Guharūra 2:1-34

2  Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati:  “Bene Isirayeli baze bakambike, umuntu wese iruhande y’umugabane wiwe ugizwe n’imiryango itatu+, iruhande y’ibimenyetso vy’inzu ya ba se. Baze bakambike irya n’ino y’ihema ry’ihuriro.  “Abazokambika amaja mu buseruko, amaja i burasirazuba, ni umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Yuda hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Yuda akaba ari Nahashoni+ mwene Aminadabu.  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo irindwi na bine n’amajana atandatu+.  Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Isakari+, umukuru wa bene Isakari akaba ari Netaneli+ mwene Zuwari.  Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane+.  Hakurikire umuryango wa Zebuloni; umukuru wa bene Zebuloni ni Eliyabu+ mwene Heloni.  Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane+.  “Abanditswe bose b’ikambi ya Yuda ni ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitandatu n’amajana ane hakurikijwe ingabo zabo. Baze bagende ubwa mbere+. 10  “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Rubeni+ uzoba amaja mu bumanuko, hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Rubeni akaba ari Elizuri+ mwene Shedewuri. 11  Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu+. 12  Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Simeyoni, umukuru wa bene Simeyoni akaba ari Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi. 13  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu+. 14  Hakurikire umuryango wa Gadi; umukuru wa bene Gadi ni Eliyasafu+ mwene Reyuweli. 15  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu+. 16  “Abanditswe bose b’ikambi ya Rubeni ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na kimwe n’amajana ane na mirongo itanu hakurikijwe ingabo zabo; baze bagende ubwa kabiri+. 17  “Ihema ry’ihuriro+ niryagenda, ikambi y’Abalewi+ izoba hagati y’amakambi. “Nk’uko bazokambika, ni ko bazogenda+, umwe wese mu kibanza ciwe, nk’uko imigabane yabo igizwe n’imiryango itatu iri. 18  “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Efurayimu+, hakurikijwe ingabo zabo, uzoba amaja mu burengero, umukuru wa bene Efurayimu akaba ari Elishama+ mwene Amihudi. 19  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu+. 20  Iruhande yiwe hazoba umuryango wa Manase+, umukuru wa bene Manase akaba ari Gamaliyeli+ mwene Pedahazuri. 21  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri+. 22  Hakurikire umuryango wa Benyamini+; umukuru wa bene Benyamini ni Abidani+ mwene Gideyoni. 23  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane+. 24  “Abanditswe bose b’ikambi ya Efurayimu ni ibihumbi ijana n’umunani n’ijana, hakurikijwe ingabo zabo; baze bagende ubwa gatatu+. 25  “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Dani uzoba amaja mu buraruko hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Dani akaba ari Ahiyezeri+ mwene Amishadayi. 26  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi+. 27  Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Asheri, umukuru wa bene Asheri akaba ari Pagiyeli+ mwene Okarani. 28  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu+. 29  Hakurikire umuryango wa Nafutali+; umukuru wa bene Nafutali ni Ahira+ mwene Enani. 30  Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane+. 31  “Abanditswe bose b’ikambi ya Dani ni ibihumbi ijana na mirongo itanu n’indwi n’amajana atandatu. Baze bagende ubwa nyuma+, nk’uko imigabane yabo igizwe n’imiryango itatu iri.” 32  Abo ni bo babaye abanditswe bo muri bene Isirayeli nk’uko inzu ya ba se iri; abanditswe bose bo muri ayo makambi hakurikijwe ingabo zabo bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu+. 33  Mugabo Abalewi ntibanditswe+ muri bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yategetse Musa. 34  Nuko bene Isirayeli bakora bisunze ivyo Yehova yari yategetse Musa+ vyose. Ukwo ni ko bakambika mu migabane yabo igizwe n’imiryango itatu+, kandi ukwo ni ko bagenda+, umwe wese akurikije imiryango yiwe, afatiye ku nzu ya ba se.

Amakuru yiyongereye