Guharūra 31:1-54

31  Maze Yehova abwira Musa ati:  “Nuhōre+ bene Isirayeli ku Bamidiyani+. Mu nyuma uzohamvya ab’iwanyu+.”  Nuko Musa abwira abantu ati: “Nimuronse ibikenewe abagabo bo muri mwebwe ku bw’ingabo, kugira bakore igikorwa co kurwanya Midiyani ngo bashitse uguhōra kwa Yehova kuri Midiyani+.  Muzorungika mu ngabo abagabo igihumbi bo mu muryango umwumwe wose wo mu miryango ya Isirayeli.”  Nuko rero mu bihumbi+ vya Isirayeli hagenwa abagabo igihumbi kuri buri muryango, baba ibihumbi cumi na bibiri bafise ibikenewe ku bw’ingabo+.  Maze Musa arabarungika mu ngabo, abagabo igihumbi ku muryango umwumwe wose, abarungika mu ngabo bo na Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi, kandi ibikoresho vyeranda be n’inzumbete+ zo kuvuza utwamo tw’intambara vyari mu kuboko kwiwe.  Barwana intambara na Midiyani, nk’uko Yehova yari yategetse Musa, bica ab’igitsina-gabo bose+.  Bica abami ba Midiyani kumwe n’abandi bagandaguwe, ari bo Evi na Rekemu na Zuri na Huru na Reba, abami batanu ba Midiyani+; bicisha inkota kandi Balamu+ mwene Beyori.  Mugabo bene Isirayeli batwara abagore ba Midiyani n’abana babo batoyi ari imbohe+; kandi basahura ibikoko vy’ibitungano vyabo vyose n’ibitungwa vyabo vyose n’ivyababeshaho vyose. 10  Ibisagara vyabo vyose bari baragerereyemwo n’amakambi azitijwe impome yabo yose babituriza umuriro+. 11  Hanyuma batwara isahu+ ryose n’iminyago yose y’abantu n’ibikoko vy’ibitungano. 12  Nuko bazanira Musa na Eleyazari umuherezi n’ikoraniro rya bene Isirayeli imbohe n’iminyago n’isahu, kw’ikambi, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+, ibiri iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko. 13  Maze Musa na Eleyazari umuherezi n’abakuru bose b’ikoraniro basohoka kubasanganira inyuma y’ikambi. 14  Nuko Musa arākarira abagabo bagenywe bo mu nteko zo kurwana+, abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana bari bavuye kugaba igitero ca gisirikare. 15  Musa ababwira rero ati: “Mbega ntimwishe ab’igitsina-gore bose+? 16  Ehe raba ni bo bakoreshejwe, biciye kw’ijambo rya Balamu, kugira boshe bene Isirayeli gukora ivy’ubuhemu+ kuri Yehova ku bijanye n’ivyabereye i Peyori+, ku buryo ikiza caje kw’ikoraniro rya Yehova+. 17  Ubu rero nimwice ab’igitsina-gabo bose mu bana batoyi, mwice n’umugore wese yaryamanye n’umugabo+. 18  Mugabo ntimwice abigeme batoyi batarigera baryamana n’umugabo+. 19  Namwe muze mucumbike inyuma y’ikambi imisi indwi. Abishe umuntu+ bose n’abakoze ku muntu yagandaguwe+ bose, muze mwityorore+ ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi, mwe n’imbohe zanyu. 20  Impuzu yose, n’ikintu c’urushato cose, n’ikintu cose gikozwe mu bwoya bw’impene, n’ikintu cose co mu giti, muze mubityorore igicumuro+.” 21  Maze Eleyazari umuherezi abwira abagabo bo mu ngabo bari bagiye ku rugamba ati: “Iki ni co cagezwe c’itegeko Yehova yageze Musa: 22  ‘Inzahabu, n’ifeza, n’umujumpu, n’icuma, n’ubutare bw’ibati, n’icuma c’isǎsu vyonyene, 23  ikintu cose gihingurishwa umuriro+, muze mugicishe mu muriro, kibone kuba ikidahumanye. Ariko kize gityorozwe amazi y’ihumanura+. Kandi ikintu cose kidahingurishwa umuriro muze mugicishe mu mazi+. 24  Muze mumese impuzu zanyu ku musi ugira indwi mubone kuba abadahumanye; inyuma y’aho murashobora kuza mw’ikambi+.’” 25  Nuko Yehova abwira Musa ati: 26  “Harura igitigiri cose hamwe c’iminyago, imbohe z’abantu n’iz’ibikoko vy’ibitungano, wewe na Eleyazari umuherezi n’abakuru ba ba se b’ikoraniro. 27  Uze ugaburemwo kubiri iminyago, uyigaburire abagize uruhara mu ndwano basohotse kugaba igitero n’abasigaye bose b’ikoraniro+. 28  Kandi bwa kori+ rigenewe Yehova muze mutore ku barwanyi basohotse kugaba igitero, egome, mutore kimwekimwe ku majana atanu, haba mu bantu, mu busho, mu ndogobwa no mu mukuku. 29  Muze muritore ku ca kabiri kibegukira maze murihe Eleyazari umuherezi bwa ntererano ya Yehova+. 30  Kandi ku ca kabiri cegukira bene Isirayeli uze utore kimwekimwe kuri mirongo itanu, haba mu bantu, mu busho, mu ndogobwa no mu mukuku, mu bwoko bwose bw’igikoko c’igitungano, maze ubihe Abalewi+, abashitsa igikorwa bajejwe c’itaberenakulo ya Yehova+.” 31  Nuko Musa na Eleyazari umuherezi bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa. 32  Iminyago, ni ukuvuga ivyari bisigaye kw’isahu abantu bagiye kugaba igitero bari batwaye bwa sahu, iba ibihumbi amajana atandatu na mirongo irindwi na bitanu vyo mu mukuku, 33  n’ibihumbi mirongo irindwi na bibiri vyo mu busho, 34  n’indogobwa ibihumbi mirongo itandatu na kimwe. 35  Abo+ mu bagore batari bwaryamane n’umugabo+ na bo, bose baba ibihumbi mirongo itatu na bibiri. 36  Kandi ica kabiri cari kigize umuturi w’abagiye kugaba igitero, igitigiri caco cari ibitungwa ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu vyo mu mukuku. 37  Ikori+ rigenewe Yehova ryo mu mukuku rishika ku bitungwa amajana atandatu na mirongo irindwi na bitanu. 38  Ku busho na ho hari ibitungwa ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, ikori ryo kuri vyo rigenewe Yehova na ryo riba mirongo irindwi na bibiri. 39  Indogobwa na zo zari ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu, kandi ikori ryo kuri zo rigenewe Yehova ryari mirongo itandatu n’imwe. 40  Abantu na bo bari ibihumbi cumi na bitandatu, kandi ikori ryo kuri bo rigenewe Yehova ryari abantu mirongo itatu na babiri. 41  Maze Musa aha Eleyazari umuherezi+ nya kori bwa ntererano ya Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 42  Ica kabiri cegukira bene Isirayeli na co, ico Musa yatandukanije n’icegukira abagabo barwanye intambara, cari kimeze uku: 43  Ica kabiri cegukira ikoraniro co ku mukuku cashika ku bihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu, 44  ico ku busho na co, ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, 45  indogobwa na zo, ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu, 46  abantu na bo, ibihumbi cumi na bitandatu. 47  Maze Musa afata ku ca kabiri cegukira bene Isirayeli, icabwirizwa gutorwa kuri mirongo itanu, haba mu bantu no mu bikoko vy’ibitungano, abiha Abalewi+, abashitsa igikorwa bajejwe+ c’itaberenakulo ya Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa. 48  Nuko abagabo bagenywe bo mu bihumbi vy’ingabo+, abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana+, begera Musa, 49  bamubwira bati: “Abasavyi bawe baharūye igitigiri cose hamwe c’abarwanyi tujejwe kandi nta n’umwe muri twebwe vyavuzwe ko abuze+. 50  Reka rero dushikirize umwe wese bwa shikanwa rya Yehova ico yaronse+: ibintu vy’inzahabu, inyerere zo ku maguru, n’ibikomo, n’impeta z’ikidodo+, n’amahereni, n’udusharizo tw’abagore+, kugira dutangirwe impongano imbere ya Yehova.” 51  Nuko rero Musa na Eleyazari umuherezi babakirira nya nzahabu+, udusharizo tw’agaciro twose. 52  Nuko inzahabu zose z’intererano baterereye bazihaye Yehova zishika kuri shekeli ibihumbi cumi na bitandatu n’amajana indwi na mirongo itanu, zivuye ku bakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana. 53  Umwe wese mu bagabo bo mu ngabo yari yaratwaye isahu yiwe+. 54  Nuko Musa na Eleyazari umuherezi bakira inzahabu zivuye ku bakuru b’ibihumbi n’ab’amajana, bazizana mw’ihema ry’ihuriro kugira bibere icibutso+ bene Isirayeli imbere ya Yehova.

Amakuru yiyongereye