Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 8:1-18

8  Inyuma y’ivyo, Dawidi atangura gukubita Abafilisitiya+ no kubamara igabo+, maze Dawidi afata Metegi-ama ahakuye mu kuboko kw’Abafilisitiya.  Atsinda kandi Abanyamowabu+ hanyuma abageresha ikamba abaryamitse hasi, kugira agere amakamba abiri ngo abice, n’ikamba yuzuye ngo abazigamire ubuzima+; nuko Abanyamowabu baba abasuku ba Dawidi+ bo kumuzanira ikibuguro+.  Dawidi atsinda kandi Hadadezeri+ mwene Rehobu umwami wa Zoba+, mu gihe uno yariko aja gusubizaho ububasha bwiwe ku ruzi Efurate+.  Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote.  Siriya y’i Damasiko+ ije gutabara Hadadezeri umwami wa Zoba, Dawidi aca asasika mu Basiriya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri+.  Bisubiye, Dawidi ashira ibirindiro+ muri Siriya y’i Damasiko; maze Abasiriya baba abasuku ba Dawidi bo kumuzanira ikibuguro+. Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+.  Vyongeye, Dawidi atora inkinzo z’umuzingi+ z’inzahabu zari ku basuku ba Hadadezeri hanyuma azijana i Yeruzalemu.  Umwami Dawidi atwara umujumpu mwinshi cane+ awukuye i Beta n’i Berotayi, ibisagara vya Hadadezeri.  Nuko Toyi umwami wa Hamati+ yumva ko Dawidi yari yasasitse inteko za gisirikare zose za Hadadezeri+. 10  Toyi atuma rero Yoramu umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe+ no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyi); kandi mu kuboko kwiwe hari ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu n’ibintu vy’umujumpu+. 11  Ivyo na vyo nyene Umwami Dawidi avyereza Yehova, kumwe n’ifeza be n’inzahabu yari yarejeje abikuye mu mahanga yose yari yaranesheje+, 12  i Siriya n’i Mowabu+ no kuri bene Amoni no ku Bafilisitiya+ no kuri Amaleki+ no kw’isahu rya Hadadezeri mwene Rehobu, umwami wa Zoba+. 13  Nuko Dawidi yihesha izina, agarutse avuye gusasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+: asasika ibihumbi cumi n’umunani+. 14  Ashira rero ibirindiro muri Edomu+. Muri Edomu hose ahashira ibirindiro, maze Abanyedomu bose baba abasuku ba Dawidi+; Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+. 15  Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+; kandi Dawidi aguma ashitsa ingingo y’ubutungane* be n’ubugororotsi+ ku bw’abantu biwe bose+. 16  Yowabu+ mwene Zeruwiya ni we yagaba ingabo; Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umukarani. 17  Zadoki+ mwene Ahitubu na Ahimeleki+ mwene Abiyatari bari abaherezi, Seraya na we akaba umunyamabanga. 18  Benaya+ mwene Yehoyada ni we yagaba Abakereti+ n’Abapeleti+. Nayo bene Dawidi, baba abaherezi*+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Canke, “abakozi bakuru.”