Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Guharūra 19:1-22

19  Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati:  “Iki ni icagezwe c’itegeko Yehova ategetse ati: ‘Bwira bene Isirayeli baze bagutorere inka y’akagajo itagira akanenge, itagira agahonzi+ kandi itagiyeko ingǒgo*+.  Muze muyihe Eleyazari umuherezi, na we aze ayijane hanze y’ikambi, hanyuma ikerererwe imbere yiwe.  Maze Eleyazari umuherezi aze atore makeyi ku maraso yayo n’urutoke rwiwe, hanyuma acucagire makeyi ku maraso yayo neza na neza imbere y’ihema ry’ihuriro incuro indwi+.  Maze nya nka ize ituririrwe mu maso yiwe. Urushato rwayo n’inyama zayo n’amaraso yayo hamwe n’amayezi yayo bizoturirwa+.  Umuherezi aze atore igiti c’isederi+ na ezobu+ n’igitambara c’ibara ry’agahama*+, abiterere hagati mu muriro uriko uturira nya nka.  Umuherezi aze amese impuzu ziwe kandi yuhagire umubiri wiwe mu mazi; mu nyuma azoshobora kwinjira mw’ikambi; mugabo uwo muherezi aze abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.  “‘Uwayituriye na we azomesa impuzu ziwe mu mazi, kandi aze yuhagire umubiri wiwe mu mazi+; aze abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.  “‘Umugabo adahumanye aze yegeranye iminyota+ ya nya nka maze ayishire inyuma y’ikambi ahantu hadahumanye; ize ibere ikoraniro rya bene Isirayeli ikintu co kuzigama ku bw’amazi y’ihumanura+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 10  Nyene gukoranya iminyota ya nya nka aze amese impuzu ziwe maze abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. “‘Bize bibere icagezwe bene Isirayeli na kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri bo, gushika igihe kitagira urugero+. 11  Uwo wese akoze ku kiziga c’umuntu+ uwo ari we wese, aze abe uwuhumanye imisi indwi+. 12  Umuntu nk’uwo aze yityoroze nya mazi ku musi ugira gatatu+, maze ku musi ugira indwi abone kuba uwudahumanye. Mugabo natityorora ku musi ugira gatatu, ku musi ugira indwi rero ntazoba uwudahumanye. 13  Umuntu wese akoze ku kiziga, ku muntu uwo ari we wese yapfuye, maze ntiyityorore, azoba yahumanije itaberenakulo ya Yehova+; uwo muntu ategerezwa kurandurwa muri Isirayeli+. Kubera yuko amazi y’ihumanura+ atazoba yamijagiwe kuri we, azoguma ahumanye. Ubuhumane bwiwe buzoba bukiri kuri we+. 14  “‘Iri ni ryo tegeko mu gihe umuntu yopfira mw’ihema: Umuntu wese azokwinjira muri nya hema, n’umuntu wese azoba ari muri nya hema, azoba uwuhumanye imisi indwi. 15  Icombo+ gipfunduruye cose kitariko umufuniko uboheweko kizoba gihumanye. 16  Umuntu wese ari mu gahinga azokora ku muntu yagandagujwe inkota+ canke ku kiziga canke kw’igufa+ ry’umuntu canke ku mva, azoba uwuhumanye imisi indwi. 17  Ku bw’uwo ahumanye haze hatorwe mukeyi kuri wa munyota uvuye ku muriro w’ishikanwa ry’igicumuro, baheze bawushireko amazi atemba mu combo. 18  Maze umugabo adahumanye+ aze atore ezobu+, ayikoze mu mazi, hanyuma ayacucagire nya hema, n’ivyombo vyose, n’abantu bari bari ng’aho, n’uwakoze kuri nya gufa canke agakora ku wagandaguwe canke ku kiziga canke ku mva. 19  Uwo muntu adahumanye aze ayacucagire nya muntu ahumanye ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi, maze amutyorore igicumuro ku musi ugira indwi+; kandi aze amese impuzu ziwe yongere yiyuhagire mu mazi; azoheza abe uwudahumanye ku mugoroba. 20  “‘Mugabo umuntu yoba ahumanye maze ntiyihumanure, uwo muntu aze rero arandurwe+ ave hagati mw’ishengero, kuko azoba yahumanije aheranda ha Yehova. Amazi y’ihumanura ntazoba yamijwe kuri we. Azoba ahumanye. 21  “‘Ibi bize bibe icagezwe kuri bo gushika igihe kitagira urugero: uwucucagira amazi y’ihumanura aze amese impuzu ziwe+, be n’uwukora kuri nya mazi y’ihumanura. Azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 22  Ikintu cose nya muntu ahumanye azokorako kizoba igihumanye+, kandi umuntu agikozeko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba+.’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ni iry’agakoko kitwa kosheniye.