Guharūra 10:1-36
10 Nuko Yehova abwira Musa ati:
2 “Niwihingurire inzumbete+ zibiri z’ifeza. Uzozihingura mu kuzicurisha inyundo, zize zibe izo ukoresha mu guhamagaza+ ikoraniro no mu guhagurutsa amakambi.
3 Baze bazivuze zompi, maze ikoraniro ryose rikoranire aho uri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, nk’uko mwahanye isango+.
4 Nibavuza rumwe gusa, abakuru, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli, baze bakoranire aho uri, nk’uko mwahanye isango+.
5 “Muze muvuze ijwi rihindagurika, hanyuma amakambi y’abakambitse mu buseruko+ agende.
6 Muze muvuze ijwi rihindagurika ubugira kabiri, hanyuma amakambi y’abakambitse mu bumanuko+ agende. Haze havuzwe ijwi rihindagurika igihe cose imwe muri ayo makambi igiye.
7 “Igihe na ho mugira mukoranye ishengero, muze muvuze+, mugabo ntihaze humvikane ijwi rihindagurika.
8 Bene Aroni, abaherezi, ni bo bazovuza inzumbete+, kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icagezwe gushika igihe kitagira urugero* mu mayaruka yanyu.
9 “Mu gihugu canyu, nimwinjira mu ntambara yo kurwanya uwubahahaza ariko arabatoteza+, muze mwumvikanishe akamo k’intambara mukoresheje inzumbete+, maze ntimuzobura kwibukwa imbere ya Yehova Imana yanyu, mukizwe abansi banyu+.
10 “Ku musi w’ukunezerwa+ kwanyu no mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+ no ku ntango z’amezi yanyu+, muze muvugirize inzumbete hejuru y’amashikanwa yanyu aturirwa+ no hejuru y’ibimazi vyanyu vy’ugusangira+; kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icibutso imbere y’Imana yanyu. Ndi Yehova Imana yanyu+.”
11 Nuko mu mwaka ugira kabiri, mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri muri ukwo kwezi+, ca gicu kiraduga kivuye hejuru y’itaberenakulo+ y’Igishingantahe.
12 Bene Isirayeli baragenda bavuye mu gahinga ka Sinayi, hisunzwe urutonde rw’ukugenda kwabo+, maze ca gicu kiba mu gahinga ka Parani+.
13 Nuko baragenda ari bwo bwa mbere, nk’uko Yehova yari yategetse biciye kuri Musa+.
14 Hatangura rero kugenda umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Yuda hisunzwe ingabo zabo+, Nahashoni+ mwene Aminadabu akaba ari we yagaba ingabo zabo.
15 Ingabo z’umuryango wa bene Isakari zagabwa na Netaneli+ mwene Zuwari.
16 Ingabo z’umuryango wa bene Zebuloni na zo zagabwa na Eliyabu mwene Heloni+.
17 Itaberenakulo irasamburwa+, maze bene Gerishoni+ na bene Merari+, abatwara itaberenakulo, baragenda.
18 Hanyuma umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Rubeni+ uragenda hisunzwe ingabo zabo, Elizuri+ mwene Shedewuri akaba ari we yagaba ingabo zabo.
19 Ingabo z’umuryango wa bene Simeyoni+ zagabwa na Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi.
20 Ingabo z’umuryango wa bene Gadi na zo zagabwa na Eliyasafu+ mwene Deyuweli.
21 Nuko Abakohati, abatwara ivy’aheranda+, baragenda, kuko bari gushika itaberenakulo yamaze gushingwa.
22 Hanyuma umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Efurayimu+ uragenda hisunzwe ingabo zabo, Elishama+ mwene Amihudi akaba ari we yagaba ingabo zabo.
23 Ingabo z’umuryango wa bene Manase+ zagabwa na Gamaliyeli+ mwene Pedahazuri.
24 Ingabo z’umuryango wa bene Benyamini+ na zo zagabwa na Abidani+ mwene Gideyoni.
25 Hanyuma ab’umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Dani+ baragenda bagize umugwi w’abacunzi b’inyuma+ b’amakambi yose, hisunzwe ingabo zabo, Ahiyezeri+ mwene Amishadayi akaba ari we yagaba ingabo zabo.
26 Ingabo z’umuryango wa bene Asheri+ zagabwa na Pagiyeli+ mwene Okarani.
27 Ingabo z’umuryango wa bene Nafutali+ na zo zagabwa na Ahira+ mwene Enani.
28 Ukwo ni ko bene Isirayeli bagenda, hisunzwe ingabo zabo, igihe baba bagiye+.
29 Maze Musa abwira Hobabu mwene Reyuweli+ Umumidiyani, sebukwe wa Musa, ati: “Tugiye ahantu Yehova yavuze ku biherekeye ati: ‘Nzohabaha+.’ Enda nuze tujane, natwe ntituzobura kukugirira ineza+, kuko Yehova yavuze ineza ku vyerekeye Isirayeli+.”
30 Mugabo amubwira ati: “Ntitujana, ahubwo nzoja mu gihugu canje+ no ku ncuti zanje.”
31 Musa na we ati: “Ndakwinginze ntudute, kuko uzotubera amaso, kubera yuko uzi neza aho twokambika mu gahinga.
32 Kandi mu gihe woza tukajana+, emwe, ineza Yehova azotugirira bivuye ku kumera neza kwiwe, ni yo natwe tuzokugirira ata gukeka.”
33 Nuko baragenda bavuye ku musozi wa Yehova+ ku bw’urugendo rw’imisi itatu, kandi isandugu y’isezerano+ rya Yehova yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu y’urugendo ku bwo kubaronderera ahantu h’ukuruhukira+.
34 Kandi igicu+ ca Yehova cari hejuru yabo ku murango igihe bagenda bavuye aho bari bakambitse.
35 Igihe Isandugu igiye, Musa yavuga ati: “Haguruka, Yehova we, abansi bawe bashwiragire+, abakwanka urunuka na bo bahunge bave imbere yawe+.”
36 Iruhutse na ho, yavuga ati: “Garuka, Yehova we, ku bihumbi mirongo vy’ibihumbi vya Isirayeli+.”
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.