Guharūra 15:1-41

15  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Amaherezo nimwinjira mu gihugu ngira ndabahe, mu bibanza muzobamwo+,  hanyuma mukabwirizwa guhereza ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+, ishikanwa riturirwa+ canke ikimazi ku bwo gushitsa indagano idasanzwe canke ku bushake+ canke mu gihe c’imisi mikuru y’ibiringo+ yanyu, kugira ngo bibe akamoto karuhura kuri Yehova+, ishikanwa rivuye mu busho canke mu mukuku;  uwushikiriza ishikanwa ryiwe aze ashikirize Yehova n’ishikanwa ry’intete ry’ifu inoze+, ic’icumi c’ingero ya efa, ribombekeshejwe ica kane ca hini* y’amavuta.  Kandi uze uhereze umuvinyu bwa shikanwa ry’ikinyobwa+, ica kane ca hini, uri kumwe n’ishikanwa riturirwa canke ikimazi c’umwagazi w’intama w’isuguru umwe wose.  Canke ku bw’impfizi y’intama, uze uhereze ishikanwa ry’intete ry’ivy’icumi bibiri vy’ifu inoze, ribombekeshejwe ica gatatu ca hini y’amavuta.  Kandi uze ushikirize umuvinyu bwa shikanwa ry’ikinyobwa, ica gatatu ca hini, bwa kamoto karuhura kuri Yehova.  “‘Mugabo mu gihe wohereza ikigabo co mu busho bwa shikanwa riturirwa+ canke bwa kimazi, ku bwo gushitsa indagano idasanzwe+ canke bwa bimazi vy’ugusangira bihabwa Yehova+,  uze kandi ushikirize kumwe na nya kigabo co mu busho ishikanwa ry’intete+ ry’ivy’icumi bitatu vy’ifu inoze, ribombekeshejwe ica kabiri ca hini y’amavuta. 10  Kandi uze ushikirize umuvinyu bwa shikanwa ry’ikinyobwa+, ica kabiri ca hini, bwa shikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova. 11  Ukwo ni ko bizogirwa kw’ishūri imwimwe yose, canke ku mpfizi y’intama imwimwe yose, canke ku mwagazi w’intama w’isuguru umwumwe wose, canke ku mpene imwimwe yose. 12  Igitigiri mwohereza caba ikihe, ukwo ni ko muzokora kuri kimwekimwe cose nk’uko igitigiri cavyo kiri. 13  Ukwo ni ko imvukira yose izohereza ivyo, mu gushikiriza ishikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova+. 14  “‘Mu gihe hoba hari kavamahanga canke uwuri hagati muri mwebwe mu mayaruka yanyu abanye namwe ari kavamahanga, maze bikaba ngombwa ko ahereza ishikanwa rishikanishwa umuriro, ry’akamoto karuhura kuri Yehova, uko muzogenza ni ko na we azogenza+. 15  Mwebwe abo mw’ishengero be na kavamahanga abayeho ari kavamahanga muzogira icagezwe kimwe+. Kizoba icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yanyu. Kavamahanga azoba cokimwe namwe imbere ya Yehova+. 16  Hazoba itegeko rimwe n’ingingo y’ubutungane* imwe kuri mwebwe no kuri kavamahanga abanye namwe ari kavamahanga+.’” 17  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 18  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Nimwinjira mu gihugu ndabajanyemwo+, 19  haze rero habe ibi: nimwarya umukate uwo ari wo wose w’ico gihugu+, muze mutange intererano ihabwa Yehova. 20  Muze mutange intererano y’imishuzo+ y’ifu yanyu itanoze bwa dutsima tumeze nk’ikigōmbo. Muze muyitangeko intererano nka kurya kw’intererano ivuye ku mbuga y’ikubitiro. 21  Igihimba c’ifu yanyu itanoze y’ivyerano vya mbere muze mugihe Yehova bwa ntererano, mu mayaruka yanyu. 22  “‘Mu gihe na ho mwohuba ntimushitse aya mabwirizwa yose+ Yehova yabwiye Musa, 23  ivyo Yehova yabategetse vyose biciye kuri Musa guhera umusi Yehova yatanga amategeko no kubandanya ku bw’amayaruka yanyu, 24  ng’ibi rero ibizoba: nimba vyakorewe kure y’amaso y’ikoraniro bivuye ku kwihenda, ikoraniro ryose rize rihereze rero ikimasa kimwe bwa shikanwa riturirwa ku bw’akamoto karuhura kuri Yehova, n’ishikanwa ry’intete ryaryo be n’ishikanwa ry’ikinyobwa ryaryo, hisunzwe ukuntu bisanzwe bigirwa+, be n’umwagazi w’impene umwe bwa shikanwa ry’igicumuro+. 25  Umuherezi aze atangire impongano+ ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, na bo bazobabarirwa; kuko kwabaye ukwihenda+; na bo, ku ruhande rwabo, bakaba bazanye bwa shikanwa ryabo ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova n’ishikanwa ry’igicumuro ryabo imbere ya Yehova ku bw’ukwihenda kwabo. 26  Kandi ikoraniro ryose rya bene Isirayeli na kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri bo bazobabarirwa+, kuko bizoba vyabaye ku kwihenda kw’abantu bose. 27  “‘Kandi nihagira umuntu acumura bivuye ku kwihenda+, aze ashikirize rero ku bw’ishikanwa ry’igicumuro impene ivyara iri mu mwaka wayo wa mbere+. 28  Umuherezi aze atangire impongano uwo muntu yahuvye mu gukora igicumuro atabishaka imbere ya Yehova, kugira ngo gitangirwe impongano, na we azobabarirwa+. 29  Nayo ku mvukira muri bene Isirayeli no kuri kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri bo, muzogira itegeko rimwe ku bijanye n’ikintu gikozwe bitavuye ku gushaka+. 30  “‘Mugabo umuntu akora ikintu nkana+, yaba ari imvukira canke kavamahanga, gutyo akaba atutse Yehova+, uwo muntu rero ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+. 31  Kuko ari ijambo rya Yehova yasuzuguye+ n’ibwirizwa ryiwe yarenze+, uwo muntu aze arandurwe ata kabuza+. Ikosa ryiwe riri kuri we+.’” 32  Mu gihe bene Isirayeli bari bakiri mu gahinga, igihe kimwe babonye umuntu yariko atoragura udukwi ku musi w’isabato+. 33  Maze abamubonye ariko atoragura udukwi bamuzana kuri Musa na Aroni n’ikoraniro ryose. 34  Nuko bamushira aho acungirwa+, kuko hatari haravuzwe mu buryo butomoye ico akwiye kugirirwa. 35  Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: “Uwo muntu akwiye kwicwa ata kabuza+: ikoraniro ryose rikwiye kumutera amabuye hanze y’ikambi+.” 36  Nuko rero ikoraniro ryose rimusohora hanze y’ikambi maze rimutera amabuye ku buryo apfa, nk’uko Yehova yari yategetse Musa. 37  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 38  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire yuko bategerezwa kwihingurira imibari y’ubuyonga ku mpuzu* zabo mu mayaruka yabo yose, kandi baze bashire akagozi k’ubururu hejuru y’umubari w’ubuyonga w’impuzu+. 39  ‘Kaze kababere umubari w’ubuyonga, namwe muzokabona maze mwibuke amabwirizwa+ ya Yehova yose hanyuma muyashitse, kandi ntimuze mukurikire imitima yanyu n’amaso yanyu+, ivyo muriko murakurikira mu bushurashuzi+. 40  Ni ukugira ngo mwibuke hanyuma mushitse koko amabwirizwa yanje yose kandi mwerekane vy’ukuri ko muri beranda ku Mana yanyu+. 41  Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri kugira ngo nerekane ko ndi Imana yanyu+. Ndi Yehova Imana yanyu+.’”

Amakuru yiyongereye

Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ku bice vyo hepfo vy’impuzu.”