Guharūra 16:1-50
16 Kora+ mwene Izihari, Izihari+ mwene Kohati+, Kohati mwene Lewi+, arahaguruka, ari kumwe na Datani+ na Abiramu+ bene Eliyabu+, na Oni mwene Peleti, bene Rubeni+.
2 Bahaguruka imbere ya Musa, bo hamwe n’abagabo amajana abiri na mirongo itanu bo muri bene Isirayeli, abakuru b’ikoraniro, abatumweko ku bw’ikoraniro, abagabo ba rurangiranwa.
3 Nuko bakoranira kurwanya+ Musa na Aroni, bababwira bati: “Ivyanyu turabihaze, kuko ikoraniro ryose ari ryeranda+, bose uko bangana, kandi Yehova ari hagati muri bo+. Kubera iki none mwiduza hejuru y’ishengero rya Yehova+?”
4 Musa avyumvise aca agwa yubamye.
5 Maze abwira Kora n’ikoraniro ryiwe ryose ati: “Mu gitondo Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we+ n’uwuri mweranda+ n’uwutegerezwa kwegera hafi yiwe+, kandi uwo azotora+ wese ni we azokwegera hafi yiwe.
6 Nimugenze mutya: Nimwitorere ibijamwo umuriro+, Kora n’ikoraniro+ ryiwe ryose,
7 muheze mushire umuriro muri vyo maze mushire imibavu kuri vyo imbere ya Yehova ejo; umugabo Yehova azotora+, ni we azoba ari mweranda. Ivyanyu turabihaze, mwa bahungu ba Lewi+!”
8 Musa abandanya kubwira Kora ati: “Ndabinginze mwumvirize, yemwe bene Lewi.
9 Mbega ni ikintu gitoyi kuri mwebwe kuba Imana ya Isirayeli yarabatandukanije + n’ikoraniro rya Isirayeli kugira ngo ibiyegereze, ngo mukore igikorwa c’itaberenakulo ya Yehova mwongere muhagarare imbere y’ikoraniro kugira mubakorere+,
10 no kuba yarakwigije hafi, wewe na bene wanyu bose, bene Lewi kumwe nawe? None murondere no kwigarurira ubuherezi+ na bwo?
11 Ku bw’ico wewe n’ikoraniro ryawe ryose mukoraniye hamwe, muriko murwanya Yehova+. Nayo Aroni, abaye iki ngo mumwidodombere+?”
12 Mu nyuma Musa atuma guhamagara Datani na Abiramu+ bene Eliyabu, mugabo bavuga bati: “Eka ntituduga+!
13 Mbega ni ikintu gitoyi kuba waratuduganye udukuye mu gihugu gitemba amata n’ubuki kugira ngo utwicire mu gahinga+, ku buryo ushaka no kwigira umuganwa kuri twebwe uherejeko+?
14 Nkako, ntiwatujanye mu gihugu na kimwe gitemba amata n’ubuki+, ngo uduhe intoranwa y’itongo n’umurima w’imizabibu. Mbega amaso y’abo bagabo ni yo ugomba kunogora? Eka ntituduga!”
15 Musa aca arashavura cane, abwira Yehova ati: “Ntuhindukire ngo urabe ishikanwa ryabo ry’intete+. Nta ndogobwa y’ingabo n’imwe nabatwaye, canke ngo ngirire nabi n’umwe muri bo+.”
16 Maze Musa abwira Kora+ ati: “Wewe n’ikoraniro ryawe ryose, ejo muzobe ari ho muri imbere ya Yehova+, wewe na bo na Aroni.
17 Umwe wese muri mwebwe aze afate ikijamwo umuriro ciwe, mushire imibavu kuri vyo hanyuma umwe wese ashikirize ikijamwo umuriro ciwe imbere ya Yehova, ibijamwo umuriro amajana abiri na mirongo itanu, na wewe nyene na Aroni umwe wese azane ikijamwo umuriro ciwe.”
18 Bafata rero umwe wese ikijamwo umuriro ciwe baraheza babishirako umuriro, maze babishirako imibavu, hanyuma bahagarara ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro kumwe na Musa na Aroni.
19 Kora amaze gukoraniriza ikoraniro+ ryose kubarwanya ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, ubuninahazwa bwa Yehova bubonekera rero ikoraniro ryose+.
20 Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati:
21 “Nimwitandukanye+ muve hagati muri iri koraniro, kugira ngo ndabatikize+ mu kanya isase.”
22 Baca bagwa bubamye, bavuga bati: “Ewe Mana, Mana y’impwemu z’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri+, mbega umuntu umwe gusa yocumura hanyuma ukarakarira ikoraniro ryose+?”
23 Yehova na we abwira Musa ati:
24 “Bwira ikoraniro uti: ‘Nimwigire kure y’amataberenakulo ya Kora na Datani na Abiramu+!’”
25 Inyuma y’ivyo, Musa arahaguruka, aja aho Datani na Abiramu bari; kandi abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli bajana na we.
26 Maze abwira ikoraniro ati: “Ndabinginze mwigireyo muve imbere y’amahema y’aba bagabo b’ababisha kandi ntimukore ku kintu na kimwe cabo+, kugira ngo ntimuzimanganywe kubera igicumuro cabo cose.”
27 Buno nyene bigira kure bavuye imbere y’itaberenakulo ya Kora na Datani na Abiramu, bavuye ku mpande zose, maze Datani na Abiramu barasohoka, bahagarara ku bwinjiriro bw’amahema yabo+, kumwe n’abagore babo, n’abahungu babo n’abana babo batoyi.
28 Maze Musa avuga ati: “Iki ni co mumenyerako yuko Yehova yantumye gukora ibi bikorwa vyose+, yuko atari ku bw’umutima wanje bwite+:
29 Aba bantu nibapfa urupfu abantu bose bapfa, bakazanwako igihano gishikira abantu bose+, Yehova si we rero azoba yantumye+.
30 Mugabo nimba ari ikintu c’ikiremano Yehova aza kurema+, ubutaka bukasamika akanwa kabwo bukabamirana+ n’ikintu cabo cose, bakamanuka ari bazima mu kuzimu*+, muca mumenya ata gukeka yuko aba bagabo bagaye Yehova+.”
31 Akirangiza kuvuga ayo majambo yose, ubutaka bwari munsi yabo butangura gusaduka+.
32 Maze isi yasamika akanwa kayo ibamirana n’ingo zabo be n’abantu bose ba Kora n’ibintu vyose+.
33 Gutyo bamanuka mu kuzimu ari bazima, be n’ababo bose, isi na yo irabapfuka+, barazimangana hagati mw’ishengero+.
34 Abisirayeli bose bari irya n’ino yabo barahunga bumvise induru yabo, kuko bavuga bati: “Turatinya ko isi yotumira+!”
35 Nuko umuriro uraza uvuye kuri Yehova+, utangura kuyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongo itanu bariko bashikana imibavu+.
36 Yehova abarira Musa ati:
37 “Bwira Eleyazari mwene Aroni umuherezi atore ibijamwo umuriro+ abikuye mu muriro, uti: ‘Nawe sanzaza umuriro hariya; kuko ari vyeranda,
38 egome, ibijamwo umuriro vy’abo bagabo bicumuyeko+. Bize bihingurwemwo utubate tw’intimba ntoyi cane two guhomeka ku gicaniro+, kuko babishikirije imbere ya Yehova, ku buryo bicika vyeranda; bize bibere ikimenyetso bene Isirayeli+.’”
39 Nuko rero Eleyazari umuherezi atora nya bijamwo umuriro+ vy’umujumpu, ivyo abari baturiwe bari bashikirije, maze batangura kubihondagura ngo babihinguremwo ivyo guhomeka ku gicaniro,
40 ngo bibere icibutso bene Isirayeli, kugira ngo ntihaze hagire umugabo w’ahandi+ atari uwo mu ruvyaro rwa Aroni yegera ngo afumbishe imibavu imbere ya Yehova+, kandi ntihaze hagire uwuba nka Kora n’ikoraniro ryiwe+; agira nk’uko Yehova yari yamubwiye biciye kuri Musa.
41 Buno nyene ku musi ukurikira, ikoraniro ryose rya bene Isirayeli ritangura kwidodombera Musa na Aroni+ riti: “Mwebwe, ni mwe mwishe abantu ba Yehova.”
42 Ikoraniro rimaze gukoranira hamwe kurwanya Musa na Aroni, barahindukira baraba kw’ihema ry’ihuriro, maze igicu kiraripfuka, hanyuma ubuninahazwa bwa Yehova butangura kuboneka+.
43 Nuko Musa na Aroni baza imbere y’ihema ry’ihuriro+.
44 Maze Yehova abwira Musa ati:
45 “Haguruke muve hagati muri iri koraniro, kugira ngo ndaritikize mu kanya isase+.” Baca bagwa bubamye+.
46 Inyuma y’ivyo Musa abwira Aroni ati: “Tora ikijamwo umuriro, ugishiremwo umuriro uvuye ku gicaniro+, ugishireko imibavu maze unyarukire iyo ikoraniro riri ubatangire impongano+, kuko Yehova yarakaye+. Icago catanguye!”
47 Ako kanya Aroni aragitora, nk’uko Musa yari avuze, ariruka aja hagati mw’ishengero; kandi erega icago cari catanguye mu bantu! Nuko ashirako imibavu maze atangura gutangira impongano abantu.
48 Aguma ahagaze hagati y’abapfuye n’abazima+. Amaherezo nya kiza kirahagarikwa+.
49 Abishwe na nya kiza bagera ku bihumbi cumi na bine n’amajana indwi, udashizemwo abapfuye kubera Kora.
50 Igihe amaherezo Aroni yagaruka kuri Musa ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, ikiza cari cahagaritswe.
Amakuru yiyongereye
^ Mu giheburayo ni “Sheoli” (sheʹohlʹ). Raba Inyongera ya 7.