Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 3:1-17

3  Amaherezo Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye Dawidi se wiwe+, mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani+ Umuyebusi.  Nuko atangura kwubaka mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira kabiri, mu mwaka ugira kane w’ingoma yiwe+.  Uwu ni wo mushinge Salomo yashizeho ku bwo kwubaka inzu y’Imana y’ukuri: uburebure bwayo mu matambwe hisunzwe ingero ya kera bwari amatambwe* mirongo itandatu, ubwaguke na bwo amatambwe mirongo ibiri+.  Ibaraza+ ryari imbere y’iyo nzu, imbere y’ubwaguke bwayo, ryari rifise amatambwe mirongo ibiri, amahagarara yaryo na yo akaba amatambwe ijana na mirongo ibiri; nuko indani ayihomekako inzahabu itavanze.  Inzu nkuru+ na yo ayihomekako imbaho z’umuberoshi, hanyuma ayihomekako inzahabu nziza+, araheza ayishirako amashusho y’ibigazi+ n’iminyororo+.  Vyongeye, ahomeka kuri nya nzu amabuye y’agaciro kugira ngo ibe nziza+; kandi iyo nzahabu+ yari inzahabu yavuye mu gihugu c’inzahabu.  Abandanya guhomeka inzahabu+ kuri nya nzu, ku bigiga, ku minjiriro, ku mpome zayo no ku miryango yayo; asarura abakerubi* kuri nya mpome+.  Nuko akora inzu y’Aheranda Rwose*+: uburebure bwayo, ubwari buhuye n’ubwaguke bwa ya nzu, bwari amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bwayo na bwo bukaba amatambwe mirongo ibiri+; hanyuma ayomekako inzahabu nziza ingana n’italanto amajana atandatu.  Uburemere bw’imisumari+ bwari shekeli mirongo itanu z’inzahabu; ivyumba vyo hejuru avyomekako inzahabu. 10  Hanyuma akora muri nya nzu y’Aheranda Rwose abakerubi babiri+ mu buhinga bwo guhingura ibishusho, maze abakuyengezako inzahabu+. 11  Ku bijanye n’amababa y’abo bakerubi+, uburebure bwayo bwari amatambwe mirongo ibiri: rimwe muri nya mababa, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakora kw’ibaba ry’uwundi mukerubi+. 12  Ibaba ry’umwe muri abo bakerubi, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakoranako n’ibaba ry’uwundi mukerubi+. 13  Amababa y’abo bakerubi yari ashanje ahareha n’amatambwe mirongo ibiri; bari bahagaze ku birenge vyabo, mu maso habo haraba imbere. 14  Vyongeye akora irido+ y’inyuzi z’ubururu+ n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’ibara ry’umutukutuku rihinze n’igitambara ciza, araheza ayijishako abakerubi+. 15  Hanyuma akora inkingi zibiri imbere ya nya nzu+ zifise uburebure bw’amatambwe mirongo itatu n’atanu; umutwe w’inkingi+ wari hejuru kuri imwimwe yose wari ufise amatambwe atanu. 16  Vyongeye, akora iminyororo+ imeze nk’urunigi araheza ayishira hejuru kuri izo nkingi, akora n’amakomamanga+ ijana maze ayashira kuri iyo minyororo. 17  Nuko ahagarika nya nkingi imbere y’urusengero, imwe iburyo iyindi ibubamfu, hanyuma iy’iburyo ayita Yakini*, iy’ibubamfu na yo ayita Bowazi*+.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Bisobanura ngo “Azoshimangira ubutanyiganyiga.”
Bishobora kuba bisobanura ngo “Mu nkomezi,” bikaba bibwirizwa gusomwa inyuma y’izina ry’iyo yindi nkingi “Yakini.”