Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 3:1-39

3  Intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi imara igihe kirekire+; Dawidi yaguma akomera+, inzu ya Sauli na yo ikaguma isubira hasi+.  Muri ico gihe, Dawidi avyarirwa abahungu+ i Heburoni+. Imfura yiwe iba Amunoni+, uwavutse kuri Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi.  Umuhungu wiwe agira kabiri aba Kileyabu+, uwavutse kuri Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli; uwugira gatatu aba Abusalomu+ umuhungu wa Mayaka, Mayaka umukobwa wa Talimayi+ umwami wa Geshuri.  Uwugira kane aba Adoniya+ umuhungu wa Hagiti+; uwugira gatanu aba Shefatiya+ umuhungu wa Abitali.  Uwugira gatandatu na we aba Itireyamu+, uwavutse kuri Egula umugore wa Dawidi. Abo ni bo Dawidi yavyariwe i Heburoni.  Mu gihe intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi yariko irabandanya, Abuneri+ yaguma akomeza ikibanza ciwe mu nzu ya Sauli.  Kandi Sauli yari afise incoreke yitwa Rizipa+, umukobwa wa Aya+. Mu nyuma Ishi-bosheti+ abwira Abuneri ati: “Kubera iki waryamanye n’incoreke+ ya dawe?”  Abuneri ashavuzwa cane+ n’amajambo ya Ishi-bosheti, maze avuga ati: “Mbega mbaye umutwe w’imbwa+ ya Yuda? Uno musi mbandanya kugirira ubuntu bwuzuye urukundo inzu ya Sauli so wawe, na bene wabo, n’abagenzi biwe bwite, kandi sinaretse ngo ugwe mu kuboko kwa Dawidi; yamara uno musi unyagirije ikosa ku bijanye n’umugore.  Imana igirire gutyo Abuneri, mbere n’ibirenze ivyo+, nintagirira Dawidi nk’uko nyene Yehova yamurahiye+, 10  nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.” 11  Nuko ntiyashobora kugira irindi jambo yishura Abuneri, kuko yamutinya+. 12  Buno nyene Abuneri aca atuma intumwa kuri Dawidi, avuga ati: “Mbega igihugu ni ica nde?” Yongerako ati: “Nugirane nanje isezerano ryawe, kandi ehe ukuboko kwanje kuzobana nawe kugira nkebereze Isirayeli yose ku ruhande rwawe+.” 13  Aca avuga ati: “Ni vyiza! Jewe nzogirana isezerano nawe. Ariko hari ikintu kimwe ngusaba: ‘Ntuzobona mu maso hanje+, kiretse ubanje kuzana Mikali+ umukobwa wa Sauli, niwaza kuraba mu maso hanje.’” 14  Vyongeye, Dawidi atuma intumwa kuri Ishi-bosheti+ mwene Sauli, ati: “Mpa umugore wanje Mikali, uwo nirehereje ku dushato* ijana+ tw’Abafilisitiya.” 15  Ishi-bosheti atuma rero kumutora ku mugabo wiwe, Palitiyeli+ mwene Layishi. 16  Ariko umugabo wiwe ajana na we, agenda araririra inyuma yiwe gushika i Bahurimu+. Maze Abuneri amubwira ati: “Genda, subira inyuma!” Aca asubira inyuma. 17  Muri ico gihe Abuneri yari yavuganye n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli ati: “Ejo be n’imbere yaho+ mwarerekanye ko mushaka yuko Dawidi ababera umwami. 18  Ubu rero nimugire ico mukoze, kuko Yehova ubwiwe yabwiye Dawidi ati: ‘Ukuboko kwa Dawidi+ umusavyi wanje ni kwo nzokirisha abantu banje Isirayeli, ndabakure mu kuboko kw’Abafilisitiya no mu kuboko kw’abansi babo bose.’” 19  Maze Abuneri avugana kandi na Benyamini+; hanyuma Abuneri aja no kubwira Dawidi i Heburoni ivyari vyiza vyose mu maso ya Isirayeli no mu maso y’inzu ya Benyamini yose. 20  Abuneri aje kuri Dawidi i Heburoni, ari kumwe n’abagabo mirongo ibiri, Dawidi aha inzimano+ Abuneri n’abagabo bari kumwe na we. 21  Maze Abuneri abwira Dawidi ati: “Reka mpaguruke ngende, nkoranirize Isirayeli yose ku mukama wanje umwami, kugira bagiranire isezerano nawe, kandi uzoba koko umwami wo kuganza abo umutima wawe uhahamiye bose+.” Dawidi aca arungika Abuneri, yigira amahoro+. 22  Mugabo haza abasuku ba Dawidi na Yowabu bavuye kugaba igitero, kandi isahu+ bari bazanye ryari ryinshi. Ariko Abuneri ntiyari kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko yari yamurungitse, akaba yariko yigira amahoro. 23  Yowabu+ n’ingabo zose zari kumwe na we barashika; nuko abantu bamenyesha Yowabu bati: “Abuneri+ mwene Neri+ yaje ku mwami, na we aramurungika, akaba ariko yigira amahoro.” 24  Yowabu aca yinjira iyo umwami ari, avuga ati: “Wakoze ibiki+? Ehe Abuneri yaje kuri wewe. Kubera iki wamurungitse akigira? 25  Urazi neza Abuneri mwene Neri, urazi neza ko yazanywe no kuguhenda, kugira amenye igihe usohokera mu rugamba n’igihe ugarukira+, kugira amenye ivyo ukora vyose+.” 26  Yowabu aca arasohoka avuye iyo Dawidi ari, maze atuma intumwa ngo zikurikire Abuneri, ziraheza zimugarurira+ kw’itangi y’i Sira; kandi Dawidi ntiyari abizi. 27  Abuneri agarutse i Heburoni+, Yowabu aca aramwikebukanya imbere mw’irembo kugira avugane na we mu mwiherero+. Ariko aho nyene aca amuzibura mu nda+, arapfa kubera amaraso ya Asaheli+ mwene wabo. 28  Aho Dawidi avyumviye, aca avuga ati: “Jewe n’ubwami bwanje imbere ya Yehova turacuna gushika igihe kitagira urugero* ku bijanye n’amaraso+ ya Abuneri mwene Neri. 29  Ayo maraso nagaruke nk’agashururu ku mutwe+ wa Yowabu no ku nzu ya se yose, kandi mu nzu ya Yowabu+ ntihakabure umugabo w’urunyigimbe rwisuka+ canke umunyamibembe+ canke umugabo afata agati kazungurutsa urunyuzi+ canke uwugwishwa n’inkota canke uwukenye umukate+!” 30  Nayo Yowabu na Abishayi+ mwene wabo, bishe Abuneri+ kubera yari yarishe Asaheli mwene wabo i Gibeyoni mu rugamba+. 31  Maze Dawidi abwira Yowabu n’abantu bose bari kumwe na we ati: “Nimutantamure impuzu zanyu+, mukenyere amagunira*+ hanyuma muboroge cane imbere ya Abuneri.” Umwami Dawidi na we nyene yariko agendera inyuma y’inderuzo. 32  Nuko bahamba Abuneri i Heburoni; umwami ashira ijwi hejuru, aririra ku mva ya Abuneri, n’abantu bose bararira+. 33  Maze umwami aririmbana agahinda ku bwa Abuneri, ati:“Mbega Abuneri yari akwiye gupfa nk’uko umuntu w’imburabwenge+ apfa? 34  Amaboko yawe ntiyari aboshwe+,Kandi amaguru yawe ntiyari yashizwe mu mapingu y’umujumpu+.Waguye nk’uwugwa imbere y’abana b’ukutagororoka+.”Abantu bose baca bongera kumuririra+. 35  Mu nyuma abantu bose baza guha Dawidi umukate+ ku bwo kumwirura, hakiri kuri uwo murango, mugabo Dawidi ararahira, ati: “Imana ingirire gutyo+, mbere n’ibirenze ivyo, ninahonja umukate canke ikindi kintu izuba ritararenga+!” 36  Nuko abantu bose barabibona, maze biba vyiza mu maso yabo. Nk’uko vyari ku kintu cose umwami yakora, ivyo biba vyiza mu maso y’abantu bose+. 37  Kuri uwo musi abantu bose na Isirayeli yose bamenya yuko umwami atari we yari yicishije Abuneri mwene Neri+. 38  Maze umwami abandanya kubwira abasuku biwe ati: “Mbega ntimuzi yuko umuganwa akaba n’umugabo akomeye ari we yaguye uyu musi muri Isirayeli+? 39  Nanje uno musi ndi goyigoyi, naho narobanujwe amavuta+ ngo mbe umwami, kandi aba bagabo, bene Zeruwiya+, barakaze birenze kuri jewe+. Yehova yishure uwukora ikibi nk’uko ububi bwiwe buri+.”

Amakuru yiyongereye

Ni udushato two kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.