2 Timoteyo 3:1-17

3  Mugabo umenye ibi: yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira+.  Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,  batiyumvamwo ababo+, badashaka kwumvikana na gato+, abambika ibara abandi+, batagira ukwigumya, inkazi+, badakunda iciza+,  abaguranyi+, intumva, abivyimvya+, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana+,  bafise ishusho y’ukwihebera Imana+ mugabo bakihakana ububasha bwakwo+; abo rero ubace kure+.  Kuko muri abo ari ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo+ bagatwara nk’imbohe zabo abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro, batwarwa n’ivyipfuzo bitari bimwe+,  bama biga yamara ntibigere bashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+.  Nka kumwe rero Yane na Yambure+ barwanya Musa, ni ko n’abo nyene babandanya kurwanya ukuri+, abantu bononekaye rwose mu muzirikanyi+, batemewe ku bijanye n’ukwizera+.  Yamara rero, ntibazorenga aho, kuko ubusazi bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko n’ubusazi bw’abo bantu babiri bwibonekeje+. 10  Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingendo yanje y’ubuzima+, intumbero yanje, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje, 11  uguhamwa kwanje, imibabaro yanje, mwene vya bintu vyanshikira i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+, i Lusitira+, mwene rwa ruhamo nihanganira; yamara vyose Umukama yarandokoye abinkuramwo+. 12  Nkako, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+. 13  Mugabo abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+. 14  Ariko weho, ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera+, uzi ababikwigishije abo ari bo+ 15  be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+. 16  Icanditswe cose cahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro ku kwigisha+, ku gukangīra+, ku kugorora ibintu+, ku gutoza indero+ mu bugororotsi, 17  ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza+, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose+.

Utujambo tw'epfo