Guharūra 21:1-35

21  Buno Umunyakanani, umwami wa Aradi+, uwaba muri Negebu+, yumva yuko Isirayeli yari izananye inzira ya Atarimu; atangura rero kurwana na Isirayeli maze ajana bamwe muri bo ari imbohe.  Nuko rero Isirayeli iraganira indagano Yehova iti+: “Niwatanga koko aba bantu mu kuboko kwanje, nanje nzotikiza ibisagara vyabo ata kabuza+.”  Yehova yumviriza rero ijwi rya Isirayeli, atanga Abanyakanani; nuko barabatikiza, bo n’ibisagara vyabo. Ku bw’ivyo aho hantu bahita Horuma+.  Bakibandanya kugenda bavuye ku musozi Horo+ baciye mu nzira y’ikiyaga Gitukura kugira ngo bazunguruke igihugu ca Edomu+, abantu batangura kuruhishwa n’urugendo.  Kandi abantu baguma bavuga nabi Imana+ na Musa+ ngo: “Kubera iki mwatuduganye mudukuye mu Misiri kugira dupfire mu gahinga+? Kuko ata mukate n’amazi bihari+, kandi dusigaye twarazinutswe uyu mukate ugayitse+.”  Nuko Yehova arungika inzoka z’ubumara+ mu bantu, ziguma zikomora abantu, ku buryo abantu benshi ba Isirayeli bapfa+.  Amaherezo abantu baza kuri Musa, bavuga bati: “Twacumuye+, kuko twavuze nabi Yehova na wewe. Takambira Yehova adukureko izi nzoka+.” Nuko Musa aratakamba ku bw’abantu+.  Maze Yehova abwira Musa ati: “Niwihingurire inzoka y’ubumara*, uyishire ku gikingi c’ikimenyetso. Uku ni ko biza kugenda: umuntu niyakomorwa, aze rero kuyiraba, gutyo agume ari muzima+.”  Ako kanya Musa ahingura inzoka y’umujumpu+ araheza ayishira kuri nya gikingi c’ikimenyetso+; nuko mu gihe inzoka yaba iriye umuntu hanyuma agahanga amaso+ nya nzoka y’umujumpu, yaca aguma ari muzima+. 10  Inyuma y’ivyo bene Isirayeli baragenda hanyuma bakambika i Oboti+. 11  Maze baragenda bavuye i Oboti hanyuma bakambika i Iye-abarimu+, mu gahinga kari imbere ya Mowabu, iyo izuba rirasira. 12  Bava ng’aho baragenda hanyuma bakambika iruhande y’umwonga wa Zeredi+. 13  Bava ng’aho baragenda hanyuma bakambika mu karere ka Arunoni+, akari mu gahinga kava ku mupaka w’Abamori; kuko Arunoni ari urubibe rwa Mowabu, ruri hagati ya Mowabu n’Abamori. 14  Ni co gituma bivugwa mu gitabu c’Intambara za Yehova ngo: “Vahebu muri Sufa n’imyonga ya Arunoni, 15  be n’umunwa w’imyonga, uwiheteye amaja ku cicaro ca Ari+ kandi ukaba wegamiye umupaka wa Mowabu.” 16  Bava ng’aho baja i Beyeri+. Iryo ni ryo riba Yehova yabwiye Musa ku biryerekeye ati: “Koranya abantu, ndabahe amazi+.” 17  Ico gihe Isirayeli itangura kuririmba uru ruririmbo+:“Dudubiza, wa riba we! Nimuryishure! 18  Iriba, abaganwa bararyimvye. Abanyacubahiro b’abantu bararyimburuye,N’inkoni ya kizigenza+, n’inkoni zabo bwite.” Hanyuma bava mu gahinga baja i Matana. 19  Hanyuma bava i Matana baja i Nahaliyeli, maze bava i Nahaliyeli baja i Bamoti+. 20  Hanyuma bava i Bamoti baja mu mubande uri mu karere ka Mowabu+, kw’isonga rya Pisiga+ rihanamye riraba imbere ya Yeshimoni+. 21  Nuko Isirayeli ituma intumwa kuri Sihoni+ umwami w’Abamori, iti: 22  “Ndeka ndengane nciye mu gihugu cawe. Ntituzokebereza mw’itongo canke mu murima w’imizabibu. Ntituzonywa amazi y’iriba na rimwe. Tuzogendera mu nzira y’umwami gushika turenganye akarere kawe+.” 23  Sihoni ntiyemerera Isirayeli guca mu karere kiwe+, mugabo Sihoni akoranya abantu biwe bose maze asohoka guhura na Isirayeli mu gahinga, ashika i Yahazi+ hanyuma atangura kurwana na Isirayeli. 24  Nuko Isirayeli imukubitisha ubugi bw’inkota+ maze yigarurira igihugu ciwe+ kuva kuri Arunoni+ gushika kuri Yaboki+, hafi ya bene Amoni; kuko Yazeri+ ari umupaka wa bene Amoni+. 25  Gutyo Isirayeli ifata ivyo bisagara vyose, maze Isirayeli itangura kuba mu bisagara vyose vy’Abamori+, i Heshiboni+ no mu bisagara bihakukira vyose. 26  Kuko Heshiboni cari igisagara ca Sihoni+. Uno yari umwami w’Abamori+, kandi ni we yarwanye n’umwami wa Mowabu kera, agakura igihugu ciwe cose mu kuboko kwiwe gushika kuri Arunoni+. 27  Ni co gituma abavuga amajambo ndyoshamvugo y’agahemo wasanga bavuga ngo:“Ingo i Heshiboni.Igisagara ca Sihoni nicubakwe kandi kibe igihamangiye. 28  Kuko umuriro wavuye i Heshiboni+, urubeya rukava mu gisagara ca Sihoni.Rwayigije Ari+ h’i Mowabu, bene ibibanza bikirurutse* vya Arunoni. 29  Uragowe Mowabu! Ntimuzobura kuzimangana, yemwe bantu ba Kemoshi+!Ntazobura gutanga abahungu biwe nk’abarokotse, n’abakobwa biwe ngo bagirwe imbohe ku mwami w’Abamori, Sihoni. 30  Reka rero tubarase.Heshiboni ntazobura kuzimangana gushika i Diboni+,N’abagore gushika i Nofa, abagabo gushika i Medeba+.” 31  Nuko Isirayeli itangura kuba mu gihugu c’Abamori+. 32  Maze Musa atuma bamwe gutata Yazeri+. Nuko bafata ibisagara bihakukira bongera bomora Abamori bariyo+. 33  Inyuma y’ivyo barahindukira, badugana inzira ya Bashani+. Ogi+ umwami wa Bashani aca arasohoka guhura na bo, we hamwe n’abantu biwe bose, mu rugamba rw’i Edireyi+. 34  Nuko Yehova abwira Musa ati: “Ntumutinye+, kuko ntazobura kumutanga mu kuboko kwawe, we n’abantu biwe bose n’igihugu ciwe+; uze umugirire nk’uko wagiriye Sihoni, umwami w’Abamori, uwahora aba i Heshiboni+.” 35  Nuko bamwicana n’abahungu biwe n’abantu biwe bose, gushika n’aho adasigarana n’umwe acitse kw’icumu+; hanyuma bigarurira igihugu ciwe+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “inzoka iturira.”
Raba Inyongera ya 21.