Guharūra 26:1-65

26  Inyuma y’ico kiza+, Yehova abandanya kubwira Musa na Eleyazari mwene Aroni umuherezi ati:  “Nimuharure igitigiri cose hamwe c’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, nk’uko inzu ya ba se iri, abaja mu ngabo muri Isirayeli bose+.”  Nuko Musa na Eleyazari+ umuherezi bavugana na bo mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+ iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+, bati:  “Nimuharure igitigiri cose hamwe cabo kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, nk’uko Yehova yategetse Musa+.” Bene Isirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri bari:  Rubeni, imfura ya Isirayeli+; bene Rubeni bari: Kuri Hanoki+ umuryango w’Abahanoki; kuri Palu+ umuryango w’Abapalu;  kuri Hezironi+ umuryango w’Abahezironi; kuri Karumi+ umuryango w’Abakarumi.  Iyo ni yo yari imiryango y’Abarubeni; abanditswe babo baba ibihumbi mirongo ine na bitatu n’amajana indwi na mirongo itatu+.  Umuhungu wa Palu yari Eliyabu.  Bene Eliyabu na bo bari: Nemuweli na Datani na Abiramu. Uyo Datani+ na Abiramu+ bari abagenywe b’ikoraniro bagiye mu vyo kurwanya Musa na Aroni mw’ikoraniro rya Kora+, igihe baja mu vyo kurwanya Yehova. 10  Maze isi yarasamitse akanwa irabamira+. Nayo Kora, yapfuye igihe nya koraniro ryapfa, igihe umuriro wayigiza abagabo amajana abiri na mirongo itanu+. Nuko baba ikimenyetso+. 11  Ariko bene Kora ntibapfuye+. 12  Bene Simeyoni+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Nemuweli+ umuryango w’Abanemuweli; kuri Yamini+ umuryango w’Abayamini; kuri Yakini+ umuryango w’Abayakini; 13  kuri Zera umuryango w’Abazera; kuri Shawuli+ umuryango w’Abashawuli. 14  Iyo ni yo yari imiryango y’Abasimeyoni: bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana abiri+. 15  Bene Gadi+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Zefoni umuryango w’Abazefoni; kuri Hagi umuryango w’Abahagi; kuri Shuni umuryango w’Abashuni; 16  kuri Ozini umuryango w’Abozini; kuri Eri umuryango w’Aberi; 17  kuri Arodi umuryango w’Abarodi; kuri Areli+ umuryango w’Abareli. 18  Iyo ni yo yari imiryango ya bene Gadi, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu+. 19  Bene Yuda+ bari Ere+ na Onani+. Ariko Ere na Onani bapfiriye mu gihugu ca Kanani+. 20  Bene Yuda, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Shela+ umuryango w’Abashela; kuri Perezi+ umuryango w’Abaperezi; kuri Zera+ umuryango w’Abazera. 21  Bene Perezi na bo babaye aba: Kuri Hezironi+ umuryango w’Abahezironi; kuri Hamuli+ umuryango w’Abahamuli. 22  Iyo ni yo yari imiryango ya Yuda+, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo irindwi na bitandatu n’amajana atanu+. 23  Bene Isakari+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Tola+ umuryango w’Abatola; kuri Puva umuryango w’Abapuni; 24  kuri Yashubu umuryango w’Abayashubu; kuri Shimuroni+ umuryango w’Abashimuroni. 25  Iyo ni yo yari imiryango ya Isakari, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo itandatu na bine n’amajana atatu+. 26  Bene Zebuloni+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Seredi umuryango w’Abaseredi; kuri Eloni umuryango w’Abeloni; kuri Yahileyeli+ umuryango w’Abayahileyeli. 27  Iyo ni yo yari imiryango y’Abazebuloni, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo itandatu n’amajana atanu+. 28  Bene Yozefu+, hakurikijwe imiryango yabo, bari Manase na Efurayimu+. 29  Bene Manase+ bari: Kuri Makiri+ umuryango w’Abamakiri. Makiri na we yavyaye Gileyadi. Kuri Gileyadi+ umuryango w’Abagileyadi. 30  Aba ni bo bari bene Gileyadi: Kuri Iyezeri+ umuryango w’Abiyezeri; kuri Heleki umuryango w’Abaheleki; 31  kuri Asiriyeli umuryango w’Abasiriyeli; kuri Shekemu umuryango w’Abashekemu; 32  kuri Shemida+ umuryango w’Abashemida; kuri Heferi+ umuryango w’Abaheferi. 33  Zelofehadi mwene Heferi ntiyaronse abahungu, mugabo yaronse abakobwa+, kandi amazina ya nya bakobwa ba Zelofehadi yari Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza+. 34  Iyo ni yo yari imiryango ya Manase; abanditswe babo bari ibihumbi mirongo itanu na bibiri n’amajana indwi+. 35  Aba ni bo bari bene Efurayimu+ hakurikijwe imiryango yabo: Kuri Shutela+ umuryango w’Abashutela; kuri Bekeri umuryango w’Ababekeri; kuri Tahani+ umuryango w’Abatahani. 36  Kandi aba ni bo bari bene Shutela: Kuri Erani umuryango w’Aberani. 37  Iyo ni yo yari imiryango ya bene Efurayimu+, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana atanu. Abo ni bo bari bene Yozefu hakurikijwe imiryango yabo+. 38  Bene Benyamini+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Bela+ umuryango w’Ababela; kuri Ashubeli+ umuryango w’Abashubeli; kuri Ahiramu umuryango w’Abahiramu; 39  kuri Shefufamu umuryango w’Abashufamu; kuri Hufamu+ umuryango w’Abahufamu. 40  Bene Bela na bo babaye Arudi na Namani+: Kuri Arudi umuryango w’Abarudi; kuri Namani umuryango w’Abanamani. 41  Abo ni bo bari bene Benyamini+ hakurikijwe imiryango yabo; abanditswe babo bari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu+. 42  Aba ni bo bari bene Dani+ hakurikijwe imiryango yabo: Kuri Shuhamu umuryango w’Abashuhamu. Iyo ni yo yari imiryango ya Dani+ hakurikijwe imiryango yabo. 43  Imiryango yose y’Abashuhamu, y’abanditswe babo, bari ibihumbi mirongo itandatu na bine n’amajana ane+. 44  Bene Asheri+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Imuna+ umuryango w’Abimuna; kuri Ishivi+ umuryango w’Abishivi; kuri Beriya umuryango w’Ababeriya; 45  kuri bene Beriya: Kuri Heberi umuryango w’Abaheberi; kuri Malikiyeli+ umuryango w’Abamalikiyeli. 46  Umukobwa wa Asheri yitwa Sera+. 47  Iyo ni yo yari imiryango ya bene Asheri+, y’abanditswe babo: bari ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane+. 48  Bene Nafutali+, hakurikijwe imiryango yabo, babaye aba: Kuri Yahizeyeli+ umuryango w’Abayahizeyeli; kuri Guni+ umuryango w’Abaguni; 49  kuri Yezeri+ umuryango w’Abayezeri; kuri Shilemu+ umuryango w’Abashilemu. 50  Iyo ni yo yari imiryango ya Nafutali+ hakurikijwe imiryango yabo; abanditswe babo bari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana ane+. 51  Abo ni bo bari abanditswe bo muri bene Isirayeli: bari ibihumbi amajana atandatu na kimwe n’amajana indwi na mirongo itatu+. 52  Inyuma y’ivyo Yehova abwira Musa ati: 53  “Abo ni bo igihugu kizogabanganirizwa ngo kibabere intoranwa, hakurikijwe igitigiri c’amazina+. 54  Uze wongereze intoranwa ukurikije ukuntu igitigiri ari kinini, kandi uze ugabanye intoranwa ukurikije ukuntu igitigiri ari gito+. Intoranwa y’umwe wese ize itangwe hakurikijwe uko abanditswe biwe bangana. 55  Igihugu kize kigabanganywe biciye gusa ku bupfindo+. Baze baronke intoranwa hakurikijwe amazina y’imiryango ya ba se. 56  Intoranwa y’umuntu ize igabanganywe hagati ya benshi na bake hakurikijwe ingingo y’ubupfindo.” 57  Aba ni bo bari abanditswe b’Abalewi+ hakurikijwe imiryango yabo: Kuri Gerishoni+ umuryango w’Abagerishoni; kuri Kohati+ umuryango w’Abakohati; kuri Merari+ umuryango w’Abamerari. 58  Iyi ni yo yari imiryango y’Abalewi: umuryango w’Abalibuni+, umuryango w’Abaheburoni+, umuryango w’Abamahili+, umuryango w’Abamushi+, umuryango w’Aba-Kora+. Kohati+ na we yavyaye Amuramu+. 59  Izina ry’umugore wa Amuramu ryari Yokebedi+, umukobwa wa Lewi, umugore wa Lewi akaba yamumuvyariye mu Misiri. Mu nyuma Yokebedi yavyariye Amuramu Aroni na Musa na Miriyamu mushiki wabo+. 60  Maze kuri Aroni havuka Nadabu na Abihu+, Eleyazari na Itamari+. 61  Mugabo Nadabu na Abihu barapfuye kubera bashikirije imbere ya Yehova umuriro utemewe n’amategeko+. 62  Abanditswe babo babaye ibihumbi mirongo ibiri na bitatu, ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga+. Kuko batanditswe muri bene Isirayeli+, kubera yuko ata ntoranwa bohawe muri bene Isirayeli+. 63  Abo ni bo banditswe na Musa na Eleyazari umuherezi, igihe bandika bene Isirayeli mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+. 64  Mugabo muri abo nta mugabo yarimwo wo mu banditswe na Musa na Aroni umuherezi igihe bandika bene Isirayeli mu gahinga ka Sinayi+. 65  Kuko Yehova yari yavuze ku biberekeye ati: “Bazopfira mu gahinga ata kabuza+.” Gutyo nta mugabo yasigaye muri bo kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.

Amakuru yiyongereye