Guharūra 24:1-25
24 Balamu abonye ko vyari vyiza mu maso ya Yehova guhezagira Isirayeli, ntiyagenda, nko ku zindi ncuro+, kurondera ibimenyetso bibi na bimwe bitara ibizoba+, mugabo yerekeza mu maso hiwe mu gahinga.
2 Balamu araramuye amaso akabona Isirayeli acumbitse akurikije imiryango yiwe+, impwemu y’Imana ica iza kuri we+.
3 Maze avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:
“Ijambo rya Balamu mwene Beyori,Be n’ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+,
4 Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,Uwabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+
Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+:
5 Ese ukuntu amahema yawe asa neza, ewe Yakobo, amataberenakulo yawe, ewe Isirayeli+!
6 Ashika kure nk’imyonga+,Nk’imirima iri iruhande y’uruzi+.Nk’ibiterwa vy’imibazibazi Yehova yateye,Nk’amasederi ari iruhande y’amazi+.
7 Amazi aguma aseseka avuye mu ndobo ziwe zibiri z’inshato,Kandi imbuto yiwe iri iruhande y’amazi menshi+.Eka umwami+ wiwe azoba hejuru kuruta Agagi+,Kandi ubwami bwiwe buzoshirwa hejuru+.
8 Imana imukuye mu Misiri;Afise ubunyarutsi bw’ishūri y’inyeshamba+.Azoyigiza amahanga, abamuhahaza+Amagufa yabo azoyahekenya+, kandi azobamenaguza imyampi yiwe+.
9 Yarunamye, yararyamye nk’intambwe,Kandi, nk’intambwe, ni nde yubahuka kumuvyura+?Abaguhezagira ni abahezagiwe+,Abakuvuma na bo ni ibivume+.”
10 Ishavu rya Balaki rica rirurumbira Balamu, akubita amashi ku yandi+, hanyuma Balaki abandanya kubwira Balamu ati: “Naguhamagaye ngo uvume+ abansi banje, none ehe wabahezagiye uherezako izi ncuro zitatu zose.
11 Ubu rero iruka uje iwawe. Nari nibwiye yuko ntobuze kugutera iteka+, mugabo ehe Yehova atumye udaterwa iteka.”
12 Balamu na we abwira Balaki ati: “Mbega sinabwiye n’intumwa zawe wantumyeko nti:
13 ‘Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinoshobora kurenga itegeko rya Yehova ngo ngire ico nkora, caba ciza canke kibi kivuye mu mutima wanje bwite; ico Yehova ari buvuge cose ni co nzovuga+’?
14 Ubu rero, ehe ngiye ku bantu banje. Enda nuze, ndakugire inama+ y’ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu nyuma, kw’iherezo ry’imisi+.”
15 Nuko avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:“Ijambo rya Balamu mwene Beyori,Ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+,
16 Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,N’uwuzi ubumenyi bwa Musumbavyose . . .Yarabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+:
17 Nzomubona+, mugabo si ubu;Nzomwitegereza, mugabo si hafi.Inyenyeri+ izova muri Yakobo koko,Kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli+.Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu+N’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara.
18 Kandi Edomu azokwigarurirwa+,Egome, Seyiri+ azokwigarurirwa n’abansi biwe+,Mu gihe Isirayeli azokwerekana umutima rugabo wiwe.
19 Muri Yakobo hazova uwuzogenda kuganza+,Kandi azorandura uwarokotse wese mu gisagara+.”
20 Abonye Amaleki, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati+:“Amaleki yari uwa mbere mu mahanga+,Mugabo iherezo ryiwe mu nyuma rizoba uguhona+.”
21 Abonye Abanyakeni+, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:“Aho uba hararamba, kandi ikibanza ubamwo kiri ku rutare.
22 Mugabo hazoba uwo gutongora Kayine+.Hazoca igihe kingana iki imbere y’uko Ashuri agutwara uri imbohe+?”
23 Nuko ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:“Mbega amagorwa! Ni nde azorokoka Imana niyatuma biba+?
24 Hazoba imeri zivuye ku nkengera ya Kitimu+;Kandi ata gukeka zizoteza amarushwa Ashuri+,Kandi zizoteza koko amarushwa Eberi.Mugabo na we nyene uburuhiro azoyogera.”
25 Inyuma y’ivyo Balamu arahaguruka aragenda, asubira iwe+. Balaki na we nyene arigira.