyi ku mukungugu uri hasi mw’itaberenakulo, awushire muri ayo mazi.
18 Uwo muherezi aze ahagarike nya mugore imbere ya Yehova, atekurure umushatsi wo ku mutwe wa nya mugore yongere ashire ku biganza vy’uno ishikanwa ry’intete ry’icibutso, ni ukuvuga ishikanwa ry’intete ry’ishari+, kandi mu kuboko kw’umuherezi hazobe hari ya mazi azana umuvumo+.
19 “‘Maze nya muherezi aze amurahize, abwire nya mugore ati: “Nimba ata mugabo yaryamanye nawe kandi nimba utakebereje mu buhumane na bumwe mu gihe ukigabwa n’umugabo wawe+, ntushikweko n’ingaruka y’aya mazi arura azana umuvumo.
20 Mugabo hamwe wewe woba warakebeje ukigabwa n’umugabo wawe+ kandi ukaba warihumanije, hakaba kandi hari umugabo yashize muri wewe intanga zimuvuyemwo+, uretse umugabo wawe, . . .”
21 Nya muherezi aze arahize rero uwo mugore indahiro irimwo ukwivuma+, maze uwo muherezi abwire nya mugore ati: “Yehova akugire umuvumo n’indahiro mu bantu bawe, Yehova ubwiwe areke itako+ ryawe rinyunyuke n’inda yawe ivyimbe.
22 Kandi aya mazi azana umuvumo yinjire mu mara yawe kugira atume inda yawe ivyimba n’itako rinyunyuka.” Uwo mugore azoce avuga ati: “Amen! Amen!”
23 “‘Maze nya muherezi aze yandike iyo mivumo mu gitabu+ aheze ayihanagurire+ muri nya mazi arura.
24 Aze anyweshe uwo mugore nya mazi arura azana umuvumo+, hanyuma ayo mazi azana umuvumo yinjire muri we bwa kintu kirura.
25 Uwo muherezi aze afate rya shikanwa ry’intete+ ry’ishari arikuye mu kuboko kwa nya mugore maze azungagize iryo shikanwa ry’intete irya n’ino imbere ya Yehova, hanyuma arizane hafi y’igicaniro.
26 Maze uwo muherezi aze akamate igihimba ca nya shikanwa ry’intete bwa cibutsa+ caryo, agifumbishe umwotsi ku gicaniro; inyuma y’ivyo azonywesha nya mugore ayo mazi.
27 Amaze kumunywesha ayo mazi, ng’ibi ibizoba: nimba yarihumanije mu guhemukira umugabo wiwe+, nya mazi azana umuvumo azokwinjira rero muri we bwa kintu kirura, maze inda yiwe izovyimba, kandi itako ryiwe rizonyunyuka, kandi uwo mugore azocika umuvumo mu bantu b’iwabo+.
28 Ariko nimba uwo mugore atihumanije akaba rero ari uwudahumanye, azoce akira ico gihano+; maze aze abone gusama inda.
29 “‘Iryo ni ryo tegeko ku vyerekeye ishari+, mu gihe umugore yokevya+ akigabwa n’umugabo wiwe+, akihumanya koko,
30 canke ku bijanye n’umugabo mu gihe impwemu y’ishari yoca kuri we, maze akikeka koko ubuhemu ku mugore wiwe; aze ahagarike nya mugore imbere ya Yehova, hanyuma umuherezi ashitse kuri we iri tegeko ryose.
31 Nya mugabo azoba abaye uwutagirwa n’ikosa, mugabo uwo mugore azokwishura ikosa ryiwe.’”
Amakuru yiyongereye
^ Mu giheburayo ni “nefeshi” (neʹphesh). Raba Inyongera ya 6.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.
^ Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.