Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Timoteyo 4:1-22

4  Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe abwirizwa kuzocira imanza+ abazima n’abapfuye+, kandi biciye ku kwigaragaza kwiwe+ n’ubwami bwiwe+,  wamamaze rya jambo+, uvyihatire mu gihe ciza+, mu gihe kigoye+, ukangire+, ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose+ n’ubuhanga bwo kwigisha.  Kuko hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro+, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe+;  kandi bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri, bakeberezwe ku nkuru z’ikinyoma+.  Ariko weho, uzigame ubwenge bwawe+ muri vyose, wihanganire imibabaro+, ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili+, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse+.  Kuko ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje+ kirashitse.  Nararwanye ya ndwano nziza+, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo+, naragumije ukwizera+.  Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse+, azompa bwa mpembo+ kuri wa musi+, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.  Kora uko ushoboye kwose uze aho ndi vuba+. 10  Kuko Dema+ yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe*+ akaja i Tesalonika; Keresansi yagiye i Galatiya+, Tito i Dalumatiya. 11  Luka wenyene ni we ari kumwe nanje. Hitana Mariko muzanane, kuko ambera kirumara+ ku bw’igikorwa c’ubusuku. 12  Mugabo Tikiko+ namutumye i Efeso. 13  Niwaza, uzane ca gikwemu nasigira Karupo i Tirowa+, na ya mizingo y’ibitabu, canecane iyo mu nsato. 14  Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+ 15  kandi nawe umwiyubare, kuko yarwanije amajambo yacu bimwe bikabije. 16  Mu kwiburanira kwanje kwa mbere nta n’umwe yagiye ku ruhande rwanje, mugabo bose barantaye+—ivyo ntibabiharurweko+ 17  mugabo Umukama yahagaze hafi yanje+ anshiramwo ububasha+, kugira ngo biciye kuri jewe igikorwa c’ukwamamaza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose acumve+; kandi nararokowe mu kanwa k’intambwe+. 18  Umukama azondokora mu gikorwa cose c’ububisha+ yongere ankize ku bw’ubwami bwiwe bwo mw’ijuru+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe bitazoshira. Amen. 19  Undamukirize Pirisika+ na Akwila be n’urugo rwa Onesiforo+. 20  Erasito+ yagumye i Korinto+, mugabo nasize Tirofimo+ i Mileto+ arwaye. 21  Ukore uko ushoboye kwose ushike imbere y’urushana. Ewubulo arakuramutsa, na Pudensi na Lino na Kolodiya na bene wacu bose. 22  Umukama abane n’agatima werekana+. Ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe bubane namwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.