Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 16:1-23

16  Dawidi amaze kurengana gatoyi nya songa+, Ziba+ umusuku wa Mefibosheti+ aza kumusanganira afise indogobwa zibiri+ ziriko amatandiko, kuri zo hakaba hari imikate+ amajana abiri, n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+, n’imitekero ijana y’ivyamwa vyo mu ci+, n’umubindi munini w’umuvinyu+.  Maze umwami abwira Ziba ati: “Ivyo bintu witwaje ni ivy’iki+?” Ziba aca avuga ati: “Indogobwa ni izo abo mu rugo rw’umwami bagenderako, imikate be n’umutekero w’ivyamwa vyo mu ci ni ivyo imisore+ irya, umuvinyu na wo ni uwo umuntu azoruha cane+ mu gahinga+ azonywa.”  Nuko umwami avuga ati: “None mwene shobuja ari hehe+?” Maze Ziba abwira umwami ati: “Ehe yibereye i Yeruzalemu; kuko yavuze ngo: ‘Uno musi inzu ya Isirayeli iransubiza ingoma ya dawe+.’”  Nuko umwami abwira Ziba ati: “Ehe ikintu cose ca Mefibosheti ni icawe+.” Ziba aca avuga ati: “Ndunamye+ koko. Ningire ubutoni mu maso yawe, mukama wanje umwami.”  Umwami Dawidi ashika i Bahurimu+, maze umugabo umwe wo mu muryango w’inzu ya Sauli asohoka ng’aho, akaba yitwa Shimeyi+, mwene Gera; mu gusohoka, agenda arahamagarira akabi ku mwami+.  Atangura gutera amabuye Dawidi n’abasuku b’Umwami Dawidi bose; kandi abantu bose n’abagabo b’abanyenkomezi bose bari iburyo bw’umwami n’ibubamfu bwiwe.  Ibi ni vyo Shimeyi yavuga uko yahamagarira akabi ku mwami: “Sohoka, sohoka, wa mugabo yagirwa n’amaraso+ kandi w’imburakimazi+!  Yehova agarukanye kuri wewe amaraso yose y’inzu ya Sauli, uwo waganje mu kibanza ciwe; kandi Yehova atanze ingoma mu kuboko kwa Abusalomu umuhungu wawe. Ehe noneho uri mu vyago vyawe, kuko uri umugabo yagirwa n’amaraso+!”  Amaherezo Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: “Kubera iki iyo mbwa ipfuye+ yohamagarira akabi ku mukama wanje umwami+? Ndakwinginze ureke njabuke, ndamukureko umutwe+.” 10  Mugabo umwami avuga ati: “Mpuriye ku ki namwe+, ga yemwe bene Zeruwiya+? Nimumureke ahamagarire akabi kuri jewe+, kuko Yehova ari we yamubwiye ati+: ‘Hamagarira akabi kuri Dawidi!’ Ni nde none yovuga ati: ‘Kubera iki wagize gutyo+?’” 11  Dawidi abandanya kubwira Abishayi n’abasuku biwe bose ati: “Ehe umuhungu wanje, uwavuye imbere muri jewe, ariko arondera ubuzima bwanje+; hari akantu rero Umubenyamini+! Nimumureke ahamagarire akabi kuri jewe, kuko Yehova yabimubwiye! 12  Kumbure Yehova ari bubone+ n’ijisho ryiwe, kandi Yehova ntabura kunsubiza ineza mu kibanza c’umuvumo wa Shimeyi w’uyu musi+.” 13  Nuko Dawidi n’abantu biwe babandanya kugenda mu nzira, mu gihe Shimeyi yariko agendera ku nkike y’umusozi, agenda abangabanganye na we kugira ngo ahamagarire akabi kuri Dawidi+; aguma atera amabuye uko yagenda abangabanganye na we, agatera n’inkungugu nyinshi+. 14  Amaherezo umwami n’abantu bose bari kumwe na we barashika, barushe. Nuko bagarurira agatege ng’aho+. 15  Nayo Abusalomu n’abantu bose, abagabo ba Isirayeli, binjira i Yeruzalemu+; kandi Ahitofeli+ yari kumwe na we. 16  Hushayi+ Umwaruki+, umugenzi wa Dawidi+, akimara kwinjira aho Abusalomu ari, atangura kubwira Abusalomu ati: “Umwami nabeho+! Umwami nabeho!” 17  Abusalomu aca abwira Hushayi ati: “Mbega ubu ni bwo buntu bwuzuye urukundo ugiriye umugenzi wawe? Kubera iki utajanye n’umugenzi wawe+?” 18  Hushayi abwira rero Abusalomu ati: “Oya, ahubwo uwo Yehova yatoye, be n’aba bantu hamwe n’abagabo ba Isirayeli bose, nzoba uwiwe, kandi nzobana na we. 19  Kandi ubugira kabiri mvuze nti: ‘Ni nde nzokorera? Mbega si imbere y’umuhungu wiwe? Nk’uko nakoreye imbere ya so, ni ko nzoba imbere yawe+.’” 20  Mu nyuma Abusalomu abwira Ahitofeli ati: “Nimutange impanuro+. Tugire iki?” 21  Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: “Nuryamane n’incoreke za so+, izo yasize ngo zitwararike inzu+. Maze Isirayeli yose ntizobura kwumva ko wigize umunuko+ kuri so+, kandi amaboko+ y’abari kumwe nawe bose azokomera ata gukeka.” 22  Nuko bashingira ihema Abusalomu ku gisenge+, maze Abusalomu atangura kuryamana n’incoreke za se+ mu maso ya Isirayeli yose+. 23  Kandi impanuro Ahitofeli yatanga muri iyo misi, wamengo ni nk’aho umuntu asiguje ijambo ry’Imana y’ukuri. Ukwo ni ko impanuro+ yose ya Ahitofeli+ yamera kuri Dawidi no kuri Abusalomu.

Amakuru yiyongereye