Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 7:1-22

7  Nuko Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mu majuru+, utangura kuyigiza ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi, ubuninahazwa bwa Yehova+ na bwo bwuzura iyo nzu.  Abaherezi ntibashobora kwinjira muri nya nzu ya Yehova+ kuko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova.  Kandi bene Isirayeli bose bariko baritegereza igihe umuriro wamanuka n’ubuninahazwa bwa Yehova bukaba kuri iyo nzu; baca barunama+ mu maso habo hashika hasi kw’isaso, bakubita inkoro hasi+ maze bakengurukira Yehova, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”  Kandi umwami n’abantu bose bariko bashikana ikimazi imbere ya Yehova+.  Umwami Salomo abandanya gushikana ikimazi c’inka ibihumbi mirongo ibiri na bibiri, n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri+. Gutyo umwami n’abantu bose binjira+ inzu y’Imana y’ukuri.  Abaherezi+ bari bahagaze mu bibanza vyabo vy’igikorwa, n’Abalewi+ nyene bafise ibicurarangisho vyo kuririmbira+ Yehova, ivyo Dawidi+ umwami yari yarakoze ku bwo gukengurukira Yehova, “kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero,” igihe Dawidi yaba ariko aramushemeza biciye ku kuboko kwabo; kandi abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ imbere yabo, Abisirayeli bose na bo bahagaze.  Maze Salomo yeza+ igice co hagati c’ikigo cari imbere y’inzu ya Yehova, kubera ko aho ari ho yatangiye amashikanwa aturirwa+ be n’ibikenye binuze vy’ibimazi vy’ugusangira, kuko igicaniro c’umujumpu+ Salomo yari yarakoze kitashobora gukwiramwo iryo shikanwa riturirwa be n’ishikanwa ry’intete+ n’ivyo bikenye binuze+.  Nuko ico gihe Salomo agira umusi mukuru+ imisi indwi, ari kumwe na Isirayeli yose+, ishengero rinini cane+, kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Misiri+.  Mugabo ku musi ugira umunani bagira ikoraniro ry’agakūra+, kuko ishikirizwa rya nya gicaniro bari barihimbaje imisi indwi, nya musi mukuru na wo imisi indwi. 10  Ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kugira indwi, arungika abantu i muhira iwabo, banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima kubera ineza+ Yehova yari yaragiriye Dawidi na Salomo na Isirayeli abantu biwe+. 11  Gutyo Salomo arangiza inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+; kandi mu kintu cose Salomo yari yariyumviriye mu mutima wiwe gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova be n’inzu yiwe, araroranirwa. 12  Nuko Yehova abonekera+ Salomo mw’ijoro, amubwira ati: “Numvise isengesho ryawe+, kandi nitoreye+ aha hantu ngo habe inzu y’ibimazi+. 13  Ninugara amajuru kugira ntihaboneke imvura+, ninategeka ibihori kurigata igihugu+, ninarungika ikiza mu bantu banje+, 14  maze abantu banje+ bitiriwe izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga+, bakarondera mu maso hanje+ bagahindukira bakava mu nzira zabo mbi+, nzokwumva rero ndi mu majuru+, mbabarire igicumuro cabo+, nkize igihugu cabo+. 15  Ubu rero amaso yanje+ azoba ayuguruye, n’amatwi yanje+ abe ayumviriza isengesho risengewe aha hantu. 16  Ubu ntoye+ koko iyi nzu kandi ndayejeje, kugira ngo izina ryanje+ rihabe gushika igihe kitagira urugero+, kandi amaso yanje n’umutima wanje bizokwama ari ho biri+. 17  “Nawe niwagendera imbere yanje, nk’uko Dawidi+ so yagenze, egome, mu gukora wisunze ivyo nagutegetse vyose+, ukongera ukagumya ingingo nyobozi zanje+ n’ingingo zanje z’ubutungane*+, 18  nanje rero nzoshinga intebe y’ubwami y’ingoma yawe+, nk’uko nasezeranye na Dawidi so+, nti: ‘Ntihazobura umugabo mu bawe wo kuganza Isirayeli+.’ 19  Mugabo mwebwe ubwanyu nimwasubira inyuma+, mugata koko ivyagezwe vyanje+ n’amabwirizwa yanje+ nashize imbere yanyu, hanyuma mukagenda vy’ukuri mugakorera izindi mana+, mukazunamira+, 20  nzobarandura rero ku butaka bwanje nabahaye+; kandi iyi nzu nereje+ izina ryanje nzoyita imve mu maso+, ndayigire iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose+. 21  Nayo iyi nzu, iyizoba yacitse ibirundo vy’ibihomvagurike+, uwuzoyica iruhande wese azoraba yumiwe+, avuge ata kabuza ati: ‘Ni kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu n’iyi nzu+?’ 22  Maze bazovuga ata kabuza bati: ‘Ni kubera ko bahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bagatangura kwifatanya n’izindi mana+, bakazunamira bakazikorera+. Ni co catumye abazanako ibi vyago vyose+.’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.