Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 6:1-42

6  Ico gihe ni ho Salomo yavuga+ ati: “Yehova ubwiwe yavuze ko yobaye mu muzimagiza w’umuzitanya+;  nanje nakwubakiye inzu y’uburaro buhanitse+ n’ahantu hashimangiye kugira ngo uhabe gushika igihe kitagira urugero+.”  Maze umwami arahindukira, atangura guhezagira+ ishengero rya Isirayeli ryose, mu gihe iryo shengero rya Isirayeli ryose ryari rihagaze+.  Hanyuma avuga ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, we yavuganye na Dawidi dawe akoresheje akanwa kiwe+, kandi agashitsa n’amaboko yiwe+, mu kuvuga ati:  ‘Kuva umusi nakura abantu banje mu gihugu ca Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ku bwo kwubaka inzu kugira ngo izina ryanje ribeyo+, kandi nta muntu natoye ngo abe indongozi y’abantu banje Isirayeli+.  Mugabo nzotora Yeruzalemu+ kugira ngo izina ryanje ribeyo, kandi nzotora Dawidi kugira ngo aganze abantu banje Isirayeli+.’  Nuko Dawidi dawe agira icipfuzo mu mutima wiwe co kwubakira inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+.  Mugabo Yehova abwira Dawidi dawe ati: ‘Ko wagize icipfuzo mu mutima wawe co kwubakira inzu izina ryanje, wagize neza, kubera ko ivyo vyari ku mutima wawe+.  Gusa wewe si we uzokwubaka iyo nzu+, ahubwo umuhungu wawe azova muri wewe ni we azokwubakira inzu izina ryanje+.’ 10  Nuko Yehova atangura gushitsa ijambo ryiwe+ yari yaravuze, kugira ngo mpaguruke mu kibanza ca Dawidi dawe+ maze nicare ku ntebe y’ubwami+ ya Isirayeli, nk’uko Yehova yari yaravuze+, no kugira ngo nubakire inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+, 11  no kugira ngo ndahashire Isandugu+ irimwo isezerano rya Yehova, iryo yagiranye na bene Isirayeli+.” 12  Nuko Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose+, hanyuma agaranzura ibiganza+. 13  (Kuko Salomo yari yarakoze umukiruruko+ w’umujumpu, akawushira hagati na hagati mu rugo+. Uburebure bwawo bwari amatambwe atanu, ubwaguke bwawo amatambwe atanu, amahagarara yawo na yo akaba amatambwe atatu; yari awuhagazeko.) Apfukama+ rero imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose, hanyuma agaranzura ibiganza avyerekeje mu majuru+. 14  Maze avuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, nta Mana iriho imeze nkawe+ mu majuru canke kw’isi, wewe ugumya isezerano+ n’ubuntu bwuzuye urukundo ku bijanye n’abasavyi bawe bagendera imbere yawe n’umutima wabo wose+; 15  wewe wagumije ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye+, ku buryo utanga umuhango n’akanwa kawe, ugashitsa n’ukuboko kwawe nk’uko biri uyu musi+. 16  None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nugumye ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye uti: ‘Imbere yanje ntihazobura umugabo wo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, abahungu bawe nibakira gusa+ kwitwararika inzira yabo mu kugendera mw’itegeko ryanje+, nk’uko wagendeye imbere yanje+.’ 17  None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, umuhango+ wahaye umusavyi wawe Dawidi uboneke ko ari uwo kwizigirwa+. 18  “Ariko none, Imana izobana vy’ukuri n’abantu kw’isi+? Ehe ijuru, egome, ijuru ry’amajuru ubwayo ntirishobora kugukwira+; nkanswe rero iyi nzu nubatse+! 19  Mugabo nushire umutima kw’isengesho ry’umusavyi wawe+ n’ugusaba ubutoni kwiwe+, ewe Yehova Mana yanje, mu kwumviriza akamo k’ukwinginga+ n’isengesho umusavyi wawe ariko atura imbere yawe+, 20  kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu umurango n’ijoro, aha hantu wavuze ko woshize izina ryawe+, mu kwumviriza isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+. 21  Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe+ n’ukw’abantu bawe Isirayeli nibasenga berekeje aha hantu+, kugira ngo wewe ubwawe wumve uri ahantu uba, uri mu majuru+; uze wumve maze ubabarire+. 22  “Umuntu niyacumura kuri mugenziwe+, maze uno agashira umuvumo kuri we kugira ngo atume aba uwushobora gushikirwa na nya muvumo+, hanyuma akaza ari muri nya muvumo imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+, 23  wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru+, maze ugire ico ukoze+, ucire urubanza abasavyi bawe kugira ngo usubirize mu nkoko umubisha, mu gushira ibikorwa vyiwe ku mutwe wiwe+, no mu kuvuga ko umugororotsi agororotse+ mu kumuha nk’uko ubugororotsi bwiwe bwite buri+. 24  “Abantu bawe Isirayeli nibatsindwa imbere y’umwansi+ kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakagaruka koko+, bagahaya izina ryawe+, bagasenga+ kandi bagasaba ubutoni imbere yawe muri iyi nzu+, 25  wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru+, maze ubabarire+ igicumuro c’abantu bawe Isirayeli, ubagarukane+ ku butaka wabahaye, bo na ba sekuruza babo+. 26  “Amajuru niyugarwa ku buryo hataboneka imvura+ kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+, 27  wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abasavyi bawe, egome, c’abantu bawe Isirayeli, kuko ubigisha+ ivyerekeye inzira nziza+ bakwiye kugenderamwo; kandi uze utange imvura+ ku gihugu cawe wahaye abantu bawe ngo kibabere intoranwa+. 28  “Nihatera ikigoyi+ mu gihugu, nihatera ikiza+, nihatera ukubabuka kw’ibirimwa+ n’ururyi+, inzige+ n’inyenzi+; abansi babo+ nibabugariza mu gihugu c’amarembo yabo+—ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’icago n’ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’indwara+ 29  isengesho iryo ari ryo ryose+, ugusaba ubutoni ukwo ari kwo kwose+ kuzoba kuvuye ku muntu uwo ari we wese canke ku bantu bawe Isirayeli bose+, kuko umwumwe wese azoba azi icago ciwe+ n’ububabare bwiwe; niyagaranzura koko ibiganza vyiwe avyerekeje kuri iyi nzu+, 30  wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, ahantu uba+, maze ubabarire+ kandi uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri+, kuko uzi umutima wiwe+ (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu+); 31  kugira ngo bagutinye+ mu kugendera mu nzira zawe imisi yose bazoba ari bazima ku buringanire bw’ubutaka wahaye ba sogokuruza bacu+. 32  “Kandi n’umunyamahanga, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli+, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe rihambaye+ n’ikiganza cawe gikomeye+ be n’ukuboko kwawe kuramvuye+, akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu+, 33  wewe ubwawe uze rero wumvirize uri mu majuru, uri ahantu hashimangiye uba+, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose+; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe+ kandi bigutinye+, nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya, kandi bimenye yuko izina ryawe ryambarijwe kuri iyi nzu nubatse+. 34  “Abantu bawe nibasohoka bakaja mu ntambara+ kurwanya abansi babo mu nzira uzobarungikamwo+, maze bakagusenga vy’ukuri+ berekeje kuri iki gisagara watoye no kuri iyi nzu nubakiye izina ryawe+, 35  uze rero wumve uri mu majuru isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo+, maze ushitse urubanza ku bwabo+. 36  “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu ca kure canke ca hafi+; 37  maze bakagarura koko ubwenge mu gihugu bazoba batwawemwo ari imbohe, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe, bakagusaba ubutoni mu gihugu bazoba barimwo ari imbohe+, mu kuvuga bati: ‘Twaracumuye+, twarahuvye+ kandi twakoze ivy’ububisha+’; 38  bakagaruka koko kuri wewe n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose mu gihugu c’ababatwaye ari imbohe+, ico bazoba barimwo ari imbohe, maze bagasenga koko berekeje mu gihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye+ n’iyi nzu nubakiye izina ryawe+; 39  uze rero wumve uri mu majuru, uri ahantu hashimangiye uba+, isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo+, maze ushitse urubanza+ ku bwabo wongere ubabarire+ abantu bawe bazoba bagucumuyeko. 40  “Ubu rero, ewe Mana yanje, ndakwinginze amaso yawe+ abe ayuguruye, n’amatwi yawe+ abe ayumviriza isengesho rijanye n’aha hantu. 41  None rero nuhaguruke+, ewe Yehova Mana, kugira ngo winjire mu karuhuko kawe+, wewe n’Isandugu y’inkomezi zawe+. Abaherezi bawe, ewe Yehova Mana, nibambare ubukiriro, kandi intahemuka zawe zinezererwe ineza+. 42  Ewe Yehova Mana, ntiwamirire kure mu maso h’uwo warobanuje amavuta*+. Ese wokwibuka ubuntu bwuzuye urukundo wagiriye Dawidi umusavyi wawe+!”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.