Guharūra 27:1-23
27 Maze abakobwa ba Zelofehadi+ mwene Heferi, Heferi wa Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase+, bo mu miryango ya Manase mwene Yozefu, baregera. Kandi aya ni yo yari amazina ya nya bakobwa biwe: Mahila, Nowa na Hogula na Milika na Tiruza+.
2 Nuko bahagarara imbere ya Musa n’imbere ya Eleyazari umuherezi+ n’imbere y’abakuru n’ikoraniro ryose ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, bavuga bati:
3 “Data yapfiriye mu gahinga+, yamara ntiyari muri rya koraniro, muri bamwe baja hamwe ngo barwanye Yehova mw’ikoraniro rya Kora+, mugabo yapfuye ku bw’igicumuro ciwe bwite+; kandi nta bahungu yaronse.
4 Kubera iki izina rya data ryokurwa hagati mu muryango wiwe ngo ni uko ataronse umuhungu+? Enda nuduhe itongo twigabira hagati muri bene wabo na data+.”
5 Nuko Musa ashikiriza ikibazo cabo imbere ya Yehova+.
6 Maze Yehova abwira Musa ati:
7 “Abakobwa ba Zelofehadi bavuga vyo. Ubwirizwa kubaha intoranwa bigabira hagati ya bene wabo na se, kandi uze ubahe intoranwa ya se+.
8 Ubwire bene Isirayeli uti: ‘Nihagira umugabo apfa ataronse umuhungu, muze muhe umukobwa wiwe intoranwa yiwe.
9 Niyaba adafise umukobwa, muze muhe bene wabo intoranwa yiwe.
10 Niyaba adafise bene wabo, muze muhe intoranwa yiwe bene wabo na se.
11 Se wiwe niyaba adafise bene wabo, muze muhe intoranwa yiwe incuti yiwe y’amaraso+ ya hafi kuruta izindi yo mu muryango wiwe, uno aheze ayigarurire. Ivyo bize bibere bene Isirayeli icagezwe hakurikijwe ingingo y’ubutungane, nk’uko Yehova yategetse Musa.’”
12 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: “Duga kuri uyu musozi wa Abarimu+, uheze ubone igihugu nzoha bene Isirayeli+.
13 Niwamara kukibona, uzoheza uhamvye ab’iwanyu+, egome, wewe, nk’uko Aroni mwene wanyu yabahambije+,
14 kuko mwagararije itegeko ryanje mu gahinga ka Zini, igihe ca kwa gutongana kw’ikoraniro+, ntimwanyeza+ kuri ya mazi mu maso yabo. Ayo ni ya mazi y’i Meriba+ i Kadeshi+ mu gahinga ka Zini+.”
15 Maze Musa abwira Yehova ati:
16 “Yehova Imana y’impwemu+ z’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri+ nagene umugabo+ azogaba ikoraniro
17 azosohoka imbere yabo akongera akinjira imbere yabo, azobasohora akongera akabinjiza+, kugira ngo ikoraniro rya Yehova ntiribe nk’intama zitagira umwungere+.”
18 Nuko Yehova abwira Musa ati: “Niwitorere Yosuwa mwene Nuni, umugabo arimwo impwemu+, maze umurambikeko ikiganza cawe+;
19 uze umuhagarike imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ikoraniro ryose, maze umushinge igikorwa mu maso yabo+.
20 Uze umuheko kw’iteka ryawe+, kugira ngo ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rimwumvirize+.
21 Imbere ya Eleyazari umuherezi ni ho azohagarara, maze uno amusigurize+ biciye ku rubanza rwa Urimu*+, imbere ya Yehova. Kw’itegeko ryiwe bazosohoka, kw’itegeko ryiwe binjire, we na bene Isirayeli bose bari kumwe na we, n’ikoraniro ryose.”
22 Nuko Musa akora nk’uko Yehova yari yamutegetse. Atora rero Yosuwa, amuhagarika imbere ya Eleyazari+ umuherezi n’imbere y’ikoraniro ryose,
23 amurambikako ibiganza hanyuma amushinga igikorwa+, nk’uko Yehova yari yavuze biciye kuri Musa+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.