Guharūra 22:1-41
22 Maze bene Isirayeli baragenda, bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+, hakurya ya Yorodani uvuye i Yeriko.
2 Nuko Balaki+ mwene Zipori abona ivyo Isirayeli yari yakoreye Abamori vyose.
3 Maze Mowabu agirira ubwoba bwinshi abo bantu, kuko bari benshi; Mowabu atangura kugira ubwoba arashegeshwa kubera bene Isirayeli+.
4 Nuko Mowabu abwira abagabo b’inararibonye ba Midiyani+ ati: “Ubu iri shengero rizofyeta imicungararo yacu yose nka kurya ishūri ifyeta ivyatsi bitoto vy’ishamba.”
Balaki+ mwene Zipori yari umwami wa Mowabu ico gihe nyene.
5 Nuko atuma intumwa kuri Balamu+ mwene Beyori i Petori+, iruhande ya rwa Ruzi+ rwo mu gihugu c’ab’iwabo, kumuhamagara, mu kuvuga ati: “Ehe! Hari abantu baje bavuye mu Misiri. Ehe! Bapfutse isi gushika aho umuntu ageza amaso+, kandi baba neza na neza imbere yanje.
6 Ubu rero, ndakwinginze uze, umvumire+ aba bantu, kuko bandusha ubushobozi. Hari aho nobanesha, nkabirukana mu gihugu; kuko nzi neza yuko uwo uhezagiye aba ahezagiwe, uwo uvumye na we akaba avumwe+.”
7 Nuko abagabo b’inararibonye ba Mowabu n’abagabo b’inararibonye ba Midiyani bafata urugendo bafise mu maboko yabo indishi y’indagu+, baja kuri Balamu+ maze bamubwira amajambo ya Balaki.
8 Na we ababwira ati: “Nimurare ng’aha iri joro, nanje nzobishura ata gukeka nk’uko Yehova azoba yambwiye+.” Nuko rero nya baganwa ba Mowabu bagumana na Balamu.
9 Maze Imana iza kuri Balamu, ivuga iti+: “Abo bagabo bari kumwe nawe ni bande?”
10 Balamu na we abwira Imana y’ukuri ati: “Balaki+ mwene Zipori, umwami wa Mowabu, yantumyeko ati:
11 ‘Ehe abantu bariko baza bavuye mu Misiri, kandi bapfutse isi gushika aho umuntu ageza amaso+. Ndagusavye rero uze, ubamvumire+. Hari aho noshobora kubarwanya, nkabirukana koko.’”
12 Mugabo Imana ibwira Balamu iti: “Ntuze ujane na bo. Ntuze uvume abo bantu+, kuko bahezagiwe+.”
13 Inyuma y’ivyo Balamu ahaguruka mu gitondo, abwira nya baganwa ba Balaki ati: “Nimugende mu gihugu canyu, kuko Yehova yanyankiye kujana namwe.”
14 Nuko abaganwa ba Mowabu barahaguruka, baza kuri Balaki maze bavuga bati: “Balamu yanse kuzanana natwe+.”
15 Ariko Balaki yongera gutuma abandi baganwa benshi kuruta aba mbere kandi b’iteka kubaruta.
16 Na bo baza kuri Balamu, bamubwira bati: “Ibi ni vyo Balaki mwene Zipori avuze: ‘Ndakwinginze ntihagire ikikubuza kuza kuri jewe.
17 Kuko ntazobura kugutera iteka ryinshi+, kandi ico uzombwira cose nzogikora+. Ndakwinginze rero uze, umvumire aba bantu.’”
18 Mugabo Balamu yishura nya basuku ba Balaki ati: “Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinoshobora kurenga itegeko rya Yehova Imana yanje, ngo ngire ico nkora, caba gito canke kinini+.
19 Ubu rero, ndabinginze murare ng’aha iri joro kugira ngo menye ikindi Yehova aza kumbwira+.”
20 Maze Imana iza kuri Balamu mw’ijoro, imubwira iti: “Nimba aba bagabo bazanywe no kuguhamagara, haguruka ujane na bo. Mugabo ijambo nzokubwira ni ryo gusa uzovuga+.”
21 Inyuma y’ivyo Balamu avyuka mu gitondo, ashira itandiko ku ndogobwa yiwe y’ingore, ajana na nya baganwa ba Mowabu+.
22 Mugabo ishavu ry’Imana ritangura kururumba kubera yari agiye; nuko umumarayika wa Yehova ahagarara mu nzira kugira amurwanye+. Yariko agendera ku ndogobwa yiwe y’ingore, abasuku biwe babiri bari kumwe na we.
23 Nuko nya ndogobwa ibona umumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira, yasokoye inkota yiwe ayifise mu kuboko+; maze nya ndogobwa igerageza gukevya ngo ive muri nya nzira kugira ije mu murima, mugabo Balamu atangura kuyikubita kugira ayigarure mu nzira.
24 Umumarayika wa Yehova yaguma ahagaze muri nya nzira yaga hagati y’imirima y’imizabibu, irya n’ino hakaba hari uruhome rw’amabuye.
25 Kandi nya ndogobwa yaguma ibona umumarayika wa Yehova; nuko yifyondera ku ruhome, gutyo ifyondera ikirenge ca Balamu kuri nya ruhome, na we yongera kuyikubita.
26 Buno nya mumarayika wa Yehova asubira kurengana, ahagarara ahantu haga ata nzira yari ihari yo gukeberezamwo iburyo canke ibubamfu.
27 Nya ndogobwa ibonye umumarayika wa Yehova ica iryama munsi ya Balamu, ku buryo ishavu rya Balamu rirurumba+, akaguma ayikubita inkoni yiwe.
28 Amaherezo Yehova yugurura umunwa w’iyo ndogobwa+, maze ibwira Balamu iti: “Mbega nagukoreye iki ngo unkubite izi ncuro zitatu zose+?”
29 Balamu aca abwira nya ndogobwa ati: “Ni kubera yuko wambereye ruburakigongwe. Iyo gusa ngira inkota mu kuboko kwanje, ubu nari kuba nakwishe+!”
30 Maze nya ndogobwa ibwira Balamu iti: “Mbega sindi indogobwa yawe wagendeyeko ubuzima bwawe bwose gushika uyu musi? None narigeze kuba ndakugirira gutya+?” Na we avuga ati: “Oya!”
31 Nuko Yehova apfukura amaso+ ya Balamu, ku buryo abona umumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira, yasokoye inkota yiwe ayifise mu kuboko. Aca arunama, akubita inkoro hasi yubamye.
32 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Kubera iki indogobwa yawe wayikubise izo ncuro zitatu zose? Ehe jewe, jewe nasohotse kukuzibira, kuko inzira yawe yahurudukiye kurwanya ukugomba kwanje+.
33 Indogobwa yawe yambonye ica igerageza gukevya imbere yanje izi ncuro zitatu zose+. Dufate iyo itaba yakebeje ngo ive imbere yanje! Ubu ni wewe mba nishe+, mugabo yo nkayizigamira ubuzima.”
34 Balamu aca abwira umumarayika wa Yehova ati: “Nacumuye+, kuko ntari nzi yuko ari wewe wari uhagaze mu nzira kugira uhure nanje. None rero, nimba ari bibi mu maso yawe, nundeke nsubire inyuma.”
35 Mugabo umumarayika wa Yehova abwira Balamu ati: “Jana n’abo bagabo+; kandi ntihaze hagire ikindi uvuga atari ijambo nzokubwira+.” Nuko Balamu abandanya kujana n’abaganwa ba Balaki.
36 Balaki yumvise yuko Balamu yaje, aca arasohoka kumusanganira mu gisagara ca Mowabu kiri ku nkombe ya Arunoni, iyiri ku mpera ya nya karere+.
37 Maze Balaki abwira Balamu ati: “Mbega sinagutumyeko abaza kuguhamagara? Kubera iki utaje iwanje? Mbega sinshoboye kugutera iteka koko kandi vy’ukuri+?”
38 Balamu aca abwira Balaki ati: “Ehe rero naje iwawe. Mbega nzoshobora hoho kugira ico mvuze+? Ijambo Imana izoshira mu kanwa kanje ni ryo nzovuga+.”
39 Balamu araheza ajana na Balaki, bashika i Kiriyati-huzoti.
40 Nuko Balaki ashikana inka n’intama+ yongera arungikira bimwe Balamu n’abaganwa bari kumwe na we.
41 Mu gitondo Balaki atora Balamu, amudugana i Bamoti-bayali+, kugira abone nya bantu bose ari ng’aho+.