Guharūra 25:1-18
25 Ico gihe Isirayeli yaba i Shitimu+. Nuko abantu batangura gushurashura n’abakobwa ba Mowabu+.
2 Abagore baza gutumira abantu ku bimazi vy’imana zabo+, maze abantu batangura kurya no kwunamira imana zabo+.
3 Gutyo Isirayeli yifatanya na Bayali y’i Peyori+; maze ishavu rya Yehova ritangura kururumbira Isirayeli+.
4 Ku bw’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Tora abakuru bose b’abantu, ubashire ahabona imbere ya Yehova+ ku zuba, kugira ngo ishavu rirurumba rya Yehova risubire inyuma, rive kuri Isirayeli.”
5 Maze Musa abwira abacamanza ba Isirayeli+ ati: “Umwe wese muri mwebwe niyice+ abagabo b’iwabo bifatanije na Bayali y’i Peyori.”
6 Mugabo, ehe umugabo umwe+ wo muri bene Isirayeli araza, kandi yari azanye hafi ya bene wabo umugore w’Umumidiyanikazi+ mu maso ya Musa no mu maso y’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, mu gihe bariko baririra ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.
7 Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari mwene Aroni umuherezi, abibonye, aca arahaguruka ava hagati mw’ikoraniro, atora icumu mu kuboko kwiwe.
8 Akurikira nya mugabo wo muri Isirayeli mw’ihema ryihese, maze abatobekeranya bompi, nya mugabo na nya mugore mu bihimba vyiwe vy’irondoka. Ikiza kibona guhagarara kiva kuri bene Isirayeli+.
9 Abishwe na nya kiza baba ibihumbi mirongo ibiri na bine+.
10 Maze Yehova abwira Musa ati:
11 “Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari mwene Aroni umuherezi, yasubije inyuma uburake bwanje+ buva kuri bene Isirayeli mu kutihanganira ubukeba na bumwe bugirwa kuri jewe hagati muri bo+, ku buryo ntatikije bene Isirayeli, kuko nsaba kwiheberwa jenyene gusa+.
12 Ku bw’ico vuga uti: ‘Ehe ndamuhaye isezerano ryanje ry’amahoro.
13 Rizomubera we n’uruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe isezerano ry’ubuherezi gushika igihe kitagira urugero+, kuko atihanganiye ubukeba bugirwa ku Mana+ yiwe kandi agatangira impongano bene Isirayeli+.’”
14 Nya mugabo w’Umwisirayeli yishwe, akicanwa na nya Mumidiyanikazi, yitwa Zimuri mwene Salu, akaba yari umukuru+ w’inzu ya ba sekuru yo mu Basimeyoni.
15 Nayo nya mugore w’Umumidiyanikazi yishwe yitwa Kozibi umukobwa wa Zuri+; uno yari umukuru w’imiryango y’inzu ya ba sekuru muri Midiyani+.
16 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati:
17 “Abamidiyani nibatotezwe, kandi muze mubice+,
18 kuko bariko babatoteza biciye ku bikorwa vyabo vy’urwenge+ babakoreye ku rwenge mu vy’i Peyori+ no mu vya Kozibi+ umukobwa w’umukuru wo muri Midiyani, mushiki wabo, umwe yicwa+ ku musi wa ca kiza kijanye n’ivyabereye i Peyori+.”