Guharūra 23:1-30
23 Maze Balamu abwira Balaki ati: “Nyubakira aha hantu ibicaniro indwi+ wongere untegurire aha nyene amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi.”
2 Balaki aca akora nk’uko Balamu avuze. Inyuma y’ivyo, Balaki na Balamu bashikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.
3 Balamu abandanya kubwira Balaki ati: “Hagarara iruhande y’ishikanwa ryawe riturirwa+, hanyuma undeke ngende. Hari aho Yehova yobonana nanje, agahura nanje+. Ico ari bunyereke cose rero, simbura kukikubwira.” Nuko aja ku murambi ugaragara.
4 Imana ibonanye na Balamu+, ayibwira ati: “Nashinze vya bicaniro indwi ndabitondetse ku misitari, maze nshikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.”
5 Yehova rero ashira ijambo mu kanwa ka Balamu+, avuga ati: “Subira kuri Balaki, maze uku abe ari ko uvuga+.”
6 Nuko asubira kuri we, kandi ehe we n’abaganwa bose ba Mowabu bari bahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe.
7 Maze avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:“Balaki umwami wa Mowabu yagerageje kundongōra ankuye i Aramu+,Ankuye mu misozi yo mu buseruko, ambwira ati:‘Nuze umvumire Yakobo.Egome, nuze usibe Isirayeli+.’
8 Mbega noshobora nte kuvuma abo Imana itavumye+?Kandi noshobora nte gusiba abo Yehova atasivye+?
9 Kuko ndababona ndi kw’isonga ry’ibitandara,Nkabitegereza ndi ku mirambi.Uko bagize igisata, baguma bacumbitse hariya bari ukwa bonyene+,Kandi ntibiharura mu mahanga+.
10 Ni nde yaharūye udutete tw’umukungugu twa Yakobo+,Kandi ni nde yaharūye ica kane ca Isirayeli?Nimpfe urupfu rw’abagororotsi+,Iherezo ryanje na ryo mu nyuma ribe nk’iryabo+.”
11 Nuko Balaki abwira Balamu ati: “Unkoreye ibiki? Nakuzanye ngo uvume abansi banje, none ehe wabahezagiye uherezako+.”
12 Na we arishura ati: “Mbega ico Yehova ashize mu kanwa kanje cose si co nkwiye kwitwararika kuvuga+?”
13 Maze Balaki amubwira ati: “Ndakwinginze uze tujane ahandi hantu ushobora kubabona+. Uza kubona gusa igice cabo co ku mpera; ntuza kubabona bose. Uheze ubamvumire uri ng’aho+.”
14 Nuko amujana mu gahinga ka Zofimu, kw’isonga rya Pisiga+, maze atangura kwubaka ibicaniro indwi no gushikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.
15 Inyuma y’ivyo abwira Balaki ati: “Hagarara ng’aha iruhande y’ishikanwa ryawe riturirwa, nanje mbonanire na we hariya.”
16 Mu nyuma Yehova abonana na Balamu maze ashira ijambo mu kanwa kiwe, avuga ati+: “Subira kuri Balaki+, kandi uku abe ari ko umubwira.”
17 Nuko aza kuri we, kandi ehe yari ahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe, ari kumwe n’abaganwa ba Mowabu bose. Maze Balaki amubwira ati: “Yehova yavuze iki?”
18 Na we avuga ijambo ryiwe ry’akagani ati+:“Haguruka Balaki, wumvirize.Ntega ugutwi, ewe mwene Zipori+.
19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?
20 Ehe nazanywe kugira mpezagire,Na yo yahezagiye+, kandi sindi bubisubize inyuma+.
21 Ntiyitegereje ububasha bw’ivy’amageza+ na bumwe bwo kugirira nabi Yakobo,Kandi nta vyago yabonye kuri Isirayeli.Yehova Imana yiwe ari kumwe na we+,Kandi muri we hasamirana impundu y’umwami.
22 Imana ibakuye mu Misiri+.Afise ubunyarutsi nk’ubw’ishūri y’inyeshamba+.
23 Kuko ata mutongero mubi uhari wo kugirira nabi Yakobo+,Canke ukuragura na kumwe kwo kugirira nabi Isirayeli+.Ubu vyovugwa ku bijanye na Yakobo na Isirayeli ngo:‘Ico Imana yakoze+!’
24 Raba, igisata c’abantu kizohaguruka nk’intambwe,Ciduze nk’intambwe+.Ntikizoryama kitararya ico cacakiye,Kandi kizonywa amaraso y’abagandaguwe+.”
25 Nuko Balaki abwira Balamu ati: “Nimba udashoboye kumuvuma, pfuma rero ureka no kumuhezagira.”
26 Balamu na we yishura Balaki ati: “Sinakubwiye none nti: ‘Ivyo Yehova aza kumbwira vyose ni vyo nza gukora+’?”
27 Maze Balaki abwira Balamu ati: “Enda nuze, ndakwinginze, nongere ndakujane ahandi hantu! Hari aho vyoba ibibereye mu maso y’Imana y’ukuri, ku buryo utabura kumumvumira uri ng’aho+.”
28 Nuko Balaki ajana Balamu kw’isonga rya Peyori riraba i Yeshimoni+.
29 Maze Balamu+ abwira Balaki ati: “Nyubakira aha hantu ibicaniro indwi wongere untegurire aha nyene amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi+.”
30 Balaki rero akora nk’uko Balamu avuze, ashikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.