Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 23:1-39

23  Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi+: “Ijambo rya Dawidi mwene Yese+, Ijambo ry’umuntu w’umugabo yashizwe hejuru+, Uwo Imana ya Yakobo yarobanuje amavuta+, Akaba n’uwuhimbaye w’uduhibongozo+ twa Isirayeli.   Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe+, Kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje+.   Imana ya Isirayeli yaravuze, Igitandara ca Isirayeli carambwiye+ giti: ‘Igihe uwuganza abantu agororotse+, Akaganza mu gutinya Imana+,   Bimera rero nk’umuco w’igitondo, igihe izuba rirashe+, Igitondo kitagira ibicu. Bivuye ku kwakaka, bivuye ku mvura, ivyatsi birasokoroka bikava mw’isi+.’   None urugo rwanje ntirumeze gutyo ku Mana+? Kuko yangeneye isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero, Ryashizwe neza mu rutonde mu kintu cose kandi rikaba ari iryo kwizigirwa+. Ko ari ryo bukiriro+ bwanje bwose n’agahimbare kanje kose, Si co gituma none azorikuza+?   Mugabo abantu b’imburakimazi+ barigizwayo+ bose, nk’ibisaka vy’amahwa+; Kuko batabitoza amaboko.   Igihe umuntu abikorako Akwiye kuba afise ibirwanisho bikwiye vy’icuma be n’uruti rw’icumu, Kandi bizoturizwa umuriro bitokombere+.”  Aya ni yo mazina y’abagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi: Yoshebu-bashebeti+ Umutahakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana umunani biciwe icarimwe.  Inyuma yiwe, Eleyazari+ mwene Dodo+, Dodo wa Ahohi, yari muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu bari kumwe na Dawidi igihe bacokora Abafilisitiya. Bari bakoraniye ng’aho ku bw’urugamba, ku buryo abagabo ba Isirayeli basubira inyuma+. 10  Ni we yahagurutse, akaguma asasika Abafilisitiya gushika aho ukuboko kwiwe kuruha yamara kukaguma kwumiye ku nkota+, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye uwo musi+; nayo abantu, bagaruka inyuma yiwe kugira gusa bambure abagaritswe+. 11  Inyuma yiwe haza Shama mwene Ageye Umuharari+. Nuko Abafilisitiya batangura gukoranira i Lehi, aho hantu ico gihe hakaba hari igice c’itongo cuzuye inkore+; maze abantu barahunga kubera Abafilisitiya. 12  Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye+. 13  Maze batatu muri ba bakuru mirongo itatu+ baramanuka, baza kuri Dawidi mu gihe c’iyimbura, kw’isenga ry’i Adulamu+; kandi ikigwati c’amahema c’Abafilisitiya cari gikambitse mu kiyaya co hasi c’Abarefayimu+. 14  Ico gihe Dawidi yari mu kibanza kigoye gushikamwo+; kandi ico gihe ikirindiro+ c’Abafilisitiya cari i Betelehemu. 15  Haciye igihe, Dawidi aserura icipfuzo gikomeye afise, avuga ati: “Icompa nkanywa ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo+!” 16  Ba bagabo b’abanyenkomezi batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya, bavoma amazi muri iryo tangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo maze barayatwara, bayazanira Dawidi+; ntiyemera kuyanywa, mugabo ayasuka+ imbere ya Yehova. 17  Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe+, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso+ y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Ntiyemera kuyanywa. Ivyo ni vyo abo bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze. 18  Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+. 19  Naho yavugangwa kurusha bamwe mirongo itatu bandi kandi akaba umukuru wabo, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere+. 20  Nayo Benaya+ mwene Yehoyada+ umuhungu w’umugabo w’intwari, uwakoze ibikorwa vyinshi i Kabuzeyeli+, agarika ba bahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu; ni we yamanutse kugarika intambwe+ mu cobo c’amazi ku musi urubura rwariko ruragwa+. 21  Kandi ni we yagaritse umugabo w’Umunyamisiri w’igihagararo c’akataraboneka+. Naho mu kuboko kw’uwo Munyamisiri hari icumu, yaramanutse aho ari yitwaje inkoni maze ashikura nya cumu mu kuboko kw’uwo Munyamisiri, araheza amwicisha iryo cumu ryiwe bwite+. 22  Ivyo ni vyo Benaya+ mwene Yehoyada yakoze; yari afise izina rya rurangiranwa nka ba bagabo b’abanyenkomezi batatu+. 23  Naho yari rurangiranwa kuruta mbere bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu; mugabo Dawidi amugena kuba mu bamucungerera ubuzima+. 24  Asaheli+ mwene wabo na Yowabu yari muri bamwe mirongo itatu; Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu, 25  Shama+ Umuharodi, Elika Umuharodi, 26  Helezi+ Umupaliti+, Ira mwene Ikeshi+ Umunyatekowa, 27  Abi-ezeri+ Umunyanatoti+, Mebunayi Umuhusha+, 28  Zalumoni Umwahohi+, Maharayi+ Umunyanetofa, 29  Helebu+ mwene Bayana Umunyanetofa, Itayi+ mwene Ribayi w’i Gibeya ha bene Benyamini, 30  Benaya+ Umunyapiratoni, Hidayi wo mu myonga y’i Gayashi+, 31  Abi-aluboni Umunyarabati, Azimaveti+ Umunyabari-humi, 32  Eliyahuba Umunyashayaluboni, bene Yasheni, Yonatani+, 33  Shama Umuharari, Ahiyamu+ mwene Sharari Umuharari, 34  Elifeleti mwene Ahasubayi umuhungu w’Umumayakati, Eliyamu mwene Ahitofeli+ Umugilo, 35  Heziro+ Umunyakarumeli, Payarayi Umunyarubi, 36  Igali mwene Natani+ w’i Zoba, Bani Umugadi, 37  Zeleki+ Umwamoni, Naharayi Umunyabeyeroti, abatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 38  Ira Umwituri+, Garebu+ Umwituri, 39  Uriya+ Umuheti—bose bakaba bari mirongo itatu n’indwi.

Amakuru yiyongereye