Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 4:1-12

4  Umuhungu+ wa Sauli yumvise ko Abuneri yapfiriye i Heburoni+, amaboko yiwe aca araregera+, Abisirayeli bose na bo bahagarika umutima.  Kandi hari abagabo babiri, abakuru b’utugwi tw’abambuzi+, bari ab’umuhungu wa Sauli; umwe yitwa Bayana, uwundi na we akitwa Rekabu; bari bene Rimoni Umunyabeyeroti, wo muri bene Benyamini; kuko i Beyeroti+ na ho nyene haharurwa ko ari aho muri Benyamini.  Nuko Abanyabeyeroti bahungira i Gitayimu+, baba ba kavamahanga ng’aho gushika n’uyu musi.  Kandi Yonatani+ mwene Sauli yari afise umuhungu amugaye ibirenge+. Yari afise imyaka itanu igihe inkuru yerekeye Sauli na Yonatani yashika ivuye i Yezireyeli+; umurezi wiwe aramutwara maze arahunga, mugabo igihe yariko ariruka yataye umutwe kugira ngo ahunge, nya muhungu arakoroka, aca aramugara. Yitwa Mefibosheti+.  Nuko bene Rimoni Umunyabeyeroti, Rekabu na Bayana, baragenda, bashika ku nzu ya Ishi-bosheti+ nko mu kiringo c’umusi haba hashushe cane, mu gihe yari asinziriye agatiro ko ku mutaga.  Maze binjira hagati mu nzu nk’abantu bagiye kurondera ingano, hanyuma bamuzibura mu nda+; Rekabu na Bayana+ mwene wabo bagenda ata wubabonye.  Igihe binjira mu nzu, yari aryamye ku buriri bwiwe mu cumba ciwe c’uburyamo, maze baramuzibura baramwica+, hanyuma bamukurako umutwe baraheza batwara uwo mutwe wiwe+, bagenda ijoro ryose baciye mu nzira ija i Araba.  Amaherezo bazanira umutwe wa Ishi-bosheti+ Dawidi i Heburoni, maze babwira umwami bati: “Ng’uyu umutwe wa Ishi-bosheti mwene Sauli umwansi wawe+ yarondera ubuzima bwawe+; mugabo uyu musi Yehova ahaye umukama wanje umwami kwihora+ Sauli n’uruvyaro rwiwe.”  Ariko Dawidi yishura Rekabu na Bayana mwene wabo, bene Rimoni Umunyabeyeroti, ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ we yacunguye+ ubuzima bwanje+ akabukura mu marushwa yose+, 10  igihe umuntu umwe yamenyesha+ ati: ‘Erega Sauli yapfuye,’ mu maso yiwe akaba nk’uwuzanye inkuru nziza, naciye riho ndamufata maze ndamwicira+ i Zikulagi kandi nari nkwiye kumuha impembo y’uwuzana ubutumwa; 11  mbega sinorushiriza kubigenza gutyo mu gihe abagabo b’ababisha+ biciye umuntu agororotse mu nzu yiwe, ku gitanda ciwe? None ubu sinkwiye kwishuza amaraso yiwe mu maboko yanyu+, nkabakura kw’isi+?” 12  Dawidi aca ategeka imisore, na yo irabica+ maze ibaca ibikonjo n’ibirenge iraheza ibimanika+ iruhande y’ikidengeri c’i Heburoni; umutwe wa Ishi-bosheti na wo barawutora, bawuhamba mu kibanza co guhambamwo ca Abuneri i Heburoni+.

Amakuru yiyongereye