Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 32:1-33

32  Inyuma y’ivyo bintu n’iyo ngendo y’ubwizigirwa+, Senakeribu+ umwami wa Ashuri+ araza maze atangura gushwara Yuda hanyuma arakambika ngo atere ibisagara bikingijwe ibihome+; aguma yiyumvira kuvyigarurira mu kubicamwo igihengeri.  Hezekiya abonye ko Senakeribu aje yiyemeje+ kurwanya Yeruzalemu,  aca afata ingingo hamwe n’abaganwa biwe+ n’abagabo b’abanyenkomezi biwe, yo kuzibira amazi y’imbizi yari hanze y’igisagara+; nuko bano baramufasha.  Maze abantu benshi bakoranirizwa hamwe, batangura kuzibira amasôko yose be n’uruzi rw’isumo+ rutembera hagati mu gihugu, bavuga bati: “Kubera iki abami ba Ashuri boza bagasangaho koko amazi menshi?”  Vyongeye, agira umutima rugabo, yubaka uruhome rwose rwari rwarasenyuwe+ yongera aduza iminara+ kuri rwo, yubaka n’urundi ruhome+ hanze; asanasana Ikidunduri+ co mu Gisagara ca Dawidi, akora n’ibirwanisho vyinshi batera+, be n’inkinzo+.  Nuko ashiraho abakuru ba gisirikare+ bo kugaba abantu, maze abegeraniriza kuri we mu kibanza ca bose+ co kw’irembo ry’igisagara, abaremesha+ ati:  “Gire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntimutinye+ canke ngo mutekerwe n’ubwoba+ kubera umwami wa Ashuri+ no kubera isinzi ryose riri kumwe na we+; kuko abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na we.  We ari kumwe n’ukuboko kw’abantu buntu+, mugabo twebwe turi kumwe na Yehova Imana yacu kugira ngo adutabare+ no kugira arwane intambara zacu+.” Nuko abantu bishimikiza amajambo ya Hezekiya umwami wa Yuda+.  Inyuma y’ivyo ni ho Senakeribu+ umwami wa Ashuri yatuma abasuku biwe i Yeruzalemu, mu gihe yari i Lakishi+ ari kumwe n’ingabo ziwe zose+, abatuma kuri Hezekiya umwami wa Yuda no ku Banyayudaya bose bari i Yeruzalemu, ati: 10  “Ibi ni vyo Senakeribu umwami wa Ashuri avuze+: ‘Mwizigiye iki aho mwicaye mutekanye, kandi musugerejwe i Yeruzalemu+? 11  Mbega Hezekiya+ ntariko arabahendahenda+ kugira ngo abatange mwicwe n’ikigoyi n’inyota, mu kuvuga ngo: “Yehova Imana yacu ubwiwe azoturokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri+”? 12  Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibibanza vyiwe bikirurutse+ n’ibicaniro vyiwe+ maze akabwira Yuda na Yeruzalemu ngo: “Muze mwuname+ imbere y’igicaniro kimwe+ kandi kuri co abe ari ho muzofumbishiriza umwotsi w’ibimazi+”? 13  Mbega ntimuzi ivyo jewe ubwanje na ba sogokuruza banje twagiriye ibisata vyose vy’ibihugu+? Mbega imana+ z’amahanga y’ivyo bihugu zarashoboye na gato kurokora igihugu cazo mu kuboko kwanje? 14  Ni iyihe mu mana zose z’ayo mahanga ba sogokuruza banje batikije yashoboye kurokora abantu bayo mu kuboko kwanje, ku buryo Imana yanyu yoshobora kubarokora mu kuboko kwanje+? 15  None rero, Hezekiya ntabahende+ canke ngo abahendahende+ gutyo, kandi ntimumwizigire, kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye kurokora abantu bayo mu kuboko kwanje no mu kuboko kwa ba sogokuruza banje. Imana yanyu yoyo ntizogeza kubarokora mu kuboko kwanje+!’” 16  Abasuku biwe bongera gutuka Yehova Imana y’ukuri+ na Hezekiya umusavyi wayo. 17  Mbere yandika n’amakete+ yo gusiga iceyi Yehova Imana ya Isirayeli+ no kuyituka, ati: “Nk’uko imana+ z’amahanga y’ibihugu zitarokoye abantu bazo mu kuboko kwanje+, ni ko n’Imana ya Hezekiya itazorokora abantu bayo mu kuboko kwanje.” 18  Baguma+ bahamagara n’ijwi rirenga+ mu rurimi rw’Abayuda+ abantu b’i Yeruzalemu bari ku ruhome, ngo babatere ubwoba+ bongere babahagarike umutima, kugira ngo bafate nya gisagara. 19  Babandanya gutuka+ Imana ya Yeruzalemu+ nk’uko batutse imana z’ibisata vy’abantu vyo kw’isi, izakozwe n’amaboko y’umuntu+. 20  Mugabo Hezekiya+ umwami na Yesaya+ mwene Amozi+, umuhanuzi+, baguma basenga ku bw’ico kintu+ bongera batabaza amajuru+. 21  Nuko Yehova arungika umumarayika+, azimanganya abagabo bose b’intwari kandi b’abanyenkomezi+, n’indongozi n’abakuru mw’ikambi y’umwami wa Ashuri+, ku buryo asubira mu gihugu ciwe n’ibimaramare mu maso. Mu nyuma yinjira mu nzu y’imana yiwe, maze ng’aho bamwe mu bo yari yarivyariye bamwicisha inkota+. 22  Gutyo Yehova akiza Hezekiya n’ababa i Yeruzalemu abakuye mu kuboko kwa Senakeribu umwami wa Ashuri+ no mu kuboko kw’abandi bose, hanyuma abaha akaruhuko impande zose+. 23  Maze abantu benshi bazanira amaturo+ Yehova i Yeruzalemu, bazanira n’ibintu vyizavyiza Hezekiya umwami wa Yuda+, inyuma y’ivyo ashirwa hejuru+ mu maso y’amahanga yose. 24  Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+, maze atangura gusenga+ Yehova. Uno avugana rero na Hezekiya+, amuha n’ikimenyetso+. 25  Mugabo Hezekiya ntiyishura ivyiza yagiriwe+, kuko umutima wiwe wagize ubwibone+ bigatuma arakarirwa+, we na Yuda na Yeruzalemu. 26  Ariko Hezekiya yicisha bugufi+ areka ubwibone bwo mu mutima wiwe, we n’ababa i Yeruzalemu, maze uburakari bwa Yehova ntibwaza kuri bo mu misi ya Hezekiya+. 27  Nuko Hezekiya agira ubutunzi n’ubuninahazwa ku rugero runini cane+; yiyubakira ibigega vyo gushiramwo ifeza n’inzahabu+ n’amabuye y’agaciro+ n’amavuta y’umusomozo+ n’inkinzo+ be n’ibintu vyose bihimbaye+; 28  yubaka n’ububiko+ bwo gushiramwo umwimbu w’intete n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta, hamwe n’impongore+ z’ubwoko bwose butandukanye bw’ibitungwa, be n’impongore z’amasho. 29  Yironsa n’ibisagara, be n’ibitungwa vyinshi vyo mu mukuku+ n’ivyo mu busho+; kuko Imana yamuhaye ibintu vyinshi cane+. 30  Hezekiya ni we yazibiye+ isôko ry’amazi+ ya Gihoni+ maze ayerekeza epfo mu burengero, amaja ku Gisagara ca Dawidi+; nuko Hezekiya abandanya kuroranirwa mu gikorwa ciwe cose+. 31  Nuko Imana y’ukuri iramureka+ kugira imugeze+, biciye ku bavugizi b’abaganwa ba Babiloni+ batumwe kuri we+ gusiguza ivy’ikimenyetso+ cari cabaye mu gihugu, kugira ngo imenye ivyari mu mutima wiwe vyose+. 32  Nayo ibisigaye mu vya+ Hezekiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubuntu bwuzuye urukundo+, ehe vyanditswe mu vyo Yesaya umuhanuzi mwene Amozi yeretswe+, mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda na Isirayeli. 33  Amaherezo Hezekiya aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba ku mudugo uja ku mva za bene Dawidi+; Yuda yose n’ababa i Yeruzalemu bamutera iteka ku rupfu rwiwe+. Nuko Manase+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye