Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Guharūra 33:1-56

33  Izi ni zo ngendo bene Isirayeli bagize bavuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikije ingabo+ zabo, barongowe na Musa na Aroni+.  Musa yaguma yandika ahantu bagenda bavuye, hakurikijwe ingendo zabo, kw’itegeko rya Yehova; kandi izi ni zo ngendo bagize bava hamwe baja ahandi+:  Batangura kugenda bavuye i Ramesesi+ mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi kwa mbere+. Ku musi nyene ukurikira pasika+, bene Isirayeli barasohoka ukuboko gutaritse*, mu maso y’Abanyamisiri bose+.  Ico gihe Abanyamisiri bariko bahamba abo Yehova yari yishe muri bo, ni ukuvuga imfura zose+; kandi Yehova yari yashikije imanza+ ku mana zabo.  Nuko bene Isirayeli baragenda bavuye i Ramesesi+ baraheza bakambika i Sukoti+.  Hanyuma baragenda bavuye i Sukoti baraheza bakambika i Etamu+ ku mubari w’agahinga.  Ubukurikira baragenda bavuye i Etamu baraheza bahindukira bagana i Pihahiroti+, aharabana n’i Bayali-zefoni+; hanyuma bakambika imbere y’i Migidoli+.  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Pihahiroti, baca hagati mu kiyaga+ berekeje mu gahinga+, babandanya kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga ka Etamu+ maze bakambika i Mara+.  Hanyuma baragenda bavuye i Mara baraheza bashika i Elimu+. Aho i Elimu hari imbizi z’amazi cumi na zibiri n’ibigazi mirongo irindwi. Nuko bakambika ng’aho. 10  Ubukurikira baragenda bavuye i Elimu baraheza bakambika iruhande y’ikiyaga Gitukura. 11  Inyuma y’aho baragenda bavuye ku kiyaga Gitukura baraheza bakambika mu gahinga ka Sini+. 12  Hanyuma baragenda bavuye mu gahinga ka Sini baraheza bakambika i Dofuka. 13  Mu nyuma baragenda bavuye i Dofuka baraheza bakambika i Alushi. 14  Ubukurikira bagenda bavuye i Alushi baraheza bakambika i Refidimu+. Kandi ng’aho nta mazi yari ahari abantu bonywa. 15  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Refidimu baraheza bakambika mu gahinga ka Sinayi+. 16  Mu nyuma baragenda bavuye mu gahinga ka Sinayi baraheza bakambika i Kiburoti-hatayava+. 17  Hanyuma baragenda bavuye i Kiburoti-hatayava baraheza bakambika i Hazeroti+. 18  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Hazeroti baraheza bakambika i Ritima. 19  Ubukurikira baragenda bavuye i Ritima baraheza bakambika i Rimoni-perezi. 20  Hanyuma baragenda bavuye i Rimoni-perezi baraheza bakambika i Libuna. 21  Mu nyuma baragenda bavuye i Libuna baraheza bakambika i Risa. 22  Ubukurikira baragenda bavuye i Risa baraheza bakambika i Kehelata. 23  Hanyuma baragenda bavuye i Kehelata baraheza bakambika ku musozi Sheferi. 24  Inyuma y’aho baragenda bavuye ku musozi Sheferi baraheza bakambika+ i Harada. 25  Hanyuma baragenda bavuye i Harada baraheza bakambika i Makeloti. 26  Ubukurikira baragenda+ bavuye i Makeloti baraheza bakambika i Tahati. 27  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Tahati baraheza bakambika i Tera. 28  Hanyuma baragenda bavuye i Tera baraheza bakambika i Mitika. 29  Mu nyuma baragenda bavuye i Mitika baraheza bakambika i Hashimona. 30  Ubukurikira baragenda bavuye i Hashimona baraheza bakambika i Moseroti. 31  Hanyuma baragenda bavuye i Moseroti baraheza bakambika i Bene-yakani+. 32  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Bene-yakani baraheza bakambika i Horo-hagidigadi. 33  Ubukurikira baragenda bavuye i Horo-hagidigadi baraheza bakambika i Yotibata+. 34  Mu nyuma baragenda bavuye i Yotibata baraheza bakambika i Aburona. 35  Hanyuma baragenda bavuye i Aburona baraheza bakambika i Eziyoni-geberi+. 36  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Eziyoni-geberi baraheza bakambika mu gahinga ka Zini+, ni ukuvuga Kadeshi. 37  Mu nyuma baragenda bavuye i Kadeshi baraheza bakambika ku musozi Horo+, ku mupaka w’igihugu ca Edomu. 38  Nuko Aroni umuherezi aduga umusozi Horo kw’itegeko rya Yehova araheza apfirayo, mu mwaka ugira mirongo ine bene Isirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri, mu kwezi kugira gatanu, ku wa mbere w’ukwo kwezi+. 39  Aroni yari afise imyaka ijana na mirongo ibiri n’itatu igihe yapfira ku musozi Horo. 40  Kandi Umunyakanani, umwami wa Aradi+, uwaba muri Negebu+ mu gihugu ca Kanani, yumva ivy’ukuza kwa bene Isirayeli. 41  Mu nyuma baragenda bavuye ku musozi Horo+ baraheza bakambika i Zalumona. 42  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Zalumona baraheza bakambika i Punoni. 43  Ubukurikira baragenda bavuye i Punoni baraheza bakambika i Oboti+. 44  Hanyuma baragenda bavuye i Oboti baraheza bakambika i Iye-abarimu ku mupaka wa Mowabu+. 45  Mu nyuma baragenda bavuye i Iyimu baraheza bakambika i Diboni-gadi+. 46  Inyuma y’aho baragenda bavuye i Diboni-gadi baraheza bakambika i Alumoni-dibulatayimu. 47  Hanyuma baragenda bavuye i Alumoni-dibulatayimu+ baraheza bakambika mu misozi ya Abarimu+ imbere ya Nebo+. 48  Amaherezo baragenda bavuye mu misozi ya Abarimu baraheza bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+ iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko. 49  Nuko babandanya gukambika iruhande ya Yorodani kuva i Beti-yeshimoti+ gushika i Abeli-shitimu+ mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu. 50  Nuko Yehova abwira Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+ ati: 51  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Mugira mujabuke Yorodani mwinjire mu gihugu ca Kanani+. 52  Muze mwirukane ababa muri ico gihugu bose bave imbere yanyu mwongere mumenagure ibishusho vy’amabuye+ vyabo vyose; ibishusho vyabo vyose vyo mu cuma gishongeshejwe+ muze mubirandure; kandi ibibanza bikirurutse vyeranda vyabo vyose muze mubizimanganye+. 53  Muze mwigarurire ico gihugu mukibemwo, kuko nzokibaha ata gukeka ngo mucigarurire+. 54  Muze mwigabanganirize ico gihugu biciye ku bupfindo+ nk’uko imiryango yanyu iri+. Ku muryango munini, muze mwongereze intoranwa yawo, kuri muto na wo muze mugabanye intoranwa yawo+. Iyo ubupfindo buzosohoka bwerekana ku bwawo, ni ho hazoba ahawo+. Muze mwironse amatongo abegukira mukurikije imiryango ya ba so+. 55  “‘Ariko  nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bave imbere yanyu+, abo muzosigaza muri bo ntibazobura kubabera nk’ibintu bibazibura mu maso, bababere kandi nk’amahwa mu mbavu; emwe, bazobatoteza mu gihugu muzoba mubayemwo+. 56  Kandi uko nari niyumviriye kugirira abo, ni ko nzoca ngirira mwebwe+.’”

Amakuru yiyongereye

Iyo mvugo isobanura ko basohotse biyumva, bihaya inkomezi, bigina intsinzi.