Guharūra 17:1-13

17  Nuko Yehova abwira Musa ati:  “Vugana na bene Isirayeli baguhe inkoni+ imwe ku bw’inzu ya ba sekuru imwimwe yose, uyitore ku bakuru+ babo bose, hakurikijwe inzu ya ba se, zibe inkoni cumi na zibiri. Uzokwandika izina ry’umwe wese ku nkoni yiwe.  Kandi uzokwandika izina rya Aroni ku nkoni ya Lewi, kuko hari inkoni imwe ku mukuru w’inzu ya ba se.  Uze uzishire mw’ihema ry’ihuriro imbere y’Igishingantahe+, aho nama nseruka imbere yanyu ubudasiba+.  Kandi ibi ni vyo bizoba: umugabo nzotora+, inkoni yiwe izonaga, kandi nzohwamika ata gukeka imyidodombo+ ya bene Isirayeli imveko, iyo bariko babidodombera+.”  Nuko Musa avugana na bene Isirayeli, maze abakuru babo bose bamuha inkoni ku mukuru umwe wese, inkoni ku mukuru umwe wese, hakurikijwe inzu ya ba se, ziba inkoni cumi na zibiri+; kandi inkoni ya Aroni yari mu nkoni zabo+.  Maze Musa ashira izo nkoni imbere ya Yehova mw’ihema ry’Igishingantahe+.  Nuko ku musi ukurikira, Musa yinjiye mw’ihema ry’Igishingantahe, ehe inkoni ya Aroni ku bw’inzu ya Lewi yari yanaze, kandi yariko izana iminago yongera ishurika amashurwe, kandi yariko yama shakedi zihiye.  Maze Musa asohora nya nkoni zose azikuye imbere ya Yehova azizana kuri bene Isirayeli bose, na bo bararaba bongera batora umwe wese inkoni yiwe bwite. 10  Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: “Subiza inkoni ya Aroni+ imbere y’Igishingantahe bwa kintu co kuzigama ngo ibere ikimenyetso+ abana b’ubugarariji+, kugira ngo imyidodombo yabo ihere imveko, boye gupfa.” 11  Ako kanya Musa akora nk’uko Yehova yari amutegetse. Akora kuno nyene. 12  Nuko bene Isirayeli batangura kubwira Musa bati: “Noneho turapfuye ata kabuza, turayogeye ata kabuza, nta kabuza twese turayogeye+. 13  Uwo wese azokwegera+, akaza hafi y’itaberenakulo ya Yehova, azopfa+! None twese tugiye gupfa, duherengetere gutyo+?”

Amakuru yiyongereye