Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Samweli 1:1-27

1  Inyuma y’urupfu rwa Sauli, kandi Dawidi amaze kugaruka avuye kwica Abamaleki+, Dawidi amara imisi ibiri i Zikulagi+.  Ku musi ugira gatatu, ehe umugabo+ umwe yariko araza avuye mw’ikambi, avuye aho Sauli ari, impuzu ziwe zatantamutse+, ku mutwe wiwe na ho hari ivu+; ashikiriye Dawidi, aca agwa hasi+, akubita inkoro hasi.  Nuko Dawidi amubwira ati: “Uvuye hehe?” Na we amubwira ati: “Mpunze mva mw’ikambi ya Isirayeli.”  Dawidi abandanya kumubwira ati: “Vyagenze gute? Ndakwinginze umbwire.” Na we avuga ati: “Abantu bahunze urugamba; vyongeye, benshi mu bantu baguye, barapfa+; mbere na Sauli+ be na Yonatani+ umuhungu wiwe bapfuye.”  Maze Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uzi gute vy’ukuri yuko Sauli yapfuye be na Yonatani umuhungu wiwe+?”  Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+.  Ahindukiye akambona, aca arampamagara, nanje nti: ‘Ndi hano!’  Abandanya kumbwira ati: ‘Uri nde?’ Nanje ndamubwira nti: ‘Ndi Umumaleki+.’  Maze avuga ati: ‘Ndakwinginze uhagarare iruhande yanje umpohoshe, kuko ikinyanya* camfashe, kubera yuko ubuzima+ bwanje bwose bukiri muri jewe.’ 10  Nahagaze iruhande yiwe rero ndamuhohosha+, kuko nari nzi ko atari kubaho amaze kugwa. Naciye ntora umugāra+ wari ku mutwe wiwe n’igikomo cari ku kuboko kwiwe, kugira ndabizanire umukama wanje ng’aha.” 11  Dawidi aca afata impuzu ziwe arazitantamura+, n’abagabo bose bari kumwe na we bagira kuno. 12  Batangura kuboroga no kurira+ no kwisonzesha+ gushika ku mugoroba, kubera Sauli no kubera Yonatani umuhungu wiwe, no kubera abantu ba Yehova no kubera inzu ya Isirayeli+, kuko bari bagwishijwe n’inkota. 13  Nuko Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uva he?” Na we ati: “Ndi umuhungu w’umugabo umwe wa kavamahanga, Umumaleki+.” 14  Maze Dawidi amubwira ati: “Kubera iki utatinye+ gutuma ukuboko kwawe ngo ukureho uwo Yehova yarobanuje amavuta*+?” 15  Dawidi aca ahamagara umwe mu misore, maze avuga ati: “Egera. Mwice.” Nuko aramugarika, arapfa+. 16  Maze Dawidi amubwira ati: “Amaraso yawe abe ku mutwe wawe+, kuko akanwa kawe bwite ari ko kakwagirije+, gati: ‘Ni jewe nahohosheje uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’” 17  Nuko Dawidi aririmbana agahinda aka karirimbo k’intimba+ ku bwa Sauli na Yonatani umuhungu wiwe+, 18  kandi avuga yuko bene Yuda+ bigishwa “Akaririmbo k’intimba k’Umuheto+.” Ehe kanditswe mu gitabu ca Yashari+, kakaba kagira gati: 19  “Ewe Isirayeli, ubwiza bugandaguriwe ku bibanza vyawe bikirurutse*+. Ewe kuntu abagabo b’abanyenkomezi baguye! 20  Ntimubivuge i Gati+; Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni+, Kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe, Kugira ngo abakobwa b’abagabo batagenyerewe ntibigine+. 21  Yemwe misozi ya Gilibowa+, ntihakagire ikime canke imvura biza kuri mwebwe, ntihakabe n’imirima y’intererano nyeranda+; Kuko aho ari ho inkinzo y’abanyenkomezi yahumanirijwe, Inkinzo ya Sauli, ku buryo ata nkinzo yarobanujwe amavuta isigaye+. 22  Umuheto wa Yonatani ntiwagaruka+ Udasheshe amaraso y’abagandaguwe, udasakije ibinure vy’abanyenkomezi, Kandi inkota ya Sauli ntiyasubira inyuma itaroraniwe+. 23  Sauli na Yonatani+ bari abantu bo gukundwa bakaba n’abahimbaye mu buzima bwabo, Kandi mu rupfu rwabo ntibatandukanijwe+. Banyaruka kurusha inkona+, Bari bakomeye kurusha intambwe+. 24  Yemwe bakobwa ba Isirayeli, nimuririre Sauli, We yabambika impuzu z’agahama ziriko ibintu vy’agaciro, We yashira udusharizo tw’inzahabu ku vyambarwa vyanyu+. 25  Ewe kuntu abanyenkomezi baguye hagati mu rugamba+! Yonatani akagandagurirwa ku bibanza vyawe bikirurutse+! 26  Intuntu iranyishe kubera wewe, mwene wacu Yonatani, Wampimbara cane+. Urukundo wankunda rwari igitangaza kuruta urukundo rw’abagore+. 27  Ewe kuntu abanyenkomezi baguye+, N’ibirwanisho vy’intambara bikayogera!”

Amakuru yiyongereye

Bishoboka yuko kwari ukuntu umubiri wiwe wari umeze ku buryo bitamukundira ko yirwanira.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.