Guharūra 10:1-36

10  Nuko Yehova abwira Musa ati:  “Niwihingurire inzumbete+ zibiri z’ifeza. Uzozihingura mu kuzicurisha inyundo, zize zibe izo ukoresha mu guhamagaza+ ikoraniro no mu guhagurutsa amakambi.  Baze bazivuze zompi, maze ikoraniro ryose rikoranire aho uri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, nk’uko mwahanye isango+.  Nibavuza rumwe gusa, abakuru, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli, baze bakoranire aho uri, nk’uko mwahanye isango+.  “Muze muvuze ijwi rihindagurika, hanyuma amakambi y’abakambitse mu buseruko+ agende.  Muze muvuze ijwi rihindagurika ubugira kabiri, hanyuma amakambi y’abakambitse mu bumanuko+ agende. Haze havuzwe ijwi rihindagurika igihe cose imwe muri ayo makambi igiye.  “Igihe na ho mugira mukoranye ishengero, muze muvuze+, mugabo ntihaze humvikane ijwi rihindagurika.  Bene Aroni, abaherezi, ni bo bazovuza inzumbete+, kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icagezwe gushika igihe kitagira urugero* mu mayaruka yanyu.  “Mu gihugu canyu, nimwinjira mu ntambara yo kurwanya uwubahahaza ariko arabatoteza+, muze mwumvikanishe akamo k’intambara mukoresheje inzumbete+, maze ntimuzobura kwibukwa imbere ya Yehova Imana yanyu, mukizwe abansi banyu+. 10  “Ku musi w’ukunezerwa+ kwanyu no mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+ no ku ntango z’amezi yanyu+, muze muvugirize inzumbete hejuru y’amashikanwa yanyu aturirwa+ no hejuru y’ibimazi vyanyu vy’ugusangira+; kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icibutso imbere y’Imana yanyu. Ndi Yehova Imana yanyu+.” 11  Nuko mu mwaka ugira kabiri, mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri muri ukwo kwezi+, ca gicu kiraduga kivuye hejuru y’itaberenakulo+ y’Igishingantahe. 12  Bene Isirayeli baragenda bavuye mu gahinga ka Sinayi, hisunzwe urutonde rw’ukugenda kwabo+, maze ca gicu kiba mu gahinga ka Parani+. 13  Nuko baragenda ari bwo bwa mbere, nk’uko Yehova yari yategetse biciye kuri Musa+. 14  Hatangura rero kugenda umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Yuda hisunzwe ingabo zabo+, Nahashoni+ mwene Aminadabu akaba ari we yagaba ingabo zabo. 15  Ingabo z’umuryango wa bene Isakari zagabwa na Netaneli+ mwene Zuwari. 16  Ingabo z’umuryango wa bene Zebuloni na zo zagabwa na Eliyabu mwene Heloni+. 17  Itaberenakulo irasamburwa+, maze bene Gerishoni+ na bene Merari+, abatwara itaberenakulo, baragenda. 18  Hanyuma umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya Rubeni+ uragenda hisunzwe ingabo zabo, Elizuri+ mwene Shedewuri akaba ari we yagaba ingabo zabo. 19  Ingabo z’umuryango wa bene Simeyoni+ zagabwa na Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi. 20  Ingabo z’umuryango wa bene Gadi na zo zagabwa na Eliyasafu+ mwene Deyuweli. 21  Nuko Abakohati, abatwara ivy’aheranda+, baragenda, kuko bari gushika itaberenakulo yamaze gushingwa. 22  Hanyuma umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Efurayimu+ uragenda hisunzwe ingabo zabo, Elishama+ mwene Amihudi akaba ari we yagaba ingabo zabo. 23  Ingabo z’umuryango wa bene Manase+ zagabwa na Gamaliyeli+ mwene Pedahazuri. 24  Ingabo z’umuryango wa bene Benyamini+ na zo zagabwa na Abidani+ mwene Gideyoni. 25  Hanyuma ab’umugabane ugizwe n’imiryango itatu w’ikambi ya bene Dani+ baragenda bagize umugwi w’abacunzi b’inyuma+ b’amakambi yose, hisunzwe ingabo zabo, Ahiyezeri+ mwene Amishadayi akaba ari we yagaba ingabo zabo. 26  Ingabo z’umuryango wa bene Asheri+ zagabwa na Pagiyeli+ mwene Okarani. 27  Ingabo z’umuryango wa bene Nafutali+ na zo zagabwa na Ahira+ mwene Enani. 28  Ukwo ni ko bene Isirayeli bagenda, hisunzwe ingabo zabo, igihe baba bagiye+. 29  Maze Musa abwira Hobabu mwene Reyuweli+ Umumidiyani, sebukwe wa Musa, ati: “Tugiye ahantu Yehova yavuze ku biherekeye ati: ‘Nzohabaha+.’ Enda nuze tujane, natwe ntituzobura kukugirira ineza+, kuko Yehova yavuze ineza ku vyerekeye Isirayeli+.” 30  Mugabo amubwira ati: “Ntitujana, ahubwo nzoja mu gihugu canje+ no ku ncuti zanje.” 31  Musa na we ati: “Ndakwinginze ntudute, kuko uzotubera amaso, kubera yuko uzi neza aho twokambika mu gahinga. 32  Kandi mu gihe woza tukajana+, emwe, ineza Yehova azotugirira bivuye ku kumera neza kwiwe, ni yo natwe tuzokugirira ata gukeka.” 33  Nuko baragenda bavuye ku musozi wa Yehova+ ku bw’urugendo rw’imisi itatu, kandi isandugu y’isezerano+ rya Yehova yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu y’urugendo ku bwo kubaronderera ahantu h’ukuruhukira+. 34  Kandi igicu+ ca Yehova cari hejuru yabo ku murango igihe bagenda bavuye aho bari bakambitse. 35  Igihe Isandugu igiye, Musa yavuga ati: “Haguruka, Yehova we, abansi bawe bashwiragire+, abakwanka urunuka na bo bahunge bave imbere yawe+.” 36  Iruhutse na ho, yavuga ati: “Garuka, Yehova we, ku bihumbi mirongo vy’ibihumbi vya Isirayeli+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.