Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 9:1-13

9  Maze Dawidi avuga ati: “Hari uwoba agisigaye mu nzu ya Sauli ngo ndamugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani+?”  Ico gihe inzu ya Sauli yari ifise umusuku yitwa Ziba+. Nuko baramuhamagara ngo agende aho Dawidi ari; umwami amubwira rero ati: “Uri Ziba?” Na we ati: “Ndi umusuku wawe.”  Umwami abandanya kuvuga ati: “Mbega nta wugisigaye mu nzu ya Sauli ngo ndamugirire ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana+?” Ziba aca abwira umwami ati: “Haracariho mwene Yonatani, amugaye ibirenge+.”  Maze umwami amubwira ati: “Ari hehe?” Ziba abwira rero umwami ati: “Ehe ari mu nzu ya Makiri+ mwene Amiyeli, i Lo-debari+.”  Umwami Dawidi aca atuma kumutora mu nzu ya Makiri mwene Amiyeli, i Lo-debari.  Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sauli, yinjiye aho Dawidi ari, aca agwa yubamye, akubita inkoro hasi+. Maze Dawidi avuga ati: “Mefibosheti!” Na we ati: “Ndi hano umusuku wawe.”  Dawidi abandanya kumubwira ati: “Ntutinye, kuko ntazobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani so wawe+; kandi nzogusubiza koko itongo+ ryose rya Sauli sokuru wawe, kandi wewe ubwawe uzokwama urira umukate ku meza yanje+.”  Nuko akubita inkoro hasi maze avuga ati: “Umusuku wawe ni iki, ku buryo wahindukirije mu maso hawe ku mbwa ipfuye+ nkanje?”  Umwami ahamagara rero Ziba umusuku wa Sauli, amubwira ati: “Ikintu cose cari ica Sauli be n’icari ic’inzu yiwe yose, ndagihaye+ umwuzukuru wa shobuja. 10  Uze umurimire ubutaka, wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe, kandi uze umwimburire umwimbu, uno uze ubere ibifungurwa abegukira umwuzukuru wa shobuja, na bo baze babirye; mugabo Mefibosheti, umwuzukuru wa shobuja, azokwama arira umukate ku meza yanje+.” Kandi Ziba yari afise abahungu cumi na batanu n’abasuku mirongo ibiri+. 11  Nuko Ziba abwira umwami ati: “Umusuku wawe azokora yisunze ivyo umukama wanje umwami ategetse umusuku wiwe vyose; mugabo Mefibosheti+ arira ku meza yanje nk’umwe mu bahungu b’umwami.” 12  Kandi Mefibosheti yari afise umuhungu akiri muto yitwa Mika+, nayo ababa mu nzu ya Ziba bose bakaba bari abasuku ba Mefibosheti. 13  Mefibosheti yaba i Yeruzalemu, kuko ku meza y’umwami ari ho yama arira+; kandi yari amugaye ibirenge vyompi+.

Amakuru yiyongereye