2 Timoteyo 3:1-17
3 Mugabo umenye ibi: yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira+.
2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,
3 batiyumvamwo ababo+, badashaka kwumvikana na gato+, abambika ibara abandi+, batagira ukwigumya, inkazi+, badakunda iciza+,
4 abaguranyi+, intumva, abivyimvya+, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana+,
5 bafise ishusho y’ukwihebera Imana+ mugabo bakihakana ububasha bwakwo+; abo rero ubace kure+.
6 Kuko muri abo ari ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo+ bagatwara nk’imbohe zabo abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro, batwarwa n’ivyipfuzo bitari bimwe+,
7 bama biga yamara ntibigere bashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+.
8 Nka kumwe rero Yane na Yambure+ barwanya Musa, ni ko n’abo nyene babandanya kurwanya ukuri+, abantu bononekaye rwose mu muzirikanyi+, batemewe ku bijanye n’ukwizera+.
9 Yamara rero, ntibazorenga aho, kuko ubusazi bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko n’ubusazi bw’abo bantu babiri bwibonekeje+.
10 Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingendo yanje y’ubuzima+, intumbero yanje, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje,
11 uguhamwa kwanje, imibabaro yanje, mwene vya bintu vyanshikira i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+, i Lusitira+, mwene rwa ruhamo nihanganira; yamara vyose Umukama yarandokoye abinkuramwo+.
12 Nkako, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+.
13 Mugabo abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+.
14 Ariko weho, ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera+, uzi ababikwigishije abo ari bo+
15 be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+.
16 Icanditswe cose cahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro ku kwigisha+, ku gukangīra+, ku kugorora ibintu+, ku gutoza indero+ mu bugororotsi,
17 ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza+, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose+.