Guharūra 12:1-16

12  Nuko Miriyamu na Aroni batangura kuvuga nabi Musa kubera umugore w’Umukushikazi yari yabiriye, kuko yari yabiriye umugore w’Umukushikazi+.  Baguma bavuga bati: “Mbega Yehova yavuze biciye kuri Musa gusa? Ntiyavuze none biciye no kuri twebwe+?” Kandi Yehova yariko yumviriza+.  Kandi uwo mugabo Musa yari uwutekereza kuruta kure n’iyo+ abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.  Maze ako kanya Yehova abwira Musa na Aroni na Miriyamu ati: “Nimusohoke uko muri batatu, muje kw’ihema ry’ihuriro.” Nuko uko ari batatu barasohoka.  Inyuma y’ivyo Yehova amanuka mu nkingi y’igicu+, ahagarara ku bwinjiriro bw’ihema maze ahamagara Aroni na Miriyamu. Bompi baca barasohoka.  Nuko abandanya kuvuga ati: “Ndabinginze mwumve amajambo yanje. Iyo muri mwebwe haba hari umuhanuzi wa Yehova, nari kumwimenyesha mw’iyerekwa+. Novuganye na we mu ndoto+.  Si ukwo biri ku musavyi wanje Musa+! Azezwa inzu yanje yose+.  Mvugana na we akanwa ku kandi+, nkamwereka ibintu, ntakoresheje ubupfindo+; kandi ishusho ya Yehova ni yo yitegereza+. Kubera iki none mutatinye kuvuga nabi umusavyi wanje, kuvuga nabi Musa+?”  Nuko ishavu rya Yehova rirabarurumbira, maze arigira. 10  Nya gicu kiva hejuru y’ihema, kandi ehe Miriyamu yari yatejwe imibembe yera derere*+. Maze Aroni ahindukira kuraba Miriyamu, kandi ehe, yari yatejwe imibembe+. 11  Buno nyene Aroni abwira Musa ati: “Ntunga mukama wanje! Ndakwinginze ntuduharureko igicumuro twakoranye ubupfu, egome, igicumuro twakoze+! 12  Ndakwinginze ntureke ngo agume ameze nk’uwapfuye+ avuye mu gitereko ca nyina inyama ziwe ziriko zirabora!” 13  Nuko Musa atangura gutakambira Yehova ati: “Ewe Mana, ndakwinginze! Mukize, ndakwinginze+!” 14  Maze Yehova abwira Musa ati: “Hamwe se wiwe yomucira+ mu maso, ntiyoteterezwa imisi indwi? Nakumirwe+ imisi indwi inyuma y’ikambi+, mu nyuma abone kugaruka+.” 15  Miriyamu akumirirwa rero inyuma y’ikambi imisi indwi+, maze abantu ntibagenda gushika Miriyamu yakiriwe. 16  Mu nyuma abantu baragenda bavuye i Hazeroti+, bakambika mu gahinga ka Parani+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “yera nka shelegi.” “Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.