Guharūra 25:1-18

25  Ico gihe Isirayeli yaba i Shitimu+. Nuko abantu batangura gushurashura n’abakobwa ba Mowabu+.  Abagore baza gutumira abantu ku bimazi vy’imana zabo+, maze abantu batangura kurya no kwunamira imana zabo+.  Gutyo Isirayeli yifatanya na Bayali y’i Peyori+; maze ishavu rya Yehova ritangura kururumbira Isirayeli+.  Ku bw’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Tora abakuru bose b’abantu, ubashire ahabona imbere ya Yehova+ ku zuba, kugira ngo ishavu rirurumba rya Yehova risubire inyuma, rive kuri Isirayeli.”  Maze Musa abwira abacamanza ba Isirayeli+ ati: “Umwe wese muri mwebwe niyice+ abagabo b’iwabo bifatanije na Bayali y’i Peyori.”  Mugabo, ehe umugabo umwe+ wo muri bene Isirayeli araza, kandi yari azanye hafi ya bene wabo umugore w’Umumidiyanikazi+ mu maso ya Musa no mu maso y’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, mu gihe bariko baririra ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.  Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari mwene Aroni umuherezi, abibonye, aca arahaguruka ava hagati mw’ikoraniro, atora icumu mu kuboko kwiwe.  Akurikira nya mugabo wo muri Isirayeli mw’ihema ryihese, maze abatobekeranya bompi, nya mugabo na nya mugore mu bihimba vyiwe vy’irondoka. Ikiza kibona guhagarara kiva kuri bene Isirayeli+.  Abishwe na nya kiza baba ibihumbi mirongo ibiri na bine+. 10  Maze Yehova abwira Musa ati: 11  “Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari mwene Aroni umuherezi, yasubije inyuma uburake bwanje+ buva kuri bene Isirayeli mu kutihanganira ubukeba na bumwe bugirwa kuri jewe hagati muri bo+, ku buryo ntatikije bene Isirayeli, kuko nsaba kwiheberwa jenyene gusa+. 12  Ku bw’ico vuga uti: ‘Ehe ndamuhaye isezerano ryanje ry’amahoro. 13  Rizomubera we n’uruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe isezerano ry’ubuherezi gushika igihe kitagira urugero+, kuko atihanganiye ubukeba bugirwa ku Mana+ yiwe kandi agatangira impongano bene Isirayeli+.’” 14  Nya mugabo w’Umwisirayeli yishwe, akicanwa na nya Mumidiyanikazi, yitwa Zimuri mwene Salu, akaba yari umukuru+ w’inzu ya ba sekuru yo mu Basimeyoni. 15  Nayo nya mugore w’Umumidiyanikazi yishwe yitwa Kozibi umukobwa wa Zuri+; uno yari umukuru w’imiryango y’inzu ya ba sekuru muri Midiyani+. 16  Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: 17  “Abamidiyani nibatotezwe, kandi muze mubice+, 18  kuko bariko babatoteza biciye ku bikorwa vyabo vy’urwenge+ babakoreye ku rwenge mu vy’i Peyori+ no mu vya Kozibi+ umukobwa w’umukuru wo muri Midiyani, mushiki wabo, umwe yicwa+ ku musi wa ca kiza kijanye n’ivyabereye i Peyori+.”

Amakuru yiyongereye