Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

3 Yohani 1:1-14

 Jewe umugabo w’inararibonye+, ndakwandikiye wewe Gayo umukundwa, uwo nkunda vy’ukuri+.  Mukundwa+, ndasaba Imana yuko utunganirwa+ muri vyose kandi ukagira amagara meza+, nk’uko ubuzima bwawe buriko buratunganirwa+.  Kuko nanezerewe cane igihe bene wacu baza bagashingira intahe ukuri ugumije, nk’uko ubandanya kugendera mu kuri+.  Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri+.  Mukundwa, uriko ukora igikorwa c’ubwizigirwa mu vyo ukorera bene wacu vyose+, kandi ari ba kavantara+,  abashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze abo uze ubarungike mu rugendo rwabo mu buryo bubereye Imana+.  Kuko icatumye bagira urugendo ari ku bw’izina ryayo, ata kintu batwaye+ kivuye ku banyamahanga.  Tubwirizwa rero kwakira neza mwene abo bantu+, kugira ngo tube abakozi bakorana mu kuri+.  Hari ikintu nandikiye ishengero, mugabo Diyotirefe, umwe akunda ivyo kugira ikibanza ca mbere+ muri bo, nta kintu na kimwe+ kivuye kuri twebwe yakirana icubahiro+. 10  Ni co gituma ninaza nzokwibukiriza ibikorwa vyiwe abandanya gukora+, avugavuga ivyacu mu majambo y’ububisha+. Vyongeye, ivyo ntibimubumba: mbere na bene wacu+ we ubwiwe ntabakirana icubahiro, kandi n’abashaka kubakira+ aragerageza kubabuza+ no kubata inyuma+ y’ishengero. 11  Mukundwa, ntiwigane ikibi, ahubwo wigane iciza+. Uwukora iciza akomoka ku Mana+. Uwukora ikibi ntiyabonye Imana+. 12  Demetiriyo yarashingiwe intahe na bose+ be n’ukuri ubwakwo. Nkako, na twebwe turashinga intahe+, kandi urazi yuko intahe dushinga ari iy’ukuri+. 13  Nari mfise ibintu vyinshi vyo kukwandikira, yamara sinshaka kubandanya kukwandikira nkoresheje irangi n’ikaramu+. 14  Mugabo nizigiye kukwibonera, tukazovugana amaso mu yandi+. Ugire amahoro+. Abagenzi barakuramutsa+. Undamukirize+ abagenzi mu mazina.

Amakuru yiyongereye