Guharūra 20:1-29

20  Bene Isirayeli, ikoraniro ryose, bashika mu gahinga ka Zini+ mu kwezi kwa mbere, maze abantu baba i Kadeshi+. Aho ni ho Miriyamu+ yapfiriye kandi ni ho yahambwe.  Kandi nta mazi yariho ku bw’ikoraniro+, maze batangura gukoranira kurwanya Musa na Aroni+.  Abantu batonganya+ Musa, bavuga ngo: “Ese iyo dupfuma ducikana igihe bene wacu bacikanira imbere ya Yehova+!  Kubera iki mwazanye ishengero rya Yehova muri aka gahinga kugira ngo twe n’ibitwazi vyacu tuhapfire+?  Kandi kubera iki mwatuduganye mudukuye mu Misiri mukatuzana aha hantu habi+? Si ahantu hamera imbuto n’insukoni n’imizabibu n’amakomamanga+, kandi nta mazi yo kunywa ariho.”  Maze Musa na Aroni baza ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro bavuye imbere y’ishengero baraheza bagwa bubamye+, hanyuma ubuninahazwa bwa Yehova butangura kubabonekera+.  Maze Yehova abwira Musa ati:  “Tora ya nkoni+ hanyuma ukoranye ikoraniro, wewe na Aroni mwene wanyu, muheze mubwire urutare mu maso yabo kugira rutange amazi yarwo; ubakurire amazi muri nya rutare, uhe ikoraniro n’ibitwazi vyabo binywe+.”  Nuko Musa atora nya nkoni ayikuye imbere ya Yehova+, nk’uko yari amutegetse. 10  Musa na Aroni bakoraniriza ishengero imbere ya nya rutare, maze Musa ababwira ati: “Umve rero, mwa bagarariji+ mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi+?” 11  Musa aca aduza ukuboko, akubita nya rutare n’inkoni yiwe incuro zibiri; nuko amazi menshi atangura gusohoka, ikoraniro n’ibitwazi vyabo bitangura kunywa+. 12  Mu nyuma Yehova abwira Musa na Aroni ati: “Kubera ko mutagaragaje ko munyizera ngo munyeze+ mu maso ya bene Isirayeli, ku bw’ivyo ntimuzokwinjiza iri shengero mu gihugu nzobaha ata kabuza+.” 13  Ayo ni yo mazi y’i Meriba*+, kuko bene Isirayeli batonganije Yehova, ku buryo yezwa muri bo. 14  Mu nyuma Musa atuma intumwa ku mwami wa Edomu+ zivuye i Kadeshi, ati: “Ibi ni vyo mwene wanyu Isirayeli+ avuze: ‘Wewe ubwawe urazi amagume yose yadushitseko+. 15  Ba data baramanutse mu Misiri+, hanyuma tubandanya kuba mu Misiri imisi myinshi+; maze Abanyamisiri batangura kutugirira nabi twe na ba data+. 16  Amaherezo twaratakambiye Yehova+ na we arumva ijwi ryacu maze arungika umumarayika+, adukura mu Misiri; none ehe turi i Kadeshi, igisagara kiri ku mpera y’akarere kawe. 17  Turakwinginze ureke duce mu gihugu cawe. Ntituzoca mw’itongo canke mu murima w’imizabibu, kandi ntituzonywa amazi y’iriba. Tuzogendera mu nzira y’umwami+. Ntituzokebereza iburyo canke ibubamfu+, gushika turenganye akarere kawe.’” 18  Ariko Edomu amubwira ati: “Ntuze uce iwanje, kugira simpave nsohoka n’inkota guhura nawe.” 19  Bene Isirayeli na bo bamubwira bati: “Tuzodugana inzira y’ikirari; kandi jewe n’ibitungwa vyanje nitwanywa amazi yawe, sinzobura rero gutanga ico aciye+. Nta kindi nshaka atari ukuhaca n’amaguru+.” 20  Mugabo avuga ati: “Ntuzohaca+.” Nuko Edomu+ arasohoka guhura na we ari n’abantu benshi cane n’ikiganza gikomeye. 21  Gutyo Edomu yankira Isirayeli guca mu karere kiwe+. Ku bw’ivyo Isirayeli akebereza kure yiwe+. 22  Nuko bene Isirayeli, ikoraniro ryose, baragenda bavuye i Kadeshi+ hanyuma bashika ku musozi Horo+. 23  Maze Yehova abwira Musa na Aroni ku musozi Horo, iruhande y’umupaka w’igihugu ca Edomu, ati: 24  “Aroni agiye guhamvya ab’iwabo+, kuko atazokwinjira mu gihugu ntazobura guha bene Isirayeli, kuko mwagararije itegeko ryanje ku bijanye na ya mazi y’i Meriba+. 25  Fata Aroni na Eleyazari umuhungu wiwe ubadugane ku musozi Horo. 26  Maze wambure Aroni impuzu ziwe+, uzambike Eleyazari+ umuhungu wiwe; Aroni araheza ahamvye ab’iwabo, apfire ng’aho+.” 27  Nuko Musa akora nk’uko Yehova yari ategetse; baduga umusozi Horo ikoraniro ryose ribona. 28  Maze Musa yambura Aroni impuzu ziwe, azambika Eleyazari umuhungu wiwe; inyuma y’ivyo Aroni apfira ng’aho kw’isonga ry’umusozi+. Nuko Musa na Eleyazari baramanuka bavuye kuri uwo musozi. 29  Ikoraniro ryose ribona ko Aroni yari yacikanye, maze inzu ya Isirayeli yose iririra Aroni imisi mirongo itatu+.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura “Ugutongana; ugushihana; amahane.”