2 Petero 2:1-22

2  Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.  Ikigeretseko, benshi bazokurikira+ ibikorwa vyabo vy’ubushirasoni*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa+ kubera bo.  Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.  Egome, nimba Imana itaretse guhana ba bamarayika+ bacumura, mugabo ikabahereza ivyobo vy’umwiza w’umuzitanya mu kubata muri Tarutaro*+ ngo babikirwe urubanza+;  kandi nimba itaretse guhana isi ya kera+, mugabo ikazigama Nowa umwamamaji w’ubugororotsi+ hamwe n’abandi indwi+ igihe yazana umwuzure+ kw’isi y’abantu batibanga Imana;  kandi igatsindisha+ vya bisagara Sodomu na Gomora mu kubihindura iminyota, gutyo igashiriraho abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza+;  kandi ikarokora wa mugororotsi Loti+ yatuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni+  kuko uwo muntu w’umugororotsi, kubera ivyo yabona kandi akumva igihe yaba muri bo, uko bukeye uko bwije umutima wiwe ugororotse wamana akababaro kubera ibikorwa vyabo vy’ubugarariji⁠—  Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana+, mugabo akamenya kubikira abakora ibitagororotse umusi w’urubanza ngo barandurwe+, 10  ariko canecane, abakurikira umubiri bafise icipfuzo co kuwuhumanya+ kandi bakagaya ubutware+. Barubahuka, ni intagondwa, ntibajugumira imbere y’abanyabuninahazwa mugabo bagatukana+, 11  mu gihe abamarayika, naho babaruta mu nkomezi no mu bubasha, batabarega mu majambo y’ugutukana+, bakabireka kubera ukwubaha Yehova+. 12  Mugabo abo bantu, cokimwe n’ibikoko bitiyumvira vyavukiye gufatwa no kwicwa, muri nya bintu batazi kandi batuka+, bazoshikirwa mbere n’agatikizo mu ngendo yabo bwite y’ugutikizwa, 13  bakigirira nabi+ bikaba impembo y’ubukozi bw’ikibi bwabo+. Babona ko kwiberaho mu kwiryohera ku murango ari agahimbare+. Abo ni udutosi n’ibirabagu, abantu bivobeka mu nyigisho zihendana zabo mu guhimbarwa kutagira akarimbi igihe basangira inzimano namwe+. 14  Bafise amaso yuzuye ukurenga ibigo+ kandi adashobora kuvavanura n’igicumuro+, kandi bararyosharyosha imitima idashikamye. Bafise umutima wamenyerejwe umwina+. Ni abana bavumwe+. 15  Mu guta inzira igororotse, barazimijwe. Bakurikiye ya nzira ya Balamu+, mwene Beyori, uwakunze impembo y’ubukozi bw’ikibi+, 16  mugabo akaronka igikangiro kubera yarenze ku vyari bigororotse+. Igitwazi kitavuga caravuze n’ijwi ry’umuntu+, kirabuza ingendo y’ubusazi ya nya muhanuzi+. 17  Abo ni amasôko atagira amazi+, n’ibipfungu bitwarwa n’ikirura gikaze, kandi babikiwe umwiza w’umuzimagiza+. 18  Kuko bavuga amajambo yo kwishira hejuru ata co amaze, kandi biciye ku vyipfuzo vy’umubiri+ no ku ngeso z’ubushirasoni bararyosharyosha+ abakiva mu vyara+ vy’abantu bagendera mu buzimire. 19  Naho babasezeranira umwidegemvyo+, bo ubwabo ni abaja b’ukubora+. Kuko uwo wese atsinzwe n’uwundi aca agirwa umuja n’uyo+. 20  Mu vy’ukuri, nimba bamaze gukira ubuhumane bw’isi+ biciye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama n’Umukiza Yezu Kristu, bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bagatsindwa+, ivya nyuma biba vyunyutse kuri bo kuruta ivya mbere+. 21  Kuko vyari kubabera vyiza kutamenya neza inzira y’ubugororotsi+, hako bayimenya neza hanyuma bagaha umugongo ibwirizwa ryeranda bashikirijwe+. 22  Ico wa mugani w’ukuri uvuga cabashitseko, ngo: “Imbwa+ isubiye ku bidahwe vyayo bwite, n’ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu rwondo+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Tarutaro ni ugucishwa bugufi kumeze nk’ugushirwa mw’ibohero, ari kwo Imana yatereyemwo abamarayika bagambaraye mu gihe ca Nowa.