Guharūra 2:1-34
2 Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati:
2 “Bene Isirayeli baze bakambike, umuntu wese iruhande y’umugabane wiwe ugizwe n’imiryango itatu+, iruhande y’ibimenyetso vy’inzu ya ba se. Baze bakambike irya n’ino y’ihema ry’ihuriro.
3 “Abazokambika amaja mu buseruko, amaja i burasirazuba, ni umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Yuda hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Yuda akaba ari Nahashoni+ mwene Aminadabu.
4 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo irindwi na bine n’amajana atandatu+.
5 Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Isakari+, umukuru wa bene Isakari akaba ari Netaneli+ mwene Zuwari.
6 Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane+.
7 Hakurikire umuryango wa Zebuloni; umukuru wa bene Zebuloni ni Eliyabu+ mwene Heloni.
8 Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane+.
9 “Abanditswe bose b’ikambi ya Yuda ni ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitandatu n’amajana ane hakurikijwe ingabo zabo. Baze bagende ubwa mbere+.
10 “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Rubeni+ uzoba amaja mu bumanuko, hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Rubeni akaba ari Elizuri+ mwene Shedewuri.
11 Ingabo ziwe be n’abanditswe biwe ni ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu+.
12 Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Simeyoni, umukuru wa bene Simeyoni akaba ari Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi.
13 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu+.
14 Hakurikire umuryango wa Gadi; umukuru wa bene Gadi ni Eliyasafu+ mwene Reyuweli.
15 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu+.
16 “Abanditswe bose b’ikambi ya Rubeni ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na kimwe n’amajana ane na mirongo itanu hakurikijwe ingabo zabo; baze bagende ubwa kabiri+.
17 “Ihema ry’ihuriro+ niryagenda, ikambi y’Abalewi+ izoba hagati y’amakambi.
“Nk’uko bazokambika, ni ko bazogenda+, umwe wese mu kibanza ciwe, nk’uko imigabane yabo igizwe n’imiryango itatu iri.
18 “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Efurayimu+, hakurikijwe ingabo zabo, uzoba amaja mu burengero, umukuru wa bene Efurayimu akaba ari Elishama+ mwene Amihudi.
19 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu+.
20 Iruhande yiwe hazoba umuryango wa Manase+, umukuru wa bene Manase akaba ari Gamaliyeli+ mwene Pedahazuri.
21 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri+.
22 Hakurikire umuryango wa Benyamini+; umukuru wa bene Benyamini ni Abidani+ mwene Gideyoni.
23 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane+.
24 “Abanditswe bose b’ikambi ya Efurayimu ni ibihumbi ijana n’umunani n’ijana, hakurikijwe ingabo zabo; baze bagende ubwa gatatu+.
25 “Umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Dani uzoba amaja mu buraruko hakurikijwe ingabo zabo, umukuru wa bene Dani akaba ari Ahiyezeri+ mwene Amishadayi.
26 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi+.
27 Abazokambika iruhande yiwe ni umuryango wa Asheri, umukuru wa bene Asheri akaba ari Pagiyeli+ mwene Okarani.
28 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu+.
29 Hakurikire umuryango wa Nafutali+; umukuru wa bene Nafutali ni Ahira+ mwene Enani.
30 Ingabo ziwe be n’abanditswe bo muri bo ni ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane+.
31 “Abanditswe bose b’ikambi ya Dani ni ibihumbi ijana na mirongo itanu n’indwi n’amajana atandatu. Baze bagende ubwa nyuma+, nk’uko imigabane yabo igizwe n’imiryango itatu iri.”
32 Abo ni bo babaye abanditswe bo muri bene Isirayeli nk’uko inzu ya ba se iri; abanditswe bose bo muri ayo makambi hakurikijwe ingabo zabo bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu+.
33 Mugabo Abalewi ntibanditswe+ muri bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
34 Nuko bene Isirayeli bakora bisunze ivyo Yehova yari yategetse Musa+ vyose. Ukwo ni ko bakambika mu migabane yabo igizwe n’imiryango itatu+, kandi ukwo ni ko bagenda+, umwe wese akurikije imiryango yiwe, afatiye ku nzu ya ba se.