Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Timoteyo 1:1-18

1  Jewe Paulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+ nk’uko umuhango w’ubuzima+ buboneka mu bumwe na Kristu Yezu uri+,  ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje w’umukundwa+: Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.  Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda+ nka ba sogokuruza banje+ mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye+, kubona ntahengeshanya kukwibuka mu ntakambo zanje+, ijoro n’umurango  nkama ncambirwa kukubona+, iyo nibutse amosozi yawe, kugira ngo nuzure akanyamuneza.  Kuko nibuka ukwizera+ kuri muri wewe kutagira ubwiyorobetsi+, kandi kwabanje kuba muri nyogokuru wawe Loyisi no muri nyoko wawe Ewunise, mugabo nkaba nzi ntakeka ko kuri no muri wewe.  Ico nyene ni co gitumye ndakwibutsa gukabura nk’umuriro+ ingabirano+ y’Imana iri muri wewe biciye mu kukurambikako ibiganza vyanje+.  Kuko Imana itaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo iy’ububasha+ n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi+.  Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uziterwe na jewe uwabaye imbohe ku bwiwe+, ahubwo wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza nk’uko ububasha bw’Imana buri+.  Yaradukijije+ yongera iduhamagaza ihamagara ryeranda+, bitavanye n’ibikorwa vyacu+, ahubwo bivanye n’intumbero yayo be n’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo. Ivyo twarabihawe mu bijanye na Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane+, 10  ariko ubu vyarerekanywe neza biciye ku kwigaragaza+ kw’Umukiza wacu Kristu Yezu, uwakuyeho urupfu+ mugabo akarasira umuco+ ku buzima+ no ku kutabora+ biciye ku nkuru nziza+, 11  iyo nagenewe kuba umwamamaji n’intumwa n’umwigisha+. 12  Ico ni co gituma nanje ndiko nshikirwa+ n’ivyo bintu, ariko ntibintera isoni+. Kuko nzi uwo nemeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda+ ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13  Ugumye ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye hamwe n’ukwizera n’urukundo bijanye na Kristu Yezu+. 14  Iyo mbitso nziza+ uyirinde biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+. 15  Ibi urabizi, yuko abantu bose mu ntara ya Aziya+ bampevye+. Muri abo harimwo Figelo na Herumojene. 16  Umukama agirire imbabazi urugo rwa Onesiforo+, kuko kenshi yanduhuye+, kandi ntiyatewe isoni n’imvuto zanje+. 17  Ahubwo igihe yashika i Roma, yarandondeye n’umwete, arantora+. 18  Umukama amuhe kugirirwa imbabazi+ imbere ya Yehova kuri wa musi+. Kandi ibikorwa vyose yakoze i Efeso urabizi neza bihagije.

Amakuru yiyongereye

Canke, “ntungamagara.”