Guharūra 3:1-51

3  Aya rero ni yo yari amayaruka ya Aroni na Musa ku musi Yehova yavugana na Musa ku musozi Sinayi+.  Aya ni yo yari amazina ya bene Aroni: Nadabu imfura, Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+.  Ayo ni yo yari amazina ya bene Aroni, abaherezi barobanujwe amavuta*, abo amaboko yabo yari yujujwe ububasha ngo bakore ari abaherezi+.  Ariko Nadabu na Abihu bapfiriye imbere ya Yehova igihe bashikana imbere ya Yehova umuriro utemewe n’amategeko+, mu gahinga ka Sinayi; kandi nta bana baronse. Mugabo Eleyazari+ na Itamari+ babandanije gukora ari abaherezi hamwe na se Aroni.  Nuko Yehova abwira Musa ati:  “Zana umuryango wa Lewi+ hafi, kandi ubahagarike imbere ya Aroni umuherezi, na bo baze bamukorere+.  Baze bashitse ico babwirizwa kunkorera be n’ico babwirizwa gukorera ikoraniro ryose imbere y’ihema ry’ihuriro, mu kurangura igikorwa c’itaberenakulo.  Baze bitwararike ibikoresho vyose+ vy’ihema ry’ihuriro, egome, ico bene Isirayeli basabwa, mu gushitsa igikorwa c’itaberenakulo+.  Abalewi uze ubahe Aroni n’abahungu biwe. Ni abatanzwe, bamuhawe bakuwe muri bene Isirayeli+. 10  Uze ugene Aroni n’abahungu biwe, kandi baze bitwararike ubuherezi+ bwabo; uw’ahandi* uwo ari we wese azokwegera aheranda aze yicwe+.” 11  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 12  “Nayo jewe, ehe ntoye koko Abalewi muri bene Isirayeli mu kibanza c’imfura+ zose zugurura igitereko muri bene Isirayeli; kandi Abalewi bazoba abanje. 13  Kuko imfura yose ari iyanje+. Kuri wa musi nakubita imfura yose mu gihugu ca Misiri+ nariyejereje imfura yose muri Isirayeli, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko+. Bizoba ivyanje. Ndi Yehova.” 14  Yehova yongera kubwira Musa mu gahinga ka Sinayi+ ati: 15  “Andika bene Lewi nk’uko inzu ya ba se iri, hakurikijwe imiryango yabo. Uw’igitsina-gabo wese kuva ku kwezi kumwe kuduga aze yandikwe+.” 16  Nuko Musa atangura kubandika kw’itegeko rya Yehova, nk’uko yari yategetswe. 17  Aba ni bo babaye bene Lewi+ hakurikijwe amazina yabo: Gerishoni na Kohati na Merari+. 18  Aya rero ni yo yari amazina ya bene Gerishoni hakurikijwe imiryango yabo: Libuni na Shimeyi+. 19  Bene Kohati+ na bo hakurikijwe imiryango yabo bari Amuramu na Izihari+, Heburoni na Uziyeli. 20  Bene Merari+ na bo hakurikijwe imiryango yabo bari Mahili+ na Mushi+. Iyo ni yo yari imiryango y’Abalewi nk’uko inzu ya ba se iri. 21  Kuri Gerishoni hari umuryango w’Abalibuni+ n’umuryango w’Abashimeyi+. Iyo ni yo yari imiryango y’Abagerishoni. 22  Abanditswe babo banditswe hakurikijwe igitigiri c’ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga+. Abanditswe babo bari ibihumbi indwi n’amajana atanu+. 23  Imiryango y’Abagerishoni yari inyuma y’itaberenakulo+. Yari ikambitse mu burengero. 24  Umukuru w’inzu ya ba sekuru y’Abagerishoni yari Eliyasafu mwene Layeli. 25  Ico bene Gerishoni+ bari bajejwe mw’ihema ry’ihuriro cari itaberenakulo n’ihema+, igipfukisho+ caryo n’igikingirizo+ c’ubwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, 26  n’ibitambara bimanitse+ vy’ikigo n’igikingirizo+ c’ubwinjiriro bw’ikigo gikikuje itaberenakulo n’igicaniro*, n’imigozi yaco y’ihema+, emwe, igikorwa c’iyo taberenakulo cose. 27  Kuri Kohati na ho hari umuryango w’Abamuramu, n’umuryango w’Abizihari, n’umuryango w’Abaheburoni, n’umuryango w’Abuziyeli. Iyo ni yo yari imiryango y’Abakohati+. 28  Mu gitigiri c’ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga, ibihumbi umunani n’amajana atandatu ni bo bari bajejwe kwitwararika ivy’ahantu heranda+. 29  Imiryango ya bene Kohati yari ikambitse ku ruhande rw’itaberenakulo ruherereye mu bumanuko+. 30  Umukuru w’inzu ya ba sekuru y’imiryango y’Abakohati yari Elizafani mwene Uziyeli+. 31  Ivyo bari bajejwe+ vyari: Isandugu+ n’imeza+ n’igitereko c’amatara+ n’ibicaniro+ n’ibikoresho+ vy’ahantu heranda bakoresha igikorwa, n’igikingirizo+, n’igikorwa cose kijanye na co. 32  Umukuru w’abakuru b’Abalewi yari Eleyazari+ mwene Aroni umuherezi, akaba ari we yacungera abajejwe kwitwararika ivy’ahantu heranda. 33  Kuri Merari hari umuryango w’Abamahili+ n’umuryango w’Abamushi+. Iyo ni yo yari imiryango ya Merari+. 34  Abanditswe babo hakurikijwe igitigiri c’ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga, bari ibihumbi bitandatu n’amajana abiri+. 35  Umukuru w’inzu ya ba sekuru y’imiryango ya Merari yari Zuriyeli mwene Abihayili. Bari bakambitse ku ruhande rw’itaberenakulo amaja mu buraruko+. 36  Ivyo bene Merari babwirizwa gucungera vyari ibizingiti+ vy’itaberenakulo, n’ibihindizo+ vyayo, n’inkingi+ zayo, n’ivyicaro binogoye vyayo n’ibikoresho vyose+ vyayo, n’igikorwa cose kijanye na yo+, 37  n’inkingi+ z’ikigo zari irya n’ino yaco, n’ivyicaro binogoye+ vyazo n’imambo zazo n’imigozi y’ihema yazo. 38  Abakambika imbere y’itaberenakulo amaja mu buseruko, imbere y’ihema ry’ihuriro amaja i burasirazuba, bari Musa na Aroni n’abahungu biwe; ni bo bari bajejwe kwitwararika ivy’aheranda+, igikorwa bari bajejwe gukorera bene Isirayeli. Uw’ahandi uwo ari we wese yokwegereye yokwishwe+. 39  Abanditswe bose bo mu Balewi abo Musa na Aroni banditse kw’itegeko rya Yehova hakurikijwe imiryango yabo, ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga, bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri. 40  Maze Yehova abwira Musa ati: “Andika ab’igitsina-gabo b’imfura bose bo muri bene Isirayeli kuva ku kwezi kumwe kuduga+, kandi ubaharure. 41  Kandi uze untorere Abalewi mu kibanza c’imfura zose muri bene Isirayeli+, n’ibikoko vy’ibitungano vy’Abalewi mu kibanza c’uburiza bwose mu bikoko vy’ibitungano vya bene Isirayeli+. Ndi Yehova.” 42  Musa atangura kwandika imfura zose muri bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yamutegetse. 43  Igitigiri c’amazina y’ab’igitsina-gabo b’imfura bose banditswe, kuva ku kwezi kumwe kuduga, kiba ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana abiri na mirongo irindwi na batatu. 44  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 45  “Tora Abalewi mu kibanza c’imfura zose muri bene Isirayeli, n’ibikoko vy’ibitungano vy’Abalewi mu kibanza c’ibikoko vy’ibitungano vyabo; kandi Abalewi bazocika abanje+. Ndi Yehova. 46  Bwa kiguzi c’incungu*+ ca bamwe amajana abiri na mirongo irindwi na batatu bo mu mfura za bene Isirayeli, bamwe barenga ku Balewi+, 47  uze utore shekeli zitanu ku muntu umwumwe wese+. Uze uzitore wisunze shekeli y’ahantu heranda. Shekeli imwe ni gera* mirongo ibiri+. 48  Kandi uze uhe ayo mahera Aroni n’abahungu biwe abe ikiguzi c’incungu c’abarenze kuri bo.” 49  Nuko Musa atora nya mahera y’ikiguzi c’icungurwa ayakuye ku bari barenze ku kiguzi c’incungu c’Abalewi. 50  Atora nya mahera y’imfura za bene Isirayeli, shekeli igihumbi n’amajana atatu na mirongo itandatu na zitanu, hisunzwe shekeli y’ahantu heranda. 51  Maze Musa aha Aroni n’abahungu biwe nya mahera y’ikiguzi c’incungu yisunze itegeko rya Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ingero ya gera yangana n’amagarama 0,57.