Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Guharūra 1:1-54

1  Nuko Yehova avugana na Musa mu gahinga ka Sinayi+, mw’ihema ry’ihuriro+, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Misiri+, ati:  “Harure igitigiri+ cose hamwe c’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli nk’uko imiryango yabo iri, nk’uko inzu ya ba se iri, hakurikijwe igitigiri c’amazina, ab’igitsina-gabo bose, umwumwe ukwiwe,  kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga+, umuntu wese aja mu ngabo muri Isirayeli+. Muze mubandike nk’uko ingabo zabo ziri, mwe na Aroni.  “Haze hagire abagabo baba bari kumwe namwe: umugabo umwe ku muryango; umwe wese abe ari umukuru w’inzu ya ba se+.  Aya ni yo mazina y’abagabo bazohagararana namwe: Kuri Rubeni+: Elizuri+ mwene Shedewuri;  kuri Simeyoni+: Shelumiyeli+ mwene Zurishadayi;  kuri Yuda+: Nahashoni+ mwene Aminadabu;  kuri Isakari+: Netaneli+ mwene Zuwari;  kuri Zebuloni+: Eliyabu+ mwene Heloni; 10  kuri bene Yozefu+: kuri Efurayimu+: Elishama mwene Amihudi; kuri Manase+: Gamaliyeli mwene Pedahazuri; 11  kuri Benyamini+: Abidani+ mwene Gideyoni; 12  kuri Dani+: Ahiyezeri+ mwene Amishadayi; 13  kuri Asheri+: Pagiyeli+ mwene Okarani; 14  kuri Gadi+: Eliyasafu+ mwene Deyuweli+; 15  kuri Nafutali+: Ahira+ mwene Enani. 16  Abo ni bo bahamagawe bo mw’ikoraniro, abakuru+ b’imiryango ya ba se. Ni bo bakuru b’ibihumbi vya Isirayeli+.” 17  Musa na Aroni batora rero abo bagabo bari bavuzwe amazina. 18  Nuko bakoranya ikoraniro ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, kugira ngo bamenyekanishe amamuko yabo+ ku bijanye n’imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina, kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga+, umwumwe ukwiwe, 19  nk’uko Yehova yari yategetse Musa; atangura kubandikira+ mu gahinga ka Sinayi. 20  Kandi bene Rubeni imfura ya Isirayeli+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, igitigiri cabo hakurikijwe iharurwa ry’amazina, umwumwe ukwiwe, ab’igitsina-gabo bose kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 21  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Rubeni, cabaye ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu+. 22  Kuri bene Simeyoni+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, abanditswe mu biwe hakurikijwe igitigiri c’amazina, umwumwe ukwiwe, ab’igitsina-gabo bose kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 23  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Simeyoni bari ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu+. 24  Kuri bene Gadi+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 25  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Gadi+ bari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu+. 26  Kuri bene Yuda+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 27  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Yuda bari ibihumbi mirongo irindwi na bine n’amajana atandatu+. 28  Kuri bene Isakari+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 29  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Isakari bari ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane+. 30  Kuri bene Zebuloni+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 31  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Zebuloni bari ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane+. 32  Kuri bene Yozefu: kuri bene Efurayimu+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 33  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Efurayimu+ bari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu+. 34  Kuri bene Manase+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 35  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Manase bari ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri+. 36  Kuri bene Benyamini+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 37  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Benyamini bari ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane+. 38  Kuri bene Dani+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 39  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Dani bari ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi+. 40  Kuri bene Asheri+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 41  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Asheri bari ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu+. 42  Kuri bene Nafutali+, ababavutseko hisunzwe imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo, 43  abanditswe muri bo bo mu muryango wa Nafutali bari ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane+. 44  Abo ni bo banditswe, abo Musa yanditse ari kumwe na Aroni n’abakuru ba Isirayeli, abagabo cumi na babiri. Umwumwe wese yaserukira inzu ya ba se. 45  Nuko abanditswe bose muri bene Isirayeli nk’uko inzu ya ba se iri, kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, umuntu wese aja mu ngabo muri Isirayeli, bose baba, 46  egome, abanditswe bose baba ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu+. 47  Ariko Abalewi+ nk’uko umuryango wa ba se uri ntibanditswe muri bo+. 48  Nuko rero Yehova abwira Musa ati: 49  “Umuryango wa Lewi ni wo gusa utazokwandika, kandi igitigiri cose hamwe cabo ntuze ugiharure muri bene Isirayeli+. 50  Kandi wewe ubwawe ushinge Abalewi itaberenakulo* y’Igishingantahe+ n’ibikoresho vyayo vyose n’ikintu cose kiyegukira+. Ni bo bazorerura itaberenakulo n’ibikoresho vyayo vyose+, kandi ni bo bazokora+ igikorwa kuri yo; baze bakambike irya n’ino y’itaberenakulo+. 51  Igihe cose itaberenakulo igiye, Abalewi baze bayisambure+; kandi igihe itaberenakulo ikambitse, Abalewi baze bayishinge; uw’ahandi* uwo ari we wese azoyegera aze yicwe+. 52  “Kandi bene Isirayeli baze bakambike umwe wese hisunzwe ikambi yiwe, umuntu wese iruhande y’umugabane wiwe ugizwe n’imiryango itatu+ hakurikijwe ingabo zabo. 53  Mugabo Abalewi baze bakambike irya n’ino y’itaberenakulo y’Igishingantahe, kugira ngo ikoraniro rya bene Isirayeli ntirirakarirwe+; kandi Abalewi baze bakore igikorwa kibwirizwa gukorerwa itaberenakulo y’Igishingantahe+.” 54  Nuko bene Isirayeli bakora bisunze ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose. Bakora kuno nyene+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.