Guharūra 28:1-31
28 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Tegeka bene Isirayeli, uti: ‘Muze mwitwararike kunshikiriza ishikanwa ryanje, umukate+ wanje, ku bw’amashikanwa yanje ashikanishwa umuriro bwa kamoto karuhura kuri jewe+, ku bihe vyayo vyashinzwe+.’
3 “Uze ubabwire uti: ‘Iri ni ryo shikanwa rishikanishwa umuriro muzoshikiriza Yehova: imyagazi y’intama y’amasuguru itagira akanenge ibiri ku musi, bwa shikanwa riturirwa ryama rishikanwa+.
4 Umwagazi w’intama w’isuguru umwe uzowuhereza mu gitondo, uwundi na wo uwuhereze hagati ya ya migoroba ibiri+,
5 umwe wose uri kumwe n’ic’icumi c’ingero ya efa*+ c’ifu inoze bwa shikanwa ry’intete+ ribombekeshejwe ica kane ca hini* y’amavuta asekuye+;
6 iryo ni rya shikanwa riturirwa ry’ubudasiba+, nk’uko vyashikirijwe ku musozi Sinayi, bwa kamoto karuhura, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+,
7 rikazoba riri kumwe n’ishikanwa ry’ikinyobwa ryaryo+, ni ukuvuga ica kane ca hini ku mwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose+. Usuke ahantu heranda ishikanwa ry’ikinyobwa ry’inzoga iboreza+ rihabwa Yehova.
8 Hanyuma uzohereza wa mwagazi w’intama w’isuguru wundi hagati ya ya migoroba ibiri. Uzowuhereza bwa shikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova, uri kumwe n’ishikanwa ry’intete nk’iryo mu gitondo, uri kumwe kandi na rya shikanwa ry’ikinyobwa nyene ryawo+.
9 “‘Ariko ku musi w’isabato+ hazotangwa imyagazi y’intama y’amasuguru ibiri itagira agahonzi, imaze umwaka, n’ingero z’ivy’icumi zibiri z’ifu inoze bwa shikanwa ry’intete ribombekeshejwe amavuta, kumwe n’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa,
10 bwa shikanwa riturirwa ry’isabato ritangwa uko isabato yaryo ishitse, hamwe n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+ n’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
11 “‘Mu ntango z’amezi yanyu muzoshikiriza bwa shikanwa riturirwa rihabwa Yehova ibimasa bibiri n’impfizi y’intama imwe, imyagazi y’intama y’amasuguru indwi itagira akanenge, umwe wose umaze umwaka+,
12 n’ingero z’ivy’icumi zitatu z’ifu inoze ngo ibe ishikanwa ry’intete+ ribombekeshejwe amavuta ku bw’ishūri imwimwe yose, n’ingero z’ivy’icumi zibiri z’ifu inoze bwa shikanwa ry’intete ribombekeshejwe amavuta ku bwa nya mpfizi y’intama imwe+,
13 n’ingero y’ic’icumi y’ifu inoze itangwa bwa shikanwa ry’intete ribombekeshejwe amavuta ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose, bwa shikanwa riturirwa, akamoto karuhura+, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.
14 Amashikanwa y’ikinyobwa yayo na yo azoba: ica kabiri+ ca hini y’umuvinyu ku bw’ishūri n’ica gatatu+ ca hini ku bw’impfizi y’intama n’ica kane+ ca hini ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru. Iryo ni ryo shikanwa riturirwa buri kwezi, mu kwezi kwaryo, mu mezi yose y’umwaka+.
15 Hazoherezwa kandi umwagazi umwe+ w’impene bwa shikanwa ry’igicumuro rihabwa Yehova ryiyongera kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba ritanganwa n’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
16 “‘Kandi mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, hazoba ari pasika ya Yehova+.
17 Hanyuma umusi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi uzoba ari umusi mukuru. Mu misi indwi hazoribwa udutsima tutarimwo umwambiro+.
18 Ku musi wa mbere hazoba ihwaniro ryeranda+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+.
19 Muze mushikirize ibi bwa shikanwa rishikanishwa umuriro, ishikanwa riturirwa+ rihabwa Yehova: ibimasa bibiri n’impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, umwe wose umaze umwaka+. Bize bibe ivyo mubona ko bitagira akanenge+.
20 Kandi bwa mashikanwa y’intete+ yavyo y’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, muzohereza ingero z’ivy’icumi zitatu ku bw’ishūri n’ingero z’ivy’icumi zibiri+ ku bwa nya mpfizi y’intama.
21 Uzohereza ingero y’ic’icumi+ ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose muri nya myagazi y’intama y’amasuguru indwi;
22 n’impene imwe y’ishikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano+.
23 Muzohereza ivyo, muvyongeye kw’ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo, iritangwa ngo ribe ishikanwa riturirwa+ ry’ubudasiba+.
24 Muzohereza nk’ivyo nyene ku musi ku musi muri iyo misi indwi, bibe umukate+, ishikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova+. Rizoherezanwa n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba, be n’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa.
25 Ku musi ugira indwi na ho muzogira ihwaniro ryeranda+. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+.
26 “‘Kandi ku musi w’ivyamwa vya mbere vyeze+, igihe muzoshikiriza Yehova ishikanwa ry’intete rishasha, ku musi mukuru wanyu w’amayinga+, muzogira ihwaniro ryeranda. Ntihaze hagire ubwoko na bumwe bw’igikorwa kiruhisha mukora+.
27 Muze mushikirize ibi bwa shikanwa riturirwa riba akamoto karuhura kuri Yehova: ibimasa bibiri, impfizi y’intama imwe, imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, umwe wose umaze umwaka+;
28 ishikanwa ry’intete ryavyo ry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta na ryo rizoba ingero z’ivy’icumi zitatu ku bw’ishūri imwe yose, ingero z’ivy’icumi zibiri+ ku bwa nya mpfizi y’intama imwe,
29 ingero y’ic’icumi+ ku bw’umwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose muri nya myagazi y’intama y’amasuguru indwi;
30 n’umwagazi w’impene umwe kugira mutangirwe impongano+.
31 Muzobihereza muvyongeye kw’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba n’ishikanwa ryaryo ry’intete+. Bize bibe ivyo mubona ko bitagira akanenge+, kumwe n’amashikanwa y’ikinyobwa yavyo+.
Amakuru yiyongereye
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.
^ Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.