Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 5:1-14

5  Amaherezo igikorwa cose Salomo yabwirizwa gukora ku bw’inzu ya Yehova kirarangira+, nuko Salomo atangura kwinjiza ibintu Dawidi se wiwe yagize vyeranda+; ifeza n’inzahabu be n’ibikoresho vyose abishira mu matunga y’inzu y’Imana y’ukuri+.  Ico gihe ni ho Salomo yatangura gukoranya abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru b’imiryango bose+, abakuru b’amazu ya ba sekuru+ ya bene Isirayeli, abakoraniriza i Yeruzalemu, kugira ngo badugane isandugu+ y’isezerano rya Yehova bayikuye+ mu Gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+.  Nuko abagabo ba Isirayeli bose bakoranira ku mwami mu gihe c’umusi mukuru, uw’ukwezi kugira indwi+.  Nuko abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose baraza+, hanyuma Abalewi batangura kurerura ya Sandugu+.  Badugana iyo Sandugu+ n’ihema ry’ihuriro+ n’ibikoresho vyeranda vyose+ vyari muri nya hema. Abaherezi, Abalewi, barabidugana+.  Kandi Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bubahirije isango bari bahanye na we imbere ya nya Sandugu, bariko bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidashobora guharurwa canke kumenyekana igitigiri kubera ubwinshi.  Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo, mu cumba c’ahitereye+ ca ya nzu, Aheranda Rwose+, munsi y’amababa ya ba bakerubi+.  Gutyo abo bakerubi bama bashanje amababa yabo hejuru y’ikibanza c’iyo Sandugu, ku buryo abo bakerubi bari bapfukiye hejuru+ nya Sandugu n’iminiho yayo+.  Mugabo iyo miniho yari miremire, ku buryo imitwe yayo yabonwa n’uwuri Aheranda* imbere y’icumba c’ahitereye, mugabo ntiyabonwa n’uwuri hanze, kandi iyo miniho ni ho ikiri gushika n’uyu musi+. 10  Nta kintu na kimwe cari muri iyo Sandugu kiretse vya bisate bibiri vy’amabuye+ Musa yari yarashizemwo i Horebu+, ca gihe Yehova yasezerana+ na bene Isirayeli hamwe bariko bava mu Misiri+. 11  Nuko abaherezi basohotse bavuye ahantu heranda (kuko abaherezi bose bariho bari biyejeje+—ntivyari bikenewe ko bubahiriza ivy’imice+); 12  kandi Abalewi+ bari abaririmvyi begukira bano bose, ni ukuvuga begukira Asafu+ na Hemani+ na Yedutuni+ be n’abahungu babo na bene wabo, abari bambaye ibitambara vyiza bakagira n’ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+, bari bahagaze mu buseruko bw’igicaniro bari kumwe n’abaherezi bangana n’ijana na mirongo ibiri bavuza inzumbete+; 13  nuko abavuza inzumbete n’abaririmvyi, bakimara kuba nk’umuntu umwe+, mu gutuma humvikana ijwi rimwe mu gushemeza no gukengurukira Yehova, vyongeye bakimara kwumvikanisha ijwi bakoresheje inzumbete n’ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’ururirimbo+, bagashemeza+ Yehova, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+ ari ubwo gushika igihe kitagira urugero,” nya nzu ica yuzura igicu+, egome, nya nzu ya Yehova+, 14  maze abaherezi ntibashobora guhagarara ngo bakore igikorwa kubera ico gicu+; kuko ubuninahazwa+ bwa Yehova bwari bwuzuye inzu y’Imana y’ukuri.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.