Guharūra 18:1-32

18  Nuko Yehova abwira Aroni ati: “Wewe n’abahungu bawe n’inzu ya so iri kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku heranda+, kandi wewe n’abahungu bawe bari kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku buherezi bwanyu+.  Zana kandi hafi bene wanyu bo mu muryango wa Lewi, umuryango wa so, muzanane, kugira ngo bashirwe kumwe nawe bongere bagukorere+, imbere y’ihema ry’Igishingantahe+, wewe n’abahungu bawe muri kumwe.  Kandi baze bashitse ico babwirizwa kunkorera n’ico babwirizwa gukorera ihema ryose+. Gusa ntibaze begere ibikoresho vy’ahantu heranda n’igicaniro kugira ngo boye gupfa+, baba bo canke mwebwe.  Baze bashirwe kumwe nawe, kandi baze bashitse ico babwirizwa gukorera ihema ry’ihuriro ku vyerekeye igikorwa cose c’ihema, kandi ntihaze hagire uw’ahandi* abegera+.  Muze mushitse ico mubwirizwa gukorera ahantu heranda+ n’ico mubwirizwa gukorera igicaniro+, kugira ngo bene Isirayeli ntibasubire kurakarirwa+.  Nanje, ehe natoye bene wanyu, Abalewi, ndabakuye muri bene Isirayeli+ ngo babe ingabirano yanyu+, ngo babe abahawe Yehova kugira bakore igikorwa c’ihema ry’ihuriro+.  Wewe n’abahungu bawe bari kumwe nawe mukwiye kuzigama ubuherezi bwanyu ku vyerekeye igicaniro vyose no ku vyerekeye ibiri inyuma y’irido+; kandi muze mukore igikorwa+. Nzotanga ubuherezi bwanyu bwa gikorwa c’ingabirano, kandi uw’ahandi azokwegera aze yicwe+.”  Yehova yongera kubwira Aroni ati: “Nayo jewe, ehe nagucungishije intererano mpabwa+. Ku bijanye n’ibintu vyeranda vyose vya bene Isirayeli, nabihaye wewe n’abahungu bawe bwa mugabane, bwa ngaburo gushika igihe kitagira urugero+.  Ivyo bizoba ivyawe bikuwe ku bintu vyeranda rwose, kw’ishikanwa rishikanishwa umuriro, ishikanwa ryabo ryose hamwe n’ishikanwa ry’intete+ ryabo ryose n’ishikanwa ry’igicumuro+ ryabo ryose n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ ryabo ryose, ivyo bazonsubiza. Ni ikintu ceranda rwose cawe n’abahungu bawe. 10  Uze ukirire ahantu heranda rwose+. Uw’igitsina-gabo wese aze akirye+. Kizoba ikintu ceranda kuri wewe+. 11  Kandi ibi birakwegukira: intererano+ yo ku ngabirano yabo hamwe n’amashikanwa azungagizwa+ yose ya bene Isirayeli. Nabihaye wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe bari kumwe nawe+, ngo bibe ingaburo gushika igihe kitagira urugero. Umuntu wese adahumanye wo mu nzu yawe ashobora kubirya+. 12  “Ivyiza vyose kuruta ibindi mu mavuta, n’ivyiza vyose kuruta ibindi mu muvinyu mushasha n’intete, imishuzo+ yavyo, ivyo bazoha Yehova, nabiguhaye+. 13  Ivyamwa vya mbere vyeze ku biri mu gihugu cabo vyose, ivyo bazozanira Yehova, bizoba rwawe+. Umuntu wese adahumanye mu nzu yawe arashobora kubirya. 14  “Ikintu cose cagizwe inyegu muri Isirayeli kize kibe rwawe+. 15  “Icugurura igitereko+ cose, c’ubwoko bwose bw’umubiri, ico bazoshikiriza Yehova, co mu bantu no mu bikoko, kize kibe rwawe. Ariko ntuze ubure gucungura imfura y’abantu+; kandi uze ucungure imfura y’igikoko gihumanye+. 16  Uze uyicunguze ikiguzi cayo c’icungurwa kuva ku yimaze ukwezi kuduga, hakurikijwe agaciro kagereranijwe, shekeli z’ifeza zitanu hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+. Na yo ingana na gera* mirongo ibiri+. 17  Ishūri y’uburiza canke umwagazi w’intama w’isuguru w’uburiza canke impene y’uburiza ni vyo gusa utazocungura+. Ni ikintu ceranda. Amaraso+ yavyo uze uyamijagire ku gicaniro, ibinure vyavyo na vyo uze ubifumbishe bwa shikanwa rishikanishwa umuriro ku bw’akamoto karuhura kuri Yehova+. 18  Inyama zavyo zize zibe rwawe. Nk’uko biri ku nkoro y’ishikanwa rizungagizwa no ku kuguru kw’ukuryo, zizoba rwawe+. 19  Intererano+ nyeranda zose, izo bene Isirayeli bazoterera baziha Yehova, nazihaye wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe bari kumwe nawe, ngo zibe ingaburo gushika igihe kitagira urugero+. Ni isezerano ry’intahava* gushika igihe kitagira urugero imbere ya Yehova, ku bwawe n’uruvyaro rwawe ruri kumwe nawe+.” 20  Yehova abandanya kubwira Aroni ati: “Ntuzogira intoranwa mu gihugu cabo; kandi nta muturi uzoronka hagati muri bo+. Ni jewe muturi wawe n’intoranwa yawe hagati muri bene Isirayeli+. 21  “Ehe nahaye bene Lewi ic’icumi cose+ muri Isirayeli bwa ntoranwa ku bw’igikorwa cabo bariko barakora, igikorwa c’ihema ry’ihuriro. 22  Kandi bene Isirayeli ntibaze basubire kwegera hafi y’ihema ry’ihuriro ngo bikwegere igicumuro maze bapfe+. 23  Abalewi ubwabo baze bakore igikorwa c’ihema ry’ihuriro, kandi ni bo bazokwishura ikosa+ ry’abantu. Ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero mu mayaruka yanyu, yuko badakwiye kuronka intoranwa+ hagati muri bene Isirayeli. 24  Kuko ic’icumi ca bene Isirayeli, ico bazoterera bagiha Yehova bwa ntererano, nagihaye Abalewi bwa ntoranwa. Ni co gituma nababwiye yuko ‘ata ntoranwa bazoronka hagati muri bene Isirayeli+.’” 25  Maze Yehova abwira Musa ati: 26  “Uze uvugane n’Abalewi, ubabwire uti: ‘Muzohabwa na bene Isirayeli ic’icumi nageneye mwebwe kivuye kuri bo ku bw’intoranwa yanyu+, kandi muze mutange ic’icumi+ caco kibe intererano ihabwa Yehova. 27  Kize giharurwe kuri mwebwe bwa ntererano yanyu, nk’intete z’imbuga y’ikubitiro+ kandi nk’umwimbu wuzuye w’uruganiro rw’umuvinyu canke rw’amavuta. 28  Ukwo ni ko namwe ubwanyu muzoterera intererano ihabwa Yehova ivuye ku vy’icumi vyanyu vyose muzohabwa na bene Isirayeli, kandi kuri vyo muze muhe Aroni umuherezi intererano ihabwa Yehova. 29  Ku ngabirano zose muzohabwa, muzoterera ubwoko bwose bw’intererano ihabwa Yehova, ku vyiza cane kuruta ibindi vyose+, bwa kintu ceranda kivuye kuri zo.’ 30  “Kandi uze ubabwire uti: ‘Nimwaterera ivyiza kuruta ibindi vyose vyo muri zo+, bizoharurwa rero ku Balewi ata gukeka bwa mwimbu w’imbuga y’ikubitiro n’umwimbu w’uruganiro rw’umuvinyu canke rw’amavuta. 31  Muze mubirire ahantu hose, mwe n’urugo rwanyu, kuko ari impembo yanyu ku bw’igikorwa canyu mw’ihema ry’ihuriro+. 32  Ntimuze mwikwegere igicumuro ku bwavyo igihe muterera ivyiza kuruta ibindi vyose vyo muri zo, kandi ntimuze muhumanye ibintu vyeranda vya bene Isirayeli, kugira ngo ntimupfe+.’”

Amakuru yiyongereye

Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Ingero ya gera yangana n’amagarama 0,57.
Ijambo ku rindi ni “isezerano ry’umunyu.”