Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Timoteyo 2:1-26

2  Wewe rero, mwananje+, guma wironsa ububasha+ mu buntu ata wari abukwiriye+ bujanye na Kristu Yezu,  kandi ibintu wanyumvanye bishigikiwe n’ivyabona vyinshi+, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi+.  Bwa musoda mwiza+ wa Kristu Yezu, wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+.  Nta muntu akora nk’umusoda+ aja mu vy’urucuruza vyo mu buzima+, kugira ngo ashimwe n’uwamwanditse ngo abe umusoda.  Vyongeye, mbere n’uwuhiganwa mu nkino+ ntiyambikwa urugori kiretse yahiganywe akurikije amategeko.  Umurimyi akora cane ni we ategerezwa kuba uwa mbere mu kuronka ku vyeze+.  Ugume uzirikana ku vyo mvuga; Umukama azoguha vy’ukuri ugutahura+ muri vyose.  Wibuke ko Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye+ kandi ko yari uwo mu ruvyaro* rwa Dawidi+, nk’uko inkuru nziza namamaza iri+;  ku bwayo ndiko nihanganira imibabaro kugeza no ku mvuto+ nk’inkozi y’ikibi. Yamara rero, ijambo ry’Imana ntiriboshwe+. 10  Kubera ico, mbandanya kwihanganira ibintu vyose ku bw’abatowe+, ngo na bo baronke ubukiriro buboneka mu bumwe na Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa budahera+. 11  Iri jambo ni iryo kwizigirwa+: Mu vy’ukuri nimba twarapfanye na we, tuzobanaho kandi na we+; 12  nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana; 13  nimba turi abatizigirwa, we aguma ari umwizigirwa+, kuko adashobora kwihakana we nyene. 14  Guma ubibutsa+ ibi bintu, ubategeke+ imbere y’Imana nka yo cabona+, kutarwana bapfa amajambo+, kikaba ari ikintu ata na kimwe kimaze, kuko conona abumviriza. 15  Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe+, umukozi+ atagira ikimutetereza+, akoresha neza ijambo ry’ukuri+. 16  Mugabo uzibukire amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda+; kuko bazogenda barushiriza kutibanga Imana+, 17  kandi ijambo ryabo rizorandagata nk’igisebe kiboze+. Muri abo harimwo Himenayo na Fileto+. 18  Abo bantu nyene barataye ukuri+, bavuga ko izuka rimaze kuba+; kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe+. 19  Ariko umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze+, uriko iki kidodo, ngo: “Yehova arazi abiwe+,” kandi ngo: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova+ avavanure n’ibitagororotse+.” 20  Mu nzu nini rero ntihabamwo gusa ivyombo vy’inzahabu n’ifeza, mugabo harabamwo n’ivy’ibiti n’ivy’ivu, bimwe bigakoreshwa ibiteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibitagira iteka+. 21  Umuntu rero niyitandukanya n’ivyo vya kabiri, azoba icombo gikoreshwa ibiteye iteka, cejejwe, c’ingirakamaro kuri nyeneco, giteguriwe igikorwa ciza cose+. 22  Hunga rero ivyipfuzo bijana n’ubuto+, mugabo ukurikirane ubugororotsi+, ukwizera, urukundo, amahoro+, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye+. 23  Bitayeko, wamirire kure ibibazo vy’ubupfu+ kandi vy’ukutamenya, uzi yuko bivamwo indwano+. 24  Mugabo umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana+, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose+, ashoboye kwigisha+, akaguma yiyumanganije mu mibabaro+, 25  akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, 26  bakagarura ubwenge bakava mu mutego+ wa Shetani*, kubera ko bafashwe na we ari bazima+ ku bw’ukugomba kw’uyo.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.