Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 24:1-25

24  Ishavu rya Yehova ryongera+ kururumbira Isirayeli, igihe hagira uwusunika Dawidi kubagirira nabi, mu kuvuga ati: “Genda uharure+ Isirayeli na Yuda.”  Nuko umwami abwira Yowabu+ umukuru w’inteko za gisirikare yari kumwe na we ati: “Ndakwinginze ugendagende mu miryango ya Isirayeli yose, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, mwandike abantu+, nanje menye koko igitigiri c’abantu+.”  Mugabo Yowabu abwira umwami ati: “Yehova Imana yawe yongere ku bantu abangana na bo incuro ijana, mu gihe amaso y’umukama wanje umwami avyibonera. Nayo umukama wanje umwami, kubera iki yahimbawe n’ico kintu+?”  Amaherezo ijambo ry’umwami rinesha+ Yowabu n’abakuru b’inteko za gisirikare. Yowabu na nya bakuru b’inteko za gisirikare barasohoka rero bavuye imbere y’umwami kugira bandike+ abantu, Isirayeli.  Nuko bajabuka Yorodani maze bakambika i Aroweri+ iburyo bw’igisagara kiri hagati na hagati mu mwonga, berekeza ku Bagadi+ n’i Yazeri+.  Mu nyuma bashika i Gileyadi+ no mu gihugu ca Tahatimu-hodishi, babandanya i Dani-yani hanyuma barazunguruka berekeza i Sidoni+.  Maze bashika kw’iboma ry’i Tiro+ no mu bisagara vyose vy’Abahiwi+ n’ivy’Abanyakanani, hanyuma bagarukira i Beyeri-sheba+, muri Negebu+ ho muri Yuda.  Gutyo bagendagenda igihugu cose maze baza i Yeruzalemu haheze amezi icenda n’imisi mirongo ibiri.  Nuko Yowabu aha umwami igitigiri c’abantu bari banditswe+; Isirayeli yarimwo abagabo b’intwari ibihumbi amajana umunani barwanisha inkota, abagabo ba Yuda na bo bari abagabo ibihumbi amajana atanu+. 10  Maze umutima wa Dawidi utangura kumukubita+ aho amariye guharūra abantu gutyo. Nuko Dawidi abwira Yehova ati: “Nacumuye+ cane mu vyo nakoze. None rero Yehova, ndakwinginze ureke ikosa ry’umusavyi wawe rirengane+, kuko nakoze ivy’ubupfu rwose+.” 11  Dawidi avyutse mu gitondo, ijambo rya Yehova riza kuri Gadi+ umuhanuzi, umubonyi+ wa Dawidi, riti: 12  “Genda ubwire Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nshize imbere yawe ibintu bitatu+. Niwihitiremwo kimwe muri vyo kugira ngo ndakikugirire+.”’” 13  Gadi yinjira rero kwa Dawidi hanyuma arabimumenyesha, amubwira+ ati: “Mbega haze kuri wewe imyaka indwi y’ikigoyi mu gihugu cawe+, canke amezi atatu uriko urahunga abarwanizi bawe+, bagukurikirana, canke habe imisi itatu y’ikiza mu gihugu cawe+? Niwiyumvire witonze rero ico nishura uwantumye.” 14  Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze tugwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.” 15  Maze Yehova arungika ikiza+ muri Isirayeli, kuva mu gitondo gushika igihe cashinzwe, ku buryo mu bantu, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, hapfa abantu ibihumbi mirongo irindwi+. 16  Umumarayika+ aguma atumye ukuboko kwiwe akwerekeje kuri Yeruzalemu kugira ngo ahahonye; Yehova atangura kwicuza+ kubera ico cago, maze abwira nya mumarayika yariko arahonya mu bantu ati: “Birahagije! Ubu rero numanure ukuboko kwawe.” Uwo mumarayika wa Yehova yari hafi y’imbuga y’ikubitiro ya Arawuna+ Umuyebusi+. 17  Nuko Dawidi abwira Yehova, igihe yabona nya mumarayika yariko aragarika abantu, egome, avuga ati: “Ehe ni jewe nacumuye kandi ni jewe nakoze ikibi; mugabo izi ntama+—⁠zakoze iki? Ndakwinginze ukuboko kwawe kuze kuri jewe+ no ku nzu ya dawe.” 18  Mu nyuma Gadi yinjira aho Dawidi ari kuri uwo musi, amubwira ati: “Duga, ushingire Yehova igicaniro* ku mbuga y’ikubitiro ya Arawuna Umuyebusi+.” 19  Nuko Dawidi atangura kuduga yisunze ijambo rya Gadi, akurikije ivyo Yehova yari yategetse+. 20  Arawuna aravye epfo akabona umwami n’abasuku biwe baza bamugana, aca arasohoka hanyuma yunamira+ umwami, mu maso hiwe hashika hasi+. 21  Maze Arawuna avuga ati: “Ni kubera iki umukama wanje umwami aje ku musuku wiwe?” Dawidi aca avuga ati: “Ni kugira ngo ndakugurire+ imbuga y’ikubitiro ngo nubakire igicaniro Yehova, ikiza+ kibone guhagarara kive ku bantu.” 22  Mugabo Arawuna abwira Dawidi ati: “Umukama wanje umwami nayitware+ aheze ashikane ico abona ko ari ciza. Ehe ng’izo inka z’ishikanwa riturirwa, n’igikubitisho be n’ibikoresho vy’inka vyo kuba inkwi+. 23  Ivyo vyose, ewe mwami, Arawuna arabihaye umwami.” Arawuna abwira umwami kandi ati: “Yehova Imana yawe ahimbarwe nawe+.” 24  Ariko umwami abwira Arawuna ati: “Oya, ahubwo singenda ntayikuguriye ku kiguzi+; kandi sinshikanira Yehova Imana yanje ibimazi biturirwa ata co biguzwe+.” Nuko Dawidi agura+ iyo mbuga y’ikubitiro n’inka, kuri shekeli z’ifeza mirongo itanu. 25  Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho, hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, maze Yehova yemera kwingingwa+ ku bw’igihugu, ku buryo nya kiza gihagarikwa kikava kuri Isirayeli.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.