2 Petero 2:1-22
2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.
2 Ikigeretseko, benshi bazokurikira+ ibikorwa vyabo vy’ubushirasoni*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa+ kubera bo.
3 Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.
4 Egome, nimba Imana itaretse guhana ba bamarayika+ bacumura, mugabo ikabahereza ivyobo vy’umwiza w’umuzitanya mu kubata muri Tarutaro*+ ngo babikirwe urubanza+;
5 kandi nimba itaretse guhana isi ya kera+, mugabo ikazigama Nowa umwamamaji w’ubugororotsi+ hamwe n’abandi indwi+ igihe yazana umwuzure+ kw’isi y’abantu batibanga Imana;
6 kandi igatsindisha+ vya bisagara Sodomu na Gomora mu kubihindura iminyota, gutyo igashiriraho abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza+;
7 kandi ikarokora wa mugororotsi Loti+ yatuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni+—
8 kuko uwo muntu w’umugororotsi, kubera ivyo yabona kandi akumva igihe yaba muri bo, uko bukeye uko bwije umutima wiwe ugororotse wamana akababaro kubera ibikorwa vyabo vy’ubugarariji—
9 Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana+, mugabo akamenya kubikira abakora ibitagororotse umusi w’urubanza ngo barandurwe+,
10 ariko canecane, abakurikira umubiri bafise icipfuzo co kuwuhumanya+ kandi bakagaya ubutware+.
Barubahuka, ni intagondwa, ntibajugumira imbere y’abanyabuninahazwa mugabo bagatukana+,
11 mu gihe abamarayika, naho babaruta mu nkomezi no mu bubasha, batabarega mu majambo y’ugutukana+, bakabireka kubera ukwubaha Yehova+.
12 Mugabo abo bantu, cokimwe n’ibikoko bitiyumvira vyavukiye gufatwa no kwicwa, muri nya bintu batazi kandi batuka+, bazoshikirwa mbere n’agatikizo mu ngendo yabo bwite y’ugutikizwa,
13 bakigirira nabi+ bikaba impembo y’ubukozi bw’ikibi bwabo+.
Babona ko kwiberaho mu kwiryohera ku murango ari agahimbare+. Abo ni udutosi n’ibirabagu, abantu bivobeka mu nyigisho zihendana zabo mu guhimbarwa kutagira akarimbi igihe basangira inzimano namwe+.
14 Bafise amaso yuzuye ukurenga ibigo+ kandi adashobora kuvavanura n’igicumuro+, kandi bararyosharyosha imitima idashikamye. Bafise umutima wamenyerejwe umwina+. Ni abana bavumwe+.
15 Mu guta inzira igororotse, barazimijwe. Bakurikiye ya nzira ya Balamu+, mwene Beyori, uwakunze impembo y’ubukozi bw’ikibi+,
16 mugabo akaronka igikangiro kubera yarenze ku vyari bigororotse+. Igitwazi kitavuga caravuze n’ijwi ry’umuntu+, kirabuza ingendo y’ubusazi ya nya muhanuzi+.
17 Abo ni amasôko atagira amazi+, n’ibipfungu bitwarwa n’ikirura gikaze, kandi babikiwe umwiza w’umuzimagiza+.
18 Kuko bavuga amajambo yo kwishira hejuru ata co amaze, kandi biciye ku vyipfuzo vy’umubiri+ no ku ngeso z’ubushirasoni bararyosharyosha+ abakiva mu vyara+ vy’abantu bagendera mu buzimire.
19 Naho babasezeranira umwidegemvyo+, bo ubwabo ni abaja b’ukubora+. Kuko uwo wese atsinzwe n’uwundi aca agirwa umuja n’uyo+.
20 Mu vy’ukuri, nimba bamaze gukira ubuhumane bw’isi+ biciye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama n’Umukiza Yezu Kristu, bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bagatsindwa+, ivya nyuma biba vyunyutse kuri bo kuruta ivya mbere+.
21 Kuko vyari kubabera vyiza kutamenya neza inzira y’ubugororotsi+, hako bayimenya neza hanyuma bagaha umugongo ibwirizwa ryeranda bashikirijwe+.
22 Ico wa mugani w’ukuri uvuga cabashitseko, ngo: “Imbwa+ isubiye ku bidahwe vyayo bwite, n’ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu rwondo+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Tarutaro ni ugucishwa bugufi kumeze nk’ugushirwa mw’ibohero, ari kwo Imana yatereyemwo abamarayika bagambaraye mu gihe ca Nowa.