Guharūra 13:1-33
13 Nuko Yehova abwira Musa ati:
2 “Niwirungikire abagabo kugira ngo batate igihugu ca Kanani, ico ngira mpe bene Isirayeli+. Muzorungika umugabo umwe ku muryango umwumwe wose wa ba se, umwe wese abe ari umukuru+ muri bo.”
3 Musa arabarungika rero bavuye mu gahinga ka Parani+ kw’itegeko rya Yehova. Nya bagabo bose bari abakuru ba bene Isirayeli.
4 Aya ni yo mazina yabo: Ku muryango wa Rubeni: Shamuwa mwene Zakuri;
5 ku muryango wa Simeyoni: Shafati mwene Hori;
6 ku muryango wa Yuda: Kalebu+ mwene Yefune;
7 ku muryango wa Isakari: Igali mwene Yozefu;
8 ku muryango wa Efurayimu: Hosheya+ mwene Nuni;
9 ku muryango wa Benyamini: Paliti mwene Rafu;
10 ku muryango wa Zebuloni: Gadiyeli mwene Sodi;
11 ku muryango wa Yozefu+, ku bw’umuryango wa Manase+: Gadi mwene Susi;
12 ku muryango wa Dani: Amiyeli mwene Gemali;
13 ku muryango wa Asheri: Seturi mwene Mikaheli;
14 ku muryango wa Nafutali: Nahibi mwene Vofusi;
15 ku muryango wa Gadi: Geyuweli mwene Maki.
16 Ayo ni yo mazina y’abagabo Musa yarungitse gutata igihugu. Kandi Hosheya mwene Nuni, Musa amwita Yosuwa*+.
17 Igihe Musa yariko abatuma gutata igihugu ca Kanani, ababwira ati: “Dugane aha muje muri Negebu+, maze muduge mu karere k’imisozi+.
18 Muheze murabe ingene nya gihugu kimeze+ be n’abantu baba muri co, ko bakomeye canke ari ba goyigoyi, ko ari bake canke benshi;
19 n’ingene igihugu babamwo kimeze, ko ari ciza canke kibi, n’ingene ibisagara babamwo bimeze, ko baba mu makambi canke mu bibanza bizitijwe ibihome;
20 be n’ingene nya gihugu kimeze, ko cimbuka canke kitimbuka*+, ko muri co hari ibiti canke ata biriyo. Muze mugire umutima rugabo+, mutore bimwe mu vyamwa vy’ico gihugu.” Kandi iyo misi yari imisi y’ivyamwa vya mbere vyeze vy’inzabibu+.
21 Nuko baraduga, batata ico gihugu kuva mu gahinga ka Zini+ gushika i Rehobu+ ku bwinjiriro bwa Hamati+.
22 Baduze muri Negebu+, bashika rero i Heburoni+. Ico gihe, Ahimani na Sheshayi na Talimayi+, abavutse kuri Anaki+, ni ho bari. Aho i Heburoni+ hari hubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani+ ho mu Misiri.
23 Bashitse mu mwonga wa Eshikoli+, bacayo agashami kariko umusoko umwe w’inzabibu+. Nuko babiri muri nya bagabo bagatwara ku mwamba, batwara n’amakomamanga+ makeyi n’insukoni nkeyi.
24 Bita aho hantu umwonga wa Eshikoli+, kubera nya musoko bene Isirayeli baciyeyo.
25 Amaherezo, hashize imisi mirongo ine+ baragaruka bavuye gutata nya gihugu.
26 Baragenda rero, bashikira Musa na Aroni n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli mu gahinga ka Parani, i Kadeshi+. Baza bagarukaniye bano be n’ikoraniro ryose inkuru, bongera babereka ivyamwa vya nya gihugu.
27 Nuko bamenyesha Musa bati: “Twarinjiye mu gihugu waturungitsemwo, kandi koko gitemba amata n’ubuki+; ng’ibi ivyamwa vyaco+.
28 Yamara rero, ico twabonye co ni uko abantu baba muri ico gihugu bakomeye, kandi ibisagara bikingijwe ibihome ni binini cane+; bisubiye, twahabonye abavutse kuri Anaki+.
29 Abamaleki+ ni bo baba mu gihugu ca Negebu+; Abaheti n’Abayebusi+ n’Abamori+ baba mu karere k’imisozi; Abanyakanani+ na bo baba iruhande y’ikiyaga no ku nkengera ya Yorodani.”
30 Maze Kalebu+ agerageza gutururuza abantu kugira ngo bumvirize Musa, hanyuma avuga ati: “Tuduge ubu nyene, kandi ntituzobura kwigarurira ico gihugu, kuko dushobora vy’ukuri kukinesha+.”
31 Mugabo abagabo baduganye na we bavuga bati: “Ntidushobora kuduga kurwanya abo bantu, kuko bakomeye kuturusha+.”
32 Kandi baguma bashikiriza bene Isirayeli inkuru mbi+ ku bijanye n’ico gihugu bari batase, ngo: “Ico gihugu, ico twaciyemwo kugira tugitate, ni igihugu kimiragura abakibamwo; kandi abantu bose twabonye muri co ni abagabo b’igihagararo c’akataraboneka+.
33 Kandi twabonyeyo Abanefilimu, bene Anaki+, abakomoka ku Banefilimu; ku buryo mu maso yacu bwite twacitse nk’uduhori, kandi ukwo nyene ni ko twacitse mu maso yabo+.”
Amakuru yiyongereye
^ Canke, “Yehoshuwa,” bisobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.”
^ Ijambo ku rindi ni “kinuze canke conze.”