Guharūra 29:1-40
29 “‘Mu kwezi kugira indwi, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, muzogira ihwaniro ryeranda+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+. Uzobabera umusi w’ijwi ry’urumbete+.
2 Muze muhereze ibi bwa shikanwa riturirwa riba akamoto karuhura kuri Yehova: ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, imyagazi y’intama y’amasuguru indwi umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
3 n’ishikanwa ryavyo ry’intete ry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, ingero z’ivy’icumi zitatu ku bwa nya kimasa, ingero z’ivy’icumi zibiri ku bwa nya mpfizi y’intama+,
4 n’ingero y’ic’icumi imwe ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose muri nya myagazi y’intama y’amasuguru indwi+;
5 n’umwagazi w’impene w’isuguru umwe bwa shikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano+;
6 muvyongere kw’ishikanwa riturirwa+ rya buri kwezi n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+ n’ishikanwa ryaryo ry’intete+, kumwe n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa kuri yo, bwa kamoto karuhura, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+.
7 “‘Hanyuma ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi kw’indwi, muzogira ihwaniro ryeranda+, kandi muze mwibabaze+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa mukora+.
8 Muze mushikirize ibi bwa shikanwa riturirwa rihabwa Yehova, bwa kamoto karuhura: ikimasa kimwe, impfizi y’intama imwe, imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, umwe wose umaze umwaka+. Bize bibe ivyo mubona ko bitagira akanenge+.
9 Kandi bwa shikanwa ry’intete ryavyo ry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, muzoshikiriza ingero z’ivy’icumi zitatu ku bwa nya kimasa, ingero z’ivy’icumi zibiri ku bwa nya mpfizi y’intama imwe+,
10 ingero y’ic’icumi ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose muri nya myagazi y’intama y’amasuguru indwi+;
11 umwagazi umwe w’impene bwa shikanwa ry’igicumuro, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa ry’igicumuro ry’impongano+ no kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba be no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete, kumwe n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+.
12 “‘Hanyuma ku musi ugira cumi na gatanu wa nya kwezi kugira indwi+ muzogira ihwaniro ryeranda+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+, kandi muze muhimbarize Yehova umusi mukuru imisi indwi+.
13 Muze mushikirize ibi bwa shikanwa riturirwa+, ishikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova: ibimasa cumi na bitatu, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka. Bize bibe ibitagira akanenge+.
14 Kandi bwa shikanwa ry’intete ryavyo ry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, muzoshikiriza ingero z’ivy’icumi zitatu ku bw’ikimasa kimwe cose muri nya bimasa cumi na bitatu, ingero z’ivy’icumi zibiri ku bw’impfizi y’intama imwimwe yose muri nya mpfizi z’intama zibiri+,
15 n’ingero y’ic’icumi ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose muri nya myagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine+;
16 n’umwagazi w’impene umwe bwa shikanwa ry’igicumuro, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
17 “‘Hanyuma ku musi ugira kabiri muzoshikiriza ibimasa cumi na bibiri, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
18 n’ishikanwa ryavyo ry’intete+ n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+, ku bwa nya bimasa, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+;
19 n’umwagazi w’impene umwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete, kumwe n’amashikanwa yayo y’ikinyobwa+.
20 “‘Hanyuma ku musi ugira gatatu muzoshikiriza amashūri cumi n’imwe, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
21 n’ishikanwa ry’intete ryavyo+ n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+, ku bwa nya mashūri, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa;
22 n’impene imwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa.
23 “‘Hanyuma ku musi ugira kane muzoshikiriza amashūri cumi, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
24 ishikanwa ry’intete ryavyo+ n’amashikanwa y’ikinyobwa yavyo+, ku bwa nya mashūri, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+;
25 n’umwagazi w’impene umwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+ no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
26 “‘Hanyuma ku musi ugira gatanu muzoshikiriza amashūri icenda, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
27 n’ishikanwa ry’intete ryavyo+ n’amashikanwa y’ikinyobwa yavyo+ ku bwa nya mashūri, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+;
28 n’impene imwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ry’intete ryaryo be no kw’ishikanwa ry’ikinyobwa ryaryo+.
29 “‘Hanyuma ku musi ugira gatandatu muzoshikiriza amashūri umunani, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
30 n’ishikanwa ry’intete ryavyo+ n’amashikanwa y’ikinyobwa yavyo+, ku bwa nya mashūri, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+;
31 n’impene imwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no ku mashikanwa yaryo y’ikinyobwa+.
32 “‘Hanyuma ku musi ugira indwi muzoshikiriza amashūri indwi, impfizi z’intama zibiri, imyagazi y’intama y’amasuguru cumi n’ine, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
33 n’ishikanwa ryavyo ry’intete+ n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+, ku bwa nya mashūri, nya mpfizi z’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa kuri vyo+;
34 n’impene imwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
35 “‘Hanyuma ku musi ugira umunani muzogira ikoraniro ry’agakūra+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+.
36 Muze mushikirize ibi bwa shikanwa riturirwa, ishikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova: ishūri imwe, impfizi y’intama imwe, imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, umwe wose umaze umwaka, bibe ibitagira akanenge+;
37 n’ishikanwa ryavyo ry’intete+ n’amashikanwa yavyo y’ikinyobwa+, ku bwa nya shūri, nya mpfizi y’intama na nya myagazi y’intama y’amasuguru, hakurikijwe igitigiri cavyo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+;
38 n’impene imwe bwa shikanwa ry’igicumuro+, bibe ivyiyongereye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba no kw’ishikanwa ryaryo ry’intete be no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
39 “‘Ivyo muzobihereza Yehova ku misi mikuru yanyu y’ibiringo+, bibe ivyiyongereye ku mashikanwa yanyu y’indagano+ no ku mashikanwa yanyu atangwa ku bushake+, bwa mashikanwa yanyu aturirwa+ n’amashikanwa yanyu y’intete+ n’amashikanwa yanyu y’ikinyobwa+ n’ibimazi vyanyu vy’ugusangira+.’”
40 Nuko Musa abwira bene Isirayeli yisunze ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose+.