Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 19:1-43

19  Mu nyuma Yowabu amenyeshwa ngo: “Ehe, umwami ariko ararira, agandariye Abusalomu+.”  Gutyo ubukiriro kuri uwo musi buba akaryo ko kugandara ku bantu bose, kuko uwo musi abantu bumvise bivugwa ngo: “Umwami yababaye kubera umuhungu wiwe.”  Nuko kuri uwo musi abantu batangura kugenda bomboka mu kwinjira mu gisagara+, nk’uko abantu bomboka igihe baba bumva bateterewe kubera bahunze mu rugamba.  Maze umwami ubwiwe apfuka mu maso hiwe, abandanya gusemerera n’ijwi rirenga ati: “Mwananje Abusalomu, Abusalomu mwananje, mwananje+!”  Amaherezo Yowabu yinjira aho umwami ari mu nzu, avuga ati: “Uno musi uratetereje mu maso h’abasuku bawe bose, ari bo bakijije ubuzima bwawe uno musi+ n’ubuzima bw’abahungu bawe+ n’abakobwa bawe+, n’ubuzima bw’abagore bawe+, n’ubuzima bw’incoreke zawe+,  mu gukunda abakwanka, ukanka abagukunda; kuko uyu musi wamenyesheje yuko abakuru n’abasuku ari ubusa kuri wewe, kubera ko uyu musi nzi neza yuko iyo Abusalomu aba akiriho, natwe abasigaye twese tukaba uyu musi twapfuye, emwe, ico gihe vyari kuba vyiza mu maso yawe.  Ubu rero nuhaguruke, usohoke maze uhumurize+ abasuku bawe udaca ku ruhande, kuko ndahiye Yehova yuko nutasohoka, ata mugabo n’umwe aza kurarana nawe muri iri ijoro+; kandi ata gukeka ivyo birakubera bibi kuruta ububi bwose bwagushikiye kuva mu buto bwawe gushika ubu.”  Umwami arahaguruka rero araheza yicara mw’irembo+, maze abantu bose bamenyeshwa ngo: “Erega umwami yicaye mw’irembo.” Nuko abantu bose batangura kuza imbere y’umwami. Nayo Isirayeli, yari yahunze, umwe wese aja i muhira iwe+.  Nuko mu miryango yose ya Isirayeli, abantu bose baja mu vyo guharira bavuga ngo: “Umwami ni we yaturokoye mu kiganza c’abansi bacu+, kandi ni we yadukijije ikiganza c’Abafilisitiya; none ubu yahunze Abusalomu, ava mu gihugu+. 10  Nayo Abusalomu, uwo twarobanuje amavuta ngo atuganze+, yapfiriye mu rugamba+. Kubera iki none ubu ata na kimwe muriko murakora kugira ngo mugarukane umwami+?” 11  Nayo Umwami Dawidi, atuma kuri Zadoki+ na Abiyatari+ abaherezi, ati: “Mubwire abagabo b’inararibonye ba Yuda+ muti: ‘Kubera iki mwoba aba nyuma mu kugarukana umwami ku nzu yiwe, kandi ijambo rya Isirayeli yose ryashikiriye umwami aho aba? 12  Mwebwe muri bene wacu; muri igufa ryanje n’umubiri wanje+. Kubera iki none mwoba aba nyuma mu kugarukana umwami?’ 13  Amasa na we mumubwire+ muti: ‘Mbega nturi igufa ryanje n’umubiri wanje? Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, nutaba umukuru w’ingabo imbere yanje nantaryo mu kibanza ca Yowabu+.’” 14  Nuko agonda imitima y’abagabo ba Yuda bose nk’umuntu umwe+, ku buryo batuma ku mwami ngo: “Garuka, wewe n’abasuku bawe bose.” 15  Umwami atangura gusubirayo, aragenda gushika kuri Yorodani. Nayo Yuda, iza i Gilugali+ kugira ije gusanganira umwami, ngo imujabukane Yorodani. 16  Maze Shimeyi+ mwene Gera+ Umubenyamini, uwava i Bahurimu+, yihutira kumanukana n’abagabo ba Yuda gusanganira Umwami Dawidi. 17  Kandi yari kumwe n’abagabo igihumbi ba Benyamini. (Na Ziba+ umusuku w’inzu ya Sauli, ari kumwe n’abahungu biwe cumi na batanu+ n’abasuku biwe mirongo ibiri; nuko bashika kuri Yorodani imbere y’umwami. 18  Maze ajabuka icambu+ kugira ngo ajabukane urugo rw’umwami no kugira ngo akore ivyari vyiza mu maso yiwe.) Nayo Shimeyi mwene Gera, yikubita hasi imbere y’umwami igihe uno yagira ajabuke Yorodani+. 19  Maze abwira umwami ati: “Umukama wanje ntamparureko ikosa, kandi ntiwibuke ikibi umusuku wawe yakoze+ ku musi umukama wanje umwami yasohoka Yeruzalemu, ku buryo umwami yobishirako umutima+. 20  Kuko jewe umusuku wawe nzi neza yuko ari jewe nacumuye; none ehe uyu musi ni jewe nje ubwa mbere mu nzu ya Yozefu+ yose, ngo manuke gusanganira umukama wanje umwami.” 21  Abishayi+ mwene Zeruwiya+ aca arishura, avuga ati: “Ku bw’ivyo, Shimeyi none ntakwiye kwicwa kubera yahamagariye akabi ku wo Yehova yarobanuje amavuta+?” 22  Mugabo Dawidi avuga ati: “Mpuriye ku ki namwe+, ga yemwe bene Zeruwiya, kugira ngo uno musi mube abandwanya+? Hari uwokwicwa uno musi muri Isirayeli+? Mbega sinzi neza uno musi ko ndi umwami aganza Isirayeli?” 23  Maze umwami abwira Shimeyi ati: “Ntupfa.” Hanyuma umwami aramurahira+. 24  Nayo Mefibosheti+ umwuzukuru wa Sauli, amanuka gusanganira umwami; kandi ntiyari yaragiriye isuku ibirenge vyiwe+ canke ngo agirire isuku ubwanwa bwiwe bwo haruguru+, canke ngo amese impuzu ziwe, kuva umusi umwami yagenda gushika umusi yagaruka amahoro. 25  Ashitse i Yeruzalemu gusanganira umwami, umwami aca amubwira ati: “Kubera iki utajanye nanje ga Mefibosheti?” 26  Na we avuga ati: “Mukama wanje umwami, umusuku wanje+ ni we yampenze. Kuko umusuku wawe yari yavuze ati: ‘Reka nishirire itandiko ku ndogobwa, kugira ndayigendereko, njane n’umwami,’ kuko umusuku wawe ari ikimuga+. 27  Yarabesheye+ rero umusuku wawe ku mukama wanje umwami. Mugabo umukama wanje umwami ameze nk’umumarayika+ w’Imana y’ukuri; nukore rero ico ubona ko ari ciza mu maso yawe. 28  Kuko urugo rwa dawe rwose ata kindi rwocitse atari urugenewe gupfa imbere y’umukama wanje umwami, yamara washize umusuku wawe mu barira ku meza yawe+. Hari ikindi none novuga ko mfitiye uburenganzira ngo nongere gutakambira+ umwami?” 29  Ariko umwami amubwira ati: “Kubera iki ukibandanya kuvuga amajambo yawe? Mvuze nti: ‘Wewe na Ziba muzosangira amatongo+.’” 30  Mefibosheti aca abwira umwami ati: “Nashake atware yose+, kizima umukama wanje umwami yagarutse ku nzu yiwe amahoro.” 31  Na Baruzilayi+ Umugileyadi aramanuka avuye i Rogelimu kugira ajane n’umwami kuri Yorodani, ngo amuherekeze gushika kuri Yorodani. 32  Baruzilayi yari ashaje cane, akaba yari afise imyaka mirongo umunani+; kandi ni we yari yararonkeje umwami ibifungurwa igihe yaba i Mahanayimu+, kuko yari umugabo ahambaye cane+. 33  Umwami abwira rero Baruzilayi ati: “Wewe nujabukane nanje, nanje sinzobura kukuronsa ibifungurwa uri kumwe nanje i Yeruzalemu+.” 34  Mugabo Baruzilayi abwira umwami ati: “Mbega imisi y’imyaka y’ubuzima bwanje imeze nk’iki, aho nodugana n’umwami i Yeruzalemu? 35  Uyu musi mfise imyaka mirongo umunani+. Mbega noshobora kumenya gutandukanya iciza n’ikibi, canke jewe umusuku wawe noshobora kwumva uburyohe bw’ivyo norya n’ivyo nonywa+, canke noba ngishobora kwumviriza+ ijwi ry’abaririmvyi n’abaririmvyikazi+? Kubera iki none jewe umusuku wawe nosubira kubera umuzigo+ umukama wanje umwami? 36  Ko urugendo rutoyi ari rwo gusa umusuku wawe yashoboye guherekeza umwami gushika kuri Yorodani, kubera iki none umwami yonyishura iyo mpembo+? 37  Ndakwinginze ureke jewe umusuku wawe nsubire inyuma, mpfire+ mu gisagara canje, hafi y’aho dawe na mawe bahambwe+. Mugabo ng’uyu umusuku wawe Kimuhamu+. Najabukane n’umukama wanje umwami; uze umugirire ico ubona ko ari ciza.” 38  Nuko umwami avuga ati: “Kimuhamu arajabukana nanje, nanje ubwanje nzomugirira ico mbona ko ari ciza; kandi ivyo uhitamwo kuntegeka vyose, nzobigukorera.” 39  Abantu bose batangura rero kujabuka Yorodani, n’umwami ubwiwe arajabuka; mugabo umwami asoma+ Baruzilayi yongera aramuhezagira+, hanyuma uno asubira ahantu hiwe. 40  Igihe umwami yajabuka yerekeza i Gilugali+, Kimuhamu yajabukanye na we, be n’abantu bo muri Yuda bose, be n’ica kabiri c’abantu ba Isirayeli, kugira ngo bajabukane umwami. 41  Nuko abagabo ba Isirayeli bose baza ku mwami, maze babwira umwami bati: “Kubera iki+ bene wacu, abagabo ba Yuda, bakwivye kugira ngo umwami bamujabutse Yorodani ari kumwe n’urugo rwiwe n’ingabo za Dawidi zose+?” 42  Abagabo ba Yuda bose baca bishura abagabo ba Isirayeli bati: “Ni kubera yuko umwami ari incuti yacu ya hafi+; kubera iki none ico kintu cabashavuje? Hari aho twigeze turya ivy’umwami ngo tumuhomvye, canke hari ingabirano twazaniwe?” 43  Ariko abagabo ba Isirayeli bishura abagabo ba Yuda bati: “Dufise imigabane cumi mu mwami+, ku buryo mbere no muri Dawidi tukuruta. Kubera iki none wadukengereye, kandi kubera iki ikibazo cacu co kugarukana umwami wacu kitabaye ica mbere+?” Mugabo ijambo ry’abagabo ba Yuda riba irikomeye kuruta ijambo ry’abagabo ba Isirayeli.

Amakuru yiyongereye