Guharūra 13:1-33

13  Nuko Yehova abwira Musa ati:  “Niwirungikire abagabo kugira ngo batate igihugu ca Kanani, ico ngira mpe bene Isirayeli+. Muzorungika umugabo umwe ku muryango umwumwe wose wa ba se, umwe wese abe ari umukuru+ muri bo.”  Musa arabarungika rero bavuye mu gahinga ka Parani+ kw’itegeko rya Yehova. Nya bagabo bose bari abakuru ba bene Isirayeli.  Aya ni yo mazina yabo: Ku muryango wa Rubeni: Shamuwa mwene Zakuri;  ku muryango wa Simeyoni: Shafati mwene Hori;  ku muryango wa Yuda: Kalebu+ mwene Yefune;  ku muryango wa Isakari: Igali mwene Yozefu;  ku muryango wa Efurayimu: Hosheya+ mwene Nuni;  ku muryango wa Benyamini: Paliti mwene Rafu; 10  ku muryango wa Zebuloni: Gadiyeli mwene Sodi; 11  ku muryango wa Yozefu+, ku bw’umuryango wa Manase+: Gadi mwene Susi; 12  ku muryango wa Dani: Amiyeli mwene Gemali; 13  ku muryango wa Asheri: Seturi mwene Mikaheli; 14  ku muryango wa Nafutali: Nahibi mwene Vofusi; 15  ku muryango wa Gadi: Geyuweli mwene Maki. 16  Ayo ni yo mazina y’abagabo Musa yarungitse gutata igihugu. Kandi Hosheya mwene Nuni, Musa amwita Yosuwa*+. 17  Igihe Musa yariko abatuma gutata igihugu ca Kanani, ababwira ati: “Dugane aha muje muri Negebu+, maze muduge mu karere k’imisozi+. 18  Muheze murabe ingene nya gihugu kimeze+ be n’abantu baba muri co, ko bakomeye canke ari ba goyigoyi, ko ari bake canke benshi; 19  n’ingene igihugu babamwo kimeze, ko ari ciza canke kibi, n’ingene ibisagara babamwo bimeze, ko baba mu makambi canke mu bibanza bizitijwe ibihome; 20  be n’ingene nya gihugu kimeze, ko cimbuka canke kitimbuka*+, ko muri co hari ibiti canke ata biriyo. Muze mugire umutima rugabo+, mutore bimwe mu vyamwa vy’ico gihugu.” Kandi iyo misi yari imisi y’ivyamwa vya mbere vyeze vy’inzabibu+. 21  Nuko baraduga, batata ico gihugu kuva mu gahinga ka Zini+ gushika i Rehobu+ ku bwinjiriro bwa Hamati+. 22  Baduze muri Negebu+, bashika rero i Heburoni+. Ico gihe, Ahimani na Sheshayi na Talimayi+, abavutse kuri Anaki+, ni ho bari. Aho i Heburoni+ hari hubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani+ ho mu Misiri. 23  Bashitse mu mwonga wa Eshikoli+, bacayo agashami kariko umusoko umwe w’inzabibu+. Nuko babiri muri nya bagabo bagatwara ku mwamba, batwara n’amakomamanga+ makeyi n’insukoni nkeyi. 24  Bita aho hantu umwonga wa Eshikoli+, kubera nya musoko bene Isirayeli baciyeyo. 25  Amaherezo, hashize imisi mirongo ine+ baragaruka bavuye gutata nya gihugu. 26  Baragenda rero, bashikira Musa na Aroni n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli mu gahinga ka Parani, i Kadeshi+. Baza bagarukaniye bano be n’ikoraniro ryose inkuru, bongera babereka ivyamwa vya nya gihugu. 27  Nuko bamenyesha Musa bati: “Twarinjiye mu gihugu waturungitsemwo, kandi koko gitemba amata n’ubuki+; ng’ibi ivyamwa vyaco+. 28  Yamara rero, ico twabonye co ni uko abantu baba muri ico gihugu bakomeye, kandi ibisagara bikingijwe ibihome ni binini cane+; bisubiye, twahabonye abavutse kuri Anaki+. 29  Abamaleki+ ni bo baba mu gihugu ca Negebu+; Abaheti n’Abayebusi+ n’Abamori+ baba mu karere k’imisozi; Abanyakanani+ na bo baba iruhande y’ikiyaga no ku nkengera ya Yorodani.” 30  Maze Kalebu+ agerageza gutururuza abantu kugira ngo bumvirize Musa, hanyuma avuga ati: “Tuduge ubu nyene, kandi ntituzobura kwigarurira ico gihugu, kuko dushobora vy’ukuri kukinesha+.” 31  Mugabo abagabo baduganye na we bavuga bati: “Ntidushobora kuduga kurwanya abo bantu, kuko bakomeye kuturusha+.” 32  Kandi baguma bashikiriza bene Isirayeli inkuru mbi+ ku bijanye n’ico gihugu bari batase, ngo: “Ico gihugu, ico twaciyemwo kugira tugitate, ni igihugu kimiragura abakibamwo; kandi abantu bose twabonye muri co ni abagabo b’igihagararo c’akataraboneka+. 33  Kandi twabonyeyo Abanefilimu, bene Anaki+, abakomoka ku Banefilimu; ku buryo mu maso yacu bwite twacitse nk’uduhori, kandi ukwo nyene ni ko twacitse mu maso yabo+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “Yehoshuwa,” bisobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.”
Ijambo ku rindi ni “kinuze canke conze.”