Guharūra 24:1-25

24  Balamu abonye ko vyari vyiza mu maso ya Yehova guhezagira Isirayeli, ntiyagenda, nko ku zindi ncuro+, kurondera ibimenyetso bibi na bimwe bitara ibizoba+, mugabo yerekeza mu maso hiwe mu gahinga.  Balamu araramuye amaso akabona Isirayeli acumbitse akurikije imiryango yiwe+, impwemu y’Imana ica iza kuri we+.  Maze avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati: “Ijambo rya Balamu mwene Beyori,Be n’ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+,   Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,Uwabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+ Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+:   Ese ukuntu amahema yawe asa neza, ewe Yakobo, amataberenakulo yawe, ewe Isirayeli+!   Ashika kure nk’imyonga+,Nk’imirima iri iruhande y’uruzi+.Nk’ibiterwa vy’imibazibazi Yehova yateye,Nk’amasederi ari iruhande y’amazi+.   Amazi aguma aseseka avuye mu ndobo ziwe zibiri z’inshato,Kandi imbuto yiwe iri iruhande y’amazi menshi+.Eka umwami+ wiwe azoba hejuru kuruta Agagi+,Kandi ubwami bwiwe buzoshirwa hejuru+.   Imana imukuye mu Misiri;Afise ubunyarutsi bw’ishūri y’inyeshamba+.Azoyigiza amahanga, abamuhahaza+Amagufa yabo azoyahekenya+, kandi azobamenaguza imyampi yiwe+.   Yarunamye, yararyamye nk’intambwe,Kandi, nk’intambwe, ni nde yubahuka kumuvyura+?Abaguhezagira ni abahezagiwe+,Abakuvuma na bo ni ibivume+.” 10  Ishavu rya Balaki rica rirurumbira Balamu, akubita amashi ku yandi+, hanyuma Balaki abandanya kubwira Balamu ati: “Naguhamagaye ngo uvume+ abansi banje, none ehe wabahezagiye uherezako izi ncuro zitatu zose. 11  Ubu rero iruka uje iwawe. Nari nibwiye yuko ntobuze kugutera iteka+, mugabo ehe Yehova atumye udaterwa iteka.” 12  Balamu na we abwira Balaki ati: “Mbega sinabwiye n’intumwa zawe wantumyeko nti: 13  ‘Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinoshobora kurenga itegeko rya Yehova ngo ngire ico nkora, caba ciza canke kibi kivuye mu mutima wanje bwite; ico Yehova ari buvuge cose ni co nzovuga+’? 14  Ubu rero, ehe ngiye ku bantu banje. Enda nuze, ndakugire inama+ y’ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu nyuma, kw’iherezo ry’imisi+.” 15  Nuko avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:“Ijambo rya Balamu mwene Beyori,Ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+, 16  Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,N’uwuzi ubumenyi bwa Musumbavyose . . .Yarabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+: 17  Nzomubona+, mugabo si ubu;Nzomwitegereza, mugabo si hafi.Inyenyeri+ izova muri Yakobo koko,Kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli+.Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu+N’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara. 18  Kandi Edomu azokwigarurirwa+,Egome, Seyiri+ azokwigarurirwa n’abansi biwe+,Mu gihe Isirayeli azokwerekana umutima rugabo wiwe. 19  Muri Yakobo hazova uwuzogenda kuganza+,Kandi azorandura uwarokotse wese mu gisagara+.” 20  Abonye Amaleki, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati+:“Amaleki yari uwa mbere mu mahanga+,Mugabo iherezo ryiwe mu nyuma rizoba uguhona+.” 21  Abonye Abanyakeni+, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:“Aho uba hararamba, kandi ikibanza ubamwo kiri ku rutare. 22  Mugabo hazoba uwo gutongora Kayine+.Hazoca igihe kingana iki imbere y’uko Ashuri agutwara uri imbohe+?” 23  Nuko ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:“Mbega amagorwa! Ni nde azorokoka Imana niyatuma biba+? 24  Hazoba imeri zivuye ku nkengera ya Kitimu+;Kandi ata gukeka zizoteza amarushwa Ashuri+,Kandi zizoteza koko amarushwa Eberi.Mugabo na we nyene uburuhiro azoyogera.” 25  Inyuma y’ivyo Balamu arahaguruka aragenda, asubira iwe+. Balaki na we nyene arigira.

Amakuru yiyongereye