Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Guharūra 34:1-29

34  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Tegeka bene Isirayeli uti: ‘Mugiye mu gihugu ca Kanani+. Ico ni co gihugu kizobegukira bwa ntoranwa+, igihugu ca Kanani nk’uko imbibe zaco ziri+.  “‘Uruhande rwanyu rwo mu bumanuko ruze ruhere ku gahinga ka Zini rugende rubangikanye na Edomu+, urubibe rwanyu rwo mu bumanuko na rwo ruze ruhere ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+ mu buseruko.  Hanyuma urubibe rwanyu ruze rukevye ruvuye mu bumanuko bw’umudugo wa Akurabimu+ maze rujabuke ruja i Zini, kandi ruze rugarukire mu bumanuko bwa Kadeshi-baruneya+; ruzoheza rusohoke rwerekeza i Hazari-adari+ maze ruce i Azimoni.  Hanyuma urwo rubibe ruze rukevye i Azimoni ruja ku mwonga wa Misiri+, rugarukire kuri ca Kiyaga+.  “‘Urubibe rwo mu burengero+ na rwo ruze rubabere Ikiyaga Kinini be n’inkengera. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu burengero.  “‘Kandi uru ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko: Guhera ku Kiyaga Kinini muzoca umurongo gushika ku musozi Horo+, rube rwo rubibe rwanyu.  Kuva ku musozi Horo muzoca urubibe mwerekeza ku bwinjiriro bwa Hamati+; nya rubibe ruze rugarukire i Zedadi+.  Hanyuma urwo rubibe ruze rusohoke rwerekeza i Zifuroni, rugarukire i Hazari-enani+. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko. 10  “‘Maze muze mwicire umurongo, rube rwo rubibe rwanyu rwo mu buseruko, guhera i Hazari-enani gushika i Shefamu. 11  Hanyuma urwo rubibe ruze rumanuke ruvuye i Shefamu rushike i Ribula mu buseruko bwa Ayini; nya mupaka uze umanuke, urume ku mumanuko w’ikiyaga ca Kinereti+ uherereye mu buseruko. 12  Hanyuma nya mupaka uze umanuke kuri Yorodani, ugarukire ku kiyaga c’Umunyu+. Ico ni co kizoba igihugu canyu+ nk’uko imbibe zaco zigikikuje ziri.’” 13  Musa ategeka rero bene Isirayeli ati: “Ico ni co gihugu muzokwigabanganiriza biciye ku bupfindo+ ngo mucigabire, nk’uko Yehova yategetse ko gihabwa imiryango icenda n’igice+. 14  Kuko umuryango w’abahungu b’Abarubeni nk’uko inzu ya ba se iri be n’umuryango w’abahungu b’Abagadi nk’uko inzu ya ba se iri yamaze kuronka, n’igice c’umuryango wa Manase kikaba caramaze kuronka intoranwa yaco+. 15  Iyo miryango ibiri n’igice yaramaze kuronka intoranwa guhera mu karere ka Yorodani iruhande ya Yeriko werekeza mu buseruko, amaja i burasirazuba+.” 16  Yehova yongera kubwira Musa ati: 17  “Aya ni yo mazina y’abagabo bazobagaburira igihugu ngo mucigabire: Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa mwene Nuni+. 18  Muze mutore umukuru umwe mu muryango umwumwe wose ku bwo kugabura igihugu ngo mucigabire+. 19  Aya ni yo mazina y’abo bagabo: Ku muryango wa Yuda+: Kalebu mwene Yefune+; 20  ku muryango wa bene Simeyoni+: Shemuweli mwene Amihudi; 21  ku muryango wa Benyamini+: Elidadi mwene Kisiloni; 22  ku muryango wa bene Dani+: umukuru umwe, ari we Buki mwene Yogili; 23  kuri bene Yozefu+, ku muryango wa bene Manase+: umukuru umwe, ari we Haniyeli mwene Efodi; 24  ku muryango wa bene Efurayimu+: umukuru umwe, ari we Kemuweli mwene Shifutani; 25  ku muryango wa bene Zebuloni+: umukuru umwe, ari we Elizafani mwene Paranaki; 26  ku muryango wa bene Isakari+: umukuru umwe, ari we Palitiyeli mwene Azani; 27  ku muryango wa bene Asheri+: umukuru umwe, ari we Ahihudi mwene Shelomi; 28  ku muryango wa bene Nafutali+: umukuru umwe, ari we Pedaheli mwene Amihudi.” 29  Abo ni bo Yehova yategetse ngo bagabanganirize amatongo bene Isirayeli mu gihugu ca Kanani+.

Amakuru yiyongereye